UKWIHANGANA NI IKIGWANISHO GIKOMEYE !!!

UKWIHANGANA NI IKIGWANISHO GIKOMEYE !!!
Umusi umwe,hari umugabo yavyutse gusenga mu gicugu,agana ingoro y’Imana,

Mu kayira yacamwo nta muco wari uhari,ageze imbere,aranyerera aragwa!!đŸ˜„

Wa mugabo bimutera isoni kuja guhagarara imbere y’Imana yuzuye urwondo,asubira i muhira kwisukura,yambara izindi,asubira gufata akayira!!đŸš¶đŸŒ

N’ubundi ageze hahandi,ariko arinengesera ngo ahace neza,aranyerera n’ubundi yikubita hasi,🙈

Hoho mu gusubira inyuma aja kwisukura n’uguhindura umwambaro,agenda aranyaragasa đŸƒđŸŒ kuko yarabona ko amasaha amujanye,ahava acererwa!!!

Agarutse, muri ka kayira,ahasanga umutama afise agatara mu minwe,

Uno mutama ati: »Ingo nkumurikire,ntucererwe gusega! »

Wa mugabo hahantu hamutura hasi kabiri(2) ahaca neza ,ararengana,

Bageze imbere,wa mutama aramubaza ati:

« Ubwo wamenye uwo ndiwe? »

Wa mugabo nawe asubiza ati: »Ekaye Mutama,sinabamenye,ariko mwakoze kumurikira!! »

Umutama ati: »Jewe ndi Shetani(Satani)!! »đŸ˜łđŸ™ˆ

Wa mugabo asubizayo ati: »None ko nzirikana Shetani(Satani)adahuza n’amasengesho,bigenze gute umfashe ngiye gusenga? »

Uri Shetani(Satani) ati: »Harya hose wanyerera ukitura hasi,ni jewe nagutega,nshaka kuguca inkokora,wigumire muhira,gusenga ubivemwo,

Ariko ku ncuro ya mbere ndaguteze ukagwa,Imana yaciye ikubabarira ivyaha vyawe,

Ku ncuro ya kabiri usubiye kugwa,Imana ibabarira abo mu rugo rwawe,nca mbona ko ninagutega irya gatatu ukagwa,ihava ibabarira isi yose,nca ngira ishari ryinshi,

Ariho mpfuye kukumurikira n’ubwo ntabishaka!!! »đŸ˜‚

NAWE NIWABA URIKO URAKORA IGIKORWA CIZA,CANKE URI MU NZIRA IGOROROTSE,UGAHURA N’IBIGUCA INKOKORA,URIHANGANA UBANDANYE KUKO UKWIHANGANA KWAWE KUBABAZA SHETANI(SATANI) KUKANEZERA UHORAHO UMUREMYI WAWE!!!đŸ™đŸŒ