Turazi neza twese ko hari ubushobozi buhambaye mu gusenga. Twarajanywe twese mw’isezerano rishasha ariryo ry’ubuntu. Bibiliya iratubwira muri Luka 18:1 ko umuntu akwiye kwama asenga ubudahumeka. Ntacagezwe gihari kitubwiriza gusenga ariko mumenye ko ari kubw’ubuntu dushobora gusenga ubudahumeka.
Kimwe mu bintu vya nkenerwa gishobora kutuzanira ubwo bushobozi bwo gukora ibikomeye ni gukoresha izina rya Yesu. Aba Kristo bamwe bararindiriye ko umusi umwe Imana izobabwira ngo basenge, bakiyumvira ko ari kubw’ishaka ry’Imana. Menya ko ivyo ataco bimaze kuko ubushobozi bw’Imana ntiburekurwa muriyo nzira.
Ubuzima rukristo bwaroroshe cane kubera nubwo gusenga biri ngombwa mu buzima rukristo, ni kubw’ubuntu no kwizera ko ubuzima bwo gusenga kuri twebwe ari kameremere twahawe rimwe rizima igihe twakira Kristo mu buzima bwacu.
Satani agerageza kenshi kwumvisha abantu ko gusenga ubudahumeka birengeye ugushobora kwabo, ariko mutahure ko mwakiriye muri mwebwe ubizima bwo gusenga.
Mwizere cane Kristo aba muri mwebwe kuko muri we murashoboye kubikora. Ninavyo bituma, biciye mu kuvyatura, ubwo bubasha n’ubwo bushobozi bigira ikimazi mu buzima bwanyu. Uko mushishikara gushira kugikorwa ubwo bubasha niko mushishikara mwumva mushaka kubandanya kubera ibwina hahamagarana n’ibwina.
Bibiliya itubwira ko dushobozwa vyose na Kristo aduha inkomezi. Kubw’ivyo, ntakintu na kimwe gishobora kudufata, ntanakimwe kitadushobokeye.
Gusenga ni ubushobozi bugaragaza ibitaboneka bukabizana mu biboneka. Iyo musenga mu ndimi zitamenyekana muvuga amabanga ariko azana impinduka mu biboneka.
Ivyo muzobaho mu bantu bizoba ari igitutu c’ivyo mubaho muri mwenyene. Impwemu y’ubuzima ishira ku gikorwa ubushobozi ku muntu wese azi kubuzamura.
BYSB Ezayi 66:8: « 8 Ni nde wigeze kumva ibimeze bityo? Ni nde wigeze kubona ibisa bityo? Mbese igihugu cyavuka umunsi umwe? Ishyanga ryabyarirwa icyarimwe? Nyamara i Siyoni habyaye abana hakiramukwa. »
BYSB Ezayi 37:3: « 3 Baramubwira bati “Hezekiya yadutumye ngo ‘Uyu munsi ni umunsi w’umubabaro n’ibihano no gushinyagurirwa, kuko abana benda kuvukakandi nta mbaraga zo kubabyara. »
Hari ibintu vyinshi mu turere dutandukanye tw’ubuzima bwacu bigiye kuvuka kubw’ubushobozi bw’Imana budukoreramwo.
*God’s Glory Church KIGOBE*
___________________
|📬B.P.: _7191 Bujumbura-Burundi_
|📞Tél: _(+257) 22 27 81 07_
|📨E-mail: _ggc@godsglorycenter.org_
|💻/📱Site web: _www.godsglorycenter.org_
|🏥 Adresse(Aho tworondererwa): _*Kigobe yo mu buseruko iruhande y’ishure nderabigisha ry’isumbuye(ENS) hamwe n’ibiro bikuru vy’aba scouts mu Burundi kw’ibarabara rigana kw’ikambi ya gisirikare(ex-DCA)*_
*_«UMWAKA WO GUHAGURUKA»_
« `Bikozwe na ✍« `�
*« `General Yves-Bennet* & Queen Bénita« `*
_Whatsapp number +25779322288 & +25779080989_