Nkuko twagire turabamenyesha ibimenyetso vyibihe, murukurikirane rwavyo uretse ubwicanyi bwagahomerabunwa , amakuba ataurutse ku miyaga, amabarabara n’ibindi, haravuzwe n’inzara izura inzara.
Aha rero twobabwira yuko inzara yinjiye mugihugu c’uburundi kandi yuko iteye ubwoba. Uretse yuko abavyeyi bubahutse guta abana babo bagahunga, hari n’imiryango yahisemwo kubarya kugira babe barabayeho.
Kubantu rero bazi kugendereza ijambo ry’Imana barashobora kumenya aho igihugu kigeza.
Aho abanyapolitike benshi batazi igikwiriye gikorwa abanti bakarorerana umunezero ayo mahano ngo birabasha ngo ni ubutegetsi bwa naniwe gutwara, twebwe abisezerano turababajwe cane nibiriko birashikira abarundi tugatako tugasaba umurundi wese a ushoboye yuko yogira ico afaje ari igikuru bakihana bakagarukira Imana kugira ngoize gukiza ikigoyi kugihugu cacu.
Turateye akamo rero umurundi wese yaba uwuri hanze canke uwuri mugihugu kwikubita imbere y’Imana bagasaba imbabazi kugira ngo ize gutabara igihugu cacu. Twarahagurutse kandi turiteguye gukoreshwa nayo muri ico gikorwa tukaba duhamagarira abantu bose kwifatanya natwe kugira ngo dukore uwo murimo w’Isumba vyose.