KUKIRENGAZUBA. Kukirengazuba ABISIRAYERI basaba ARONI ngo abacurire iyindi Mana kuko iya MOSE yari yatebeje ibintu.

Le 29/03/2017 : KUKIRENGAZUBA. Kukirengazuba ABISIRAYERI basaba ARONI ngo abacurire iyindi Mana kuko iya MOSE yari yatebeje ibintu. 
Amahoro nimigisha bibe kubari mwisi cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa. 

Ariko kandi Amahoro nimigisha bibe ku ABARUNDI BASHASHA muri KRISTO kuko nibo bagiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amahoro menshi nubutunzi bwinshi kitazotwagwa nimigambwe namoko kizoba kimeze nka ISRAYERI yakera itarandura. 

I kirengazuba numwanya muto wama uri hagati yo gushitsa Isezerano, nisuzumwa ridasanzwe ribanziriza ishitswa ryamasezeeano. 

Uwo mwanya nitegeko ko ubaho kuko ubundiho ntivyogaragara ko umuntu naka yagize ukwizera kukuri. 

Igihe kimwe Abisirayeri bariko bava muri Egiputa bashitse mubugaragwa IMANA irabagaburira indya yateguriwe abera bo mwijuru. Iyo ndya yitwa MANU. Irabaha imitsima ninyama zikorotse ziva mwijuru kandi ivyo vyabaye biza vyiyongera kubimenyetso yari yabakoreye mukubajabutsa ikiyaga nibindi bitangaza 

Nuko rero kuko urugendo gwa komeza, niho MOSE yaduga kugira ico abajije IMANA kandi IMANA niyo yarimwihamagariye, MAZE IMANA ngira yamubwiye ati banza ugumaha gato ico nisuzumira. 

Niho rero IMANA yarekura IKIRENGAZUBA gato gusa kugira isuzume bwabwoko ko yakorera ibitangaza bitari bwabeho ko bwizeye koko. 

Hama rero, babonye Mose atevye gato, kumbure bibajije ati yapfuye canke bibwirako IMANA ariyo yapfuye. NIKO kwinginga ARONI ati none aho ntiwoducirira iyindi mana idatevya ibintu? ARONI ati ivyo gusa? Ajako arayicura pe! 

KUVAYO 32:1-6 

Nuko rero, bajako barayisenga baba bataye yayindi yabakuye mubuja ikabajabutsa ikiyaga gitukura ikabaha na MANU. Emwe IKIRENGAZUBA kiramaze Abantu kweri nubu! 

Nuko ibintu biba birasobanutse, ukuri kuba kuragaragaye a bizeye vyukuri baba baragaragaye. Nabizeye muzindi ntumbero baba baragaragaye. 

Bagisenga yamana yabo yincurano, Mose aba arashitse. IMANA ati ntawumpenda nabamenye. Ati ubu mwese abakoze ivyo ntanumwe azohonyora mugihugu cisezerano. 

NCUTI yanje, raba neza ko utariko usubira inyuma ngo ibintu vyatevye. 

ABURAHAMU imaze kumuha ISAKA ikanamubwira ko muri ISAKA ariho Uruvyaro gwa ABURAHAMU ruzogwirizwa rukangana umusenyi wo kukiyaga canke inyenyeri zokwijuru, 

Ariko YA MANA iba irarekuye IKIRENGAZUBA kuri ABURAHAMU isa niyibihinduye gato kuko kukirengazuba nyene ibintu biracangirana kugira habe isuzuma. 

IMANA ibwira ABURAHAMU ati erega genda untangire ISAKA. ABURAHAMU biramucanga yibaza niba IMANA ibesha, niba yivuguruza, arabura inyishu. Ariko rero aba umunyabwenge gose aravuga ati nubundi niyo yamumpaye nshaje nubu yomuzura igashitsa ivyo yansezeraniye. HALELUYAAAAAAAAAAAAAAAAAAAAAAA.

Itanguriro 22 :1…. 

Icompa ukwizera nkukwa ABURAHAMU. MANA UZUMPE UKWIZERA NKUKWA ABURAHAMU. 

Nuko we IKIRENGAZUBA arakibesha mwizina rya YESU KRISTO. 

Mumvugire Aleluya Aleluya Aleluya kuko ABURAHAMU numuhizi koko. Mugenzi saba ukwizera nukwihangana nka SOGUKURUZA Wacu ABURAHAMU. 

Nuko rero, mbega wa Murundi uraziko uri kukirengazuba? Uraziko uriko usuzumwa? Bamwe bigiriye kurondera imana zigira vuba, bavuga ngo vyatevye, biteye agahinda kweri. Erega ncuti, IKIRENGAZUBA kama arakanya gato none raba uratsinzwe nk’Abisirayeli kandi MOSE yari munzira agaruka, bitumye usubira muvyo wari warahevye mumigambwe,amoko, umusambanyi, ubwicanyi, ubwambuzi, kwiyambika ubusa, gukora ibinyuranye na bibiriya kandi wari wafashe ingingo yo kubiheba, nibindi vyinshi wari warahevye ariko noneho ubwiwe ngo : NTUZINJIRA IGIHUGU C’ISEZERANO. 

Hahiriwe abameze nka YOSUWA na KAREBO. Abashikamye nka ABURAHAMU. 

KUKIRANGAZUBA hariho ubukene, hariko inzara, ingwara, agasuzuguro ngo wizeye ibinyoma, kukirengazuba hariho umubabaro udasanzwe ariko hahiriwe uwushikamye, hahiriwe uwuguma yezwa yitandukanya nibizira vyose uwo niwe agiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu cisezerano. 

Hama rero babandi bizera batizeye, bizerera kubimenyetso gusa, mwari mwiyoribetsemwo gusa ariko IKIRENGAZUBA kigomba kibanyegurure. Uza wumva ngo vyatevye. Nibiki vyatevye? Mbe wewe uriteguye neza? Ubwo umutima wawe ntiwizereye kubwo kwihora? nturarikiye ibintu uzoronka? Urabesha IKIRENGAZUBA kirakugaragaza. 

Wewe wizeye, noguhanura gushikama, noguhanura gukomera nka ABURAHAMU NA YOSUWA na KAREBO.

Nivyo ibigutera ubwoba birahari, abagutera ubwoba bariho, hari amajambo aguca ivutu wumva ariko ivyo nivyo bita IKIRENGAZUBA rero. Iryo nisuzumwa. Mugenzi ivyi IMANA ntiwiha ibiringo kuko IMANA ikora ukwishatse ishobora nukunyuranya inzira kugira izane IKIRENGAZUBA mbere nivyo turimwo . Nico rero. Ariko je ndazi neza ko MOSE ari munzira agaruka rero uraraba neza ntagusange muri babandi bazohera mubugaragwa. 

Abashikamye mwese, nimusangwe UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amahoro menshi nubutunzi bwinshi kitazotwagwa nimigambwe namoko.