UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YA BOSE YO GUSENGERA ABARUNDI N’UBURUNDI YO KUWA GATATU IGENEKEREZO RYA 8 NTWARANTE 2017
Ncuti namwe bakundwa b’ubusaraba murindiriye ugutabarwa mugishitswa kw’ ISEZERANO, abari hafi n’abari kure turabagumbiriye tubaramutsa amahoro atangwa n’Uhoraro tuti: SHALOM!
Nkuko vyama bigenda kuminsi yagatatu yose aho ihanga ry’Imana ry’abarundi ryama risengera kwinjira mu Burundi Bushasha b’Isezerano, twongoye kubatumirira ayo masengesho ejo aho bukera.
INTUMBERO NYAMUKURU:
1. UGUSHIMA IMANA.
-Tuzoshimira Imana yuko igiye gushitsa amasezerano ikihesha icubahiro bidatinze.
– Tuzoshimira Imana yuko yuko igiye kubandanya kugosora ibihumbwa n’imiguruka kugira ngo n’amabingira yigize intama agaragare ihanga ribohoke.
-Tuzoshimira Imana kandi yuko yadusezeraniyeko ubugararwa bugiye kurangira maze ihanga ryiruhutse.
IMITWARO
-Tuzosengera uburinzi kubarongozi b’ibisata bitandukanye mw’ihanga ry’Abisezerano aho bari hose.
– Tuzosengera uburinzi ku bari muri conference n’abadiyakoni aho bari hose mugihugu no mumahanga.
– Tuzosengera abari mungendo zitandukanye z’ubuzi, ibikorwa vy’Imana, urudandazwa n’ibindi bikorwa kugira ngo Ikiganza c’Imana kibe kuribo.
– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abapfunzwe, abari mumutekano muke, impunzi, abarwaye n’abashonje kugira ngo Imana ibane nabo ibaremeshe kandi ibakize amagorwa yabo.
INYIGISHO
– Kwigisha aba nyehanga gutanga no kwitangira igikorwa kugira ngo ubutunzi n’ibikorwa vyo kubohoza amasezerano bitere imbere. Kubamenyesha neza yuko agatima ko kwikunda, kudatanga no kwidodomba ari ubupfunya kuko gutanga bizana imigisha kuruta guhabwa ( Ivyakozwe n’intumwa 11:29; Gusubira muvyagezwe 17:1; 2 abikorinto 9:6-8; Yohani 6:8-9)
– Kwigisha aba nyehanga ry’Imana bose yuko Imana dusenga kandi dukorera ari Imana y’ibanga yuko ivyo dukora vyose dutegerezwa kubikora mw’ibanga kandi yuko abigisha ibidahuye nivyo ari intumwa za wa murwanizi zibaza yuko zishobora gusambura umugambi w’Imana (Imigani 11:13, Matayo 6:3-4, Matayo 6:6)
-Kwigisha abanyehanga kugendera kurutonde no kubamenyesha yuko wa murwanizi yanka kandi agatinya ubumwe, urutonde rw’Imana maze akazana umugararizo, umudugararo, ibice, igono, gutanga imihoho,…n’ibisa nivyo. ( 1 Abikorinto 1:10-12, Abigalatiya 5:16-26; Imigani 16:28; Imigani 28:25)
Twese ni duce bugufi imbere y’inyonga z’Imana tuyihe amashimwe ku bwiza bwayo, tuyisabe ivyo dukeneye nk’umuvyeyi wacu kandi dukwiragize tuvuge hose ijambo ryayo.
Musabwe gukwiragiza ubu butumwa mubandi incuti n’abagenzi. Turabashimiye!
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’isezerano.
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 7/03/17