EHE NDAGUTERE INKURU.NDAZI KO IGUFASHA:
Abantu babiri (2) bakundana baragendanye mu bugararwa (désert). Birashika, baza gushwana, sinzi ico bapfuye, umwe akubita mugenzi wiwe ikofi. Uwukubiswe aca arahagarara, yandika ku musenyi ngo: *umugenzi wanje arankubise ikofi*.
Barabandanya urugendo.
Bageze imbere, bashikira uruzi.
Umwe yari yakubiswe, ntiyarazi kwoga mu ruzi kugira ashobore kujabuka. Agerageje aca aratwarwa, ariko wa mugenzi wiwe aba hafi aca aramuroba, aranamujabukana. Bagize kuva mu ruzi, umwe yahakwa gutwarwa n’uruzi aca yandika kw’ibuye ati: *umugenzi wanje arakijije ubuzima bwanje*.
Mugenziwe ntiyatahuye igituma ubwambere yanditse ku musenyi, ubwakabiri akandika kw’ibuye.
Amubajije yamwishuye ati:
* »N’ejo n’ejo bundi, uze wame witwararika kwibuka ivyiza wakorewe n’umugenzi kandi wibagire ibibi vyakubabaje. Je ivyambabaje navyanditse ku musenyi kuko umuyaga uca ubizimanganya, ntavyo nzosubira kubona ngo ndavyibuke. Ariko iciza wankoreye nacanditse kw’ibuye kuko bitazimanganywa n’umuyaga kugira nzokwame ndacibuka, n’abazoca kur’iryo buye baze basome ko wankoreye iciza. »*