AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU NABENEGIHUGU BABARUNDI YO KUWAGATATU 05/04/2017
Nkuko Uhoraho Imana yabidutegeze abarindiriye Isezerano ku Burundi bose, twama dufise amasengesho kuri buri wa gatatu (Mercredi) wa buri iyinga no kw’ itariki ya mbere y’ukwezi. Ayo masengesho nayo kuja imbere y’Imana Isumba Vyose tugaca bugufi, tukigishwa, tugasenga mbere tukumviriza ico Imana yaremye ijuru n’isi itubwira.
Hariho rero abadatahura iryo banga, kandi ni ibisanzwe kuribo, mugabo kuri twebwe twizeye ni Ubuntu ntangere Imana yadukoreye nkuko yatoranije ihanga ry’abarundi bose ngo tube ihanga ry’Imana nzima nka kurya yatoranije Isirayeli yakera.
I. IJAMBO RY’URUFATIRO: Ukwihana nyakuri ni ivyingenzi kuri bose. ( 2abikorinto 7:2-17)
1- Kwihana vyukuri bihindura ivyiyumviro n’imibereho y’umuntu;
2- Kwihana vyukuri bituma umuntu afata intumbero nshasha ihura n’ubugombe bw’Imana;
3- Kwihana vyukuri biruhura imitima bikabohora ababoshwe n’ingeso mbi zabizingiyemwo,
4- Kwihana vyukuri bituma abantu bagendana n’Imana kuko bagendera mukuri.
II. IMITWARO TUZOSENGERA:
1- Gusengera abizera isezerano bose kwihana vyukuri kugira ngo twese tugendane n’Imana.
2- Gusengera umugambi w’Imana ku burundi ngo ikomeze kuwuhangaza mukugosora ibihumbwa n’imiguruka kugira ngo urugendo rushobore gusozerwa.
3- Gusengera no gufasha abapfunzwe, abarwaye, impunzi zitagira icepfo naruguru, abashonje, impfuvyi n’abapfakazi.
Tubaye turabashimira kukigoro muzogira mugushira mungira uyu murimo Imana yahaye abana bayo.
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 4/4/2017
www. abisezerano.com