*UBUNTU BWO GUSENGA(1)*

*Ubumenyi bw’ubuzima*: _*Kumenya kuziganya*_
Mubwirizwa kumenya ko ibibajeko vyose atari ivyo kurya ngo umare. Hariho igihe usanga uturyo tuzokwigaragaza mu buzima, ariko bigasaba ko muba mwatwiteguriye kugira muducakire. 

Hariho kimwe mu vyiyumviro vyo mw’isi gitwara abantu kuburyo ibibajeko vyose babona ari kurya bakiragira kuziganiriza kazoza. 

Bene data mugire ubushobozi bwo gushobora imisi yose kuziganya canke kubika igice c’ibintu bibazako, ninavyo bizobafasha gushira mu ngiro imigambi ikomeye mufise. 

« `Umutwe w’icigwa :ubuntu bwo gusenga« `

Iyo tuvuze ko hariho ubuntu mu masengesho yacu, nuko haba harimwo ubushobozi bukora ku kintu cose kitwerekeye kugira habeho impinduka. 

BYSB Yh 1:17: « 17 kuko amategeko yatanzwe na Mose, ariko ubuntu n’ukuribyo byazanywe na Yesu Kristo. »

Mose ntiyashoboye gutuma ab’isirayeri babaho ivyagezwe vyashizweho n’Imana. Twebwe, nk’ivyaremwe bishasha, Yesu yazanye muri twebwe ubuntu budusunikira kubaho nk’uko integuro y’Imana iri biciye mu bubasha budukoreramwo. 

Luc 18:1 havuga ko dukwiye gusenga tukagumizako. Ubuntu bwo gusenga ni ubwo bushobozi bwa bukenewe budufasha kubaho ubuzima bwo gusenga, atari icagezwe cashizweho na bamwe bamwe. 

BYSB He 4:16: « 16 Nuko rero, twegere intebe y’ubuntu tudatinya, kugirango tubabarirwe tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiriye. »

Iyo musenga, mwizere ko mwakiriye ubuntu mu gihe gikwiye co mugusenga kwanyu. Mumenye neza ko dusenga mw’izina rya Yesu kandi niwe ashira ku gikorwa ubushobozi muri twebwe akadufasha kugira amahirwe muvyo dukora vyose. 

BYSB Mk 16:17-18: « 17 Kandi ibimenyetso bizagumana n’abizera ngibi: bazirukana abadayimoni mu izina ryanjye, bazavuga indimi nshya,

18 bazafata inzoka, kandi nibanywa ikintu cyica nta cyo kizabatwara na hato, bazarambika ibiganza ku barwayi bakire.” »

Mutahure neza ivyo bimenyetso vyose vyateguwe kugaragarira mw’izina rya Yesu. 

Iyo rero dusenga mw’izina rya Yesu, ubuntu burarekurwa mu bushobozi bwinshi. 

BYSB Rm 8:26-27: « 26 Uko ni ko n’Umwuka adufasha mu ntege nke zacu kuko tutaziuko dukwiriye gusenga, ariko Umwuka ubwe ni we udusabira aniha iminiho itavugwa,

27 kandi Irondora imitima izi ibyo Umwuka atekereza, kuko Umwuka asabira abera nk’uko Imana ishaka. »

Iyo mirongo itwereka neza ko Mpwemu Yera adufasha iyi turiko turasenga, turashobora rero gusenga ubudahumeka kubera impwemu y’ubuntu iri kuri twebwe kugira dushigikirwe mugusenga kwacu. 

Mumenye kandi ko musenga bivanye n’integuro y’Imana, bivanye n’ugushaka kwayo guhinguwe. Iyo musenga mu ndimi zitamenyekana ni Mpwemu Yera ubwiwe aba ariko arasenga muri mwebwe bivanye n’ugushaka kw’Imana

BYSB Ezek 22:30: « 30 Kandi nashatse umuntu muri bo wasana inkike, ngo ahagarare imbere yanjye mu cyuho ahagarariye igihugu kugirango ntakirimbura, ariko ntawe nabonye. »

BYSB Yuda 13:15: « 15 Nuko tujye dutambira Imana iteka igitambo cy’ishimwe tubiheshejwe na Yesu, ari cyo mbuto z’iminwa ihimbaza izina ryayo. »

Ivyo bimazi vy’amashimwe duhereza Imana n’ayo majambo yose twatura iyo turiko turasenga, ni amajambo yuzuye ubushobozi kugira azane impindunduka mw’isi y’impwemu.

*God’s Glory Church KIGOBE*

___________________

|📬B.P.: _7191 Bujumbura-Burundi_

|📞Tél: _(+257) 22 27 81 07_

|📨E-mail: _ggc@godsglorycenter.org_

|💻/📱Site web: _www.godsglorycenter.org_

|🏥 Adresse(Aho tworondererwa): _*Kigobe yo mu buseruko iruhande y’ishure nderabigisha ry’isumbuye(ENS) hamwe n’ibiro bikuru vy’aba scouts mu Burundi kw’ibarabara rigana kw’ikambi ya gisirikare(ex-DCA)*_

*_«UMWAKA WO GUHAGURUKA»_*

« `Bikozwe na ✍« `�

*« `General Yves-Bennet & Queen Bénita« `*

_Whatsapp number +25779322288 & +25779080989_