Indemeshanyo ku barundi bose barindiriye Isezerano

Indemeshanyo_ku_bari_hafi_nINDEMESHANYO KUBARUNDI BOSE BIZEYE UMUGAMBI W’IMANA W’ISEZERANO KU BURUNDI BIVANYE NIVYO BUMVA CANKE BASOMA VY’ABIYITIRIRA ISEZERANO.

Barundi barundikazi, namwe rwaruka aho muri hose, mwese abizera isezerano Imana yasezeraniye abarundi n’uburundi, turabaramukije amahoro y’Imana aho muri hose tuti: Shalom!

Kubera abantu benshi bo mugihugu hagati no mu mihingo itandukanye y’isi baruhishijwe n’amabi uburundi bwamye bucamwo kuva kera kandi nubu ibintu bikaguma vyunyuka maze benshi bagata icizere, abantu bikibaza utubazo twinshi; mbere n’abandi bakajuragirika uretse no kujuragiza abandi, bagata umutwe bakavuga mbere no gukora bagakora ibitokozwe, twagomba kwishura utubazo tumwe tumwe mbere tunabaremesha tuti muremeye tugiye gutabarwa bidatinze.

Benshi rero baribaza bati mbega isezerano ni iki? Abisezerano ni bande? Abarongozi b’isezeranobagiyeho gute? None imigambi yabo izoja mu ngiro ryari kandi gute?…

Tugiye mu nkomoko y’ijambo isezerano, mukirundi tukisanga ivyanditswe vyeranda aho bibiliya igitabo canditswe n’abantu bahumekewe n’Imana kigizwe n’ubwuzure bwa kera canke isezerano rya kera hamwe n’ubwuzure bushasha ariryo sezerano rishsha, dusanga ijambo isezerano ryameho, si rishasha rero.

Mu mvugo y’ikirundi nayo,kuva kera, ijambo isezerano risigura, indangano, ukunywana kandi ayo majambo yose akaba yerekana abantu babiri canke barenga bagiye inama yo kugiranira ukurundo, ubucuti canke umuryango.

Iyo tuvuze rero amasezerano n’Imana, biba bisigura Ubuntu, imbabazi n’urukundo rutangaje Imana iba yagiriye umuntu canke abantu ikabatoranya kugira ngo ibagirire ivyiza bidasanzwe, ibanje kubagira abizigigwa bayo.

Ni uko rero Imana yo mwijuru, Umuremyi w’ijuru n’isi n’ibirimwo vyose yamye yitoraniriza abantu, ikabakunda, ikabagira inyegu zayo bwite ikabakorera ibitangaza kandi ikabagirira ineza idasanzwe.

Aha tugiye mwisezerano rya kera twovuga nka Aburahamu n’uruvyaro rumukomokako gushika naho umwami n’umukiza w’isi Yesu Kristo yavuye mumuryango w’iryo hanga rya isirayeri rikomoka kuri Aburahamu ryahawe amasezerano n’Imana. Urashobora kwisomera Isezerano Imana yahaye aburahamu (Itanguriro 17:1-8)

Kuvyerekeye Ihanga ry’abarundi, nkuko Imana ari inyembabazi, umunyakigongwe, inyabuntu kandi ntavuguruzwa, yaritorereye ihanga ry’abarundi nkuko yihitiyemwo mubihe vya kera. Ivyo twabimenyeshejwe n’ubuhanuzi, ubuvugishwa eka n’ihishurirwa ry’Ivyanditswe vyera.

Abafise amaso y’impwemu yogusesangura ivyanditswe vyera barasanga mw’isezerano rya kera Isezerano Imana yahaye ihanga ry’abarundi. (some muri Yesaya 18 na 19.)

Muri ico gisomwa niho benshi banabona yuko amahanga yose azokwumirwa abonye ivyo Imana ikoreye uburundi mukwihesha icubahiro, mukuhashira ikanguro muvyo impwemu, mukuhazana iterabere kuri bose ry’akataraboneka, amahoro y’agahore n’ibindi.

Hageze kwisezerano ry’abarundi benshi baca babura umuco kuko bibasiga ntibatahure. Maze bamwe bakavuga ngo ntiribaho ngo ni ivyiyumviro vyabantu bagowe kandi bahahamutse bironderera icobaremesha, abandi bakavuga yuko Isezerano ririho ahubwo rigoye gutahura utari uwo Impwemu y’Imana abihishuriye. Mugabo rero abasenga, abavugishwa, n’abemera maze makabona ibintu n’ibindi bobobaguma babona yuko iryo sezerano ari ukuri kandi yuko turiko turegereza ibihe vyaryo.

Isezerano twahawe niryo igihugu c’uburundi kitarangwamwo amarira n’amaganya mugabo gitemba amata n’ubuki iryo niryo sezerano turiko turakorera uyu munsi. Aha atawuzosubira guhorwa uko yavutse, ubwoko, umuryango n’intara avamwo. Aho indwara, ubukene n’indyane bizosezerwa maze amagara meza, ubutuzi ,’amahoro kuri bose bikaba umusesekara.

Abisezerano rero si umuhari, umugambwe, ishirahamwe canke idini, nkuko bamwe bovyiyumvira; ni ihanga ryera kuko ryatoranijwe n’Imana, ni umubiri wa Kristo aho umurundi wese n’umunyamahanga aba muburundi ari urugingo rufise ikimazi rw’uyo mubiri. Nico gituma duhamagarira umuntu wese akunda Imana agakunda n’igihugu c’Uburundi kwifatanya natwe ataburyarya kugira dukorere isezerano twahawe.

Hariho abaca bibaza ngo none uburundi bugiye kuba igihugu c’abakristo canke abakizwa gusa? Oya uburundi ntibuzoba igihugu c’abana mumasengero gusa canke c’abanyamadini y’abaporotisanti gusa ahubwo kigiye kuba igihugu c’abemera Imana mukuri no mu mpwemu kandi bafise umwidegemvyo mu kwemera kwabo. Mugabo kubera umuvyuro uzoba mugihugu abarundi bazokwira isi yose bavuga ubutumwa bwiza.

Bati none ko bavuga ngo hagiye kuba ungoma y’Ubwami bw’Imana ni ukuvuga iki? Kuva kera abarundi bamye bavuga yuko Imana yirirwa ahandi hose kwisi kukora ibikorwa vyayo vya minsi yose mugabo igataha I Burundi. Yari imvugo yo gutazira uburundi mugabo ikaba nimvugo ireruye ukuri ikanaba ari nayo twokwita ubuvugishwa bugiye gushitswa kugihugu kandi bisigura ubwo bwami Imana igiye gushinga mu Burundi. Rero bisigura yuko abarundi n’abanyamahanga bashitse mu Burundi ntamuntu azorinda kubigisha yuko hari Imana ahubwo yuko bazovyibonera kandi bakanavyiyumvamwo. Kandi rero n’abatwara mu ngingo nyinshi bazobanza gusiguza Imana. Ngubwo rero ubwami bw’Imana.

Ku muntu bigora gutahura isezerano yokora iki?

Ku gutahura isezerano Umukama yahaye ihanga ry’abarundi, umuntu yoraba:

-Ingene bubi n’ububisha bwatse indaro mu gihugu iwacu, aho uburundi kuva bucikukira bwashikiwe n’amabi, akaraba abishwe abakuru n’abato ibihumbi n’ibihumbi, abakuru b’ibihugu, abashikiranganji n’abandi banyacubahiro bahasize ubuzima. Habaye ibibi vyinshi kandi nubu bikiriko hakaba impunzi, impfuvyi n’abaphakazi zitagira gitabara kandi vyose bikaba akamizwe n’ingoma, ukamengo ntacabaye maze abantu bagasigana inkore kumaso ngo ubumwe;

– Ingene abantu bashizeho utugani two kwitamba kumivyimba abarundi isinzi ngo ntakuzura akaboze, ngo agapfuye kabazwa n’izindi mvugo zibabaje kandi zitera intuntu. Uravye inzirakarengane zitagira uko zingana mugihugu cose, ubukene inzara, amarira, amagorwa, intambara indyane n’ayandi makuba uburundi bwaciyemwo kandi buriko buracamwo mubihe vyanone;

-Ingene uretse ubwicanyi hariho amabi yose n’inzara, indwara, amaraso aguma aseseka abarundi bamwe bakaryama bagasinzira abanda bagorewe mubuhungiro, mu makambi yimpunzi hariho nabarara ntibuca bitwa ngo bari mungo zabo;

Maze atangura kubona igihugu c’uburundi kitagiramwo ivyo bibi vyose tudondanguye agaca amenya yuko arico gihugu c’isezerano tuvuga, igihugu c’amata n’ubuki. Igihugu turiko turakorera kuri uyu munsi twebwe abisezerano.

Abisezerano rero si abantu baje bava ahandi canke abantu bavuye mu migambwe imwe imwe gusa nkuko hariho abavyibaza. Abisezerano ni ihanga rigizwe n’abarundi mbere n’abanyamahanga batahuye umugambi w’Imana kuburundi, eka n’abandi bose banyuzwe n’umugambi wo guhindura igihugu cacu ca gihugu c’agahore, bagiye hamwe ngo bashire inguvu zabo hamwe, ngo bashire ivyiyumviro n’imitima yabo bamwe kugira ngo binginge Imana yo mwijuru ngo ishitse ivyo yasezeranye.

Abisezerano ni abarundi b’ubwoko bwose, intara zose n’amadini yose bagiye hamwe kugira ngo bategure imibiri n’imitima yabo kugira ngo bakoreshwe n’Imana mugutabara igihugu c’uburundi.

Hariho abibaza bati ingendo yabisezerano iteye gute itandukaniye hehe n’abanyamigambwe, abanyamihari, amashirahamwe n’amadini ko tubona abo bose buzuye urwanko ahubwo aho kugira ico bafashije uburundi basongera isibe mukubiba urwanko, amacakubiri, muguteza intambara no kwicisha abantu?

-Abisezerano bukuri muzobagendereze ntibatuka umuntu numwe ngo bamwifatire mugahanga yoba mbere uwakoze ibibi canke uwubahama, ntibigisha amacakubiri afatiye kumoko, ku ntara kumadini canke kumigambwe. Ahubwo uwo muzokwumva abikoze muzomumenyeshe abarongozi b’abisezerano kandi muze mumenye yuko atari uwisezerano ahubwo ari uwinyegeje mwihanga ry’Imana kumvo zindi. Ni ukuvuga yuko tutabiba urwanko, inzigo canke amacakubiri ayariyo yose kuko tuguma twimenyereza kugendana n’Imana no kuba mu Burundi Bushasha bw’Isezerano.

-Uwisezerano arwanya uwo wese yica umwenegihugu kumvo izarizo zose. Yaba uwuri kubutegetsi akishimikiza amategeko n’inguvu afise, yaba nabo bari mumirwi itandukanye bamwe bamwe batera abenegihugu mumasengero, mubunywero, kubituro vyama bisi mu nzira zubucangero. Ivyo abisezerano ntibavyihanganira kandi ninazo mpamvu hariho ukwitandukanya n’abo babisha.

-Umurongozi w’ihanga ry’Imana si umuntu yiyadukiza ngo yandike canke ngo abwire abana babiri ngo kuva ubu ni jewe ndamutswa umuhari. Kuba umukuru w’ihanga ry’Imana ni amabanga ahambaye atangwa n’Imana, agasigwa amavuta mbere n’abavugishwa nabo bakamushingira intahe. Iryo ni ibanga rihambaye rizwi n’abo mwihanga bamenye Imana koko. Kumusubiriza asubirizwa n’Imana yo nyene umugambi ibicishije mu buryo yatanzemwo amasezerano.

-Umuntu wese ashatse kwiyita uwisezerano naho atokwijira mubikorwa vy’Ihanga nkabandi abifitiye uburenganzira. Nico gituma mushobora kwumva uyu canke uriya yiyitirira isezerano uko ashatse mugabo muze mumugenzure ingendo ziwe yuko zihuye imvugo n’ingiro z’abana b’Imana. Muze murabe yuko ahagaze ku kwizera no gukorera uburundi bushasha bw’Isezrano mukuri no mu mpwemu. Ataruko azoba ari injavyi, bamwe bahamagariwe kugerageza kuburizamwo umugabi w’Imana. Nti muze mujane rero na nyabahururu.

-Mugomba kumenya ingeso z’umwihariko nyinshi zitandukanya abisezerano n’abandi bantu batandukanye bahuriye  mu mirwi, imihari, imigambwe, amadini n’amashirahamwe, ni vyinshi mwovyisomera mudutabo twabo bisezrano no kumihora dukoresha nka site www.abisezerano.com, mukumviriza iradiyo zabo nka radio isezerano fM na radio Isezerano International no kuyindi mihora nka facebook, twiter n’ahandi.

-Nkuko rero biboneka munvugo, mungendo no mu ngiro z’abisezerano dushira imbere Imana, Uburundi n’isezerano kikaba ari naco civugo cacu. Kubera gukunda Imana yo yabisezeranye kandi ikanazonabishitsa,  Imana ihabwaicubahiro cose, gupfukamirwa no gushirwa hejuru, ntibihabwa umwana w’umuntu nkuko mubibona mumugambwe mumadini no muyandi mashirahamwe. Ninaco gituma mutazumva cane amazina y’abantu ahubwo muzumva kenshi amashimwe, amatazirano, n’ubutumwa bwiza bihesha icubahiro Imana.

-Urukundo no ukwitangira igihugu c’Uburundi mukukirwanira nivyo birakurikira, hanyuma hakaza urukundo, ukwubaha no guha agaciro abarundi isinzi bemeye kwishikana ku Mana n’umugambi wayo ku gihugu c’Uburundi. Ni naco gituma mu bisata bihambaye vy’abisezerano (coodinations) hari ubuyobozi bujanye n’ivyimpwemu bukurinkirana ivyo Imana, ivyizerwa, ugusenga, ubuvugishwa…Kuko bifise agaciro kanini mubuzima bw’igihugu cacu. Hari n’igistata kijanye nivyo umutekano kijanye n’ibikorwa vyo kwitangira uburundi muvya gisirikare n’igipolisi, gihurikiyemwo abahungu n’abakobwa bazoryama ngo basinzire ari uko uburundi bucitse igihugu c’amata n’umuki nkuko Imana yabisezeranye. Bagira bati Imana yadutumye gushitsa isezerano. Haca rero haza igisata ca politike gikurikirana ibikorwa vyose vy’abisezerano kikagenzura yuko invugo ijana ningiro kandi yuko intumbero n’ibikorwa vyose bijanye n’umugambi w’Imana ku Burundi.

Bigenda gute ngo uyu canke uriya yidohore mubikorwa vy’Abisezerano?

Iyo ABISEZERANO bakiriye abanywanyi, barabaha ibikorwa nkuko benshi bavuga yuko arivyo bakurikira, bakabagenzura banabigisha ingendo yo kugendana n’Imana. Hariho rero abarama n’abandi baca bashaka kuzana invugo n’ingendo itabereye abana b’Imana kubera akageso baba bakuye mu migambwe, imihari, amadini n’ayandi mashirahamwe baba baje bavamwo. Abo rero baca bagira ikibazo kuko iyo ngendo y’intakebwa ntironka aho imenera. Bibankiye yuko bazana ingeso zicafuye zitabereye abarundi biteguriye kuba mu Burundi bushasha bw’isezerano, baca barondera ibintu bibi botuka abo mwihanga bigacafuza uyu n’uriya mbere ntibagera umutwe n’umurongozi w’ihanga.

Muvyo bashobora kwitwaza bibaza yuko vyofata badendekeranije, harimwo ugukorana n’umwansi, ubutegetsi n’iperereza. Harimwo kunyuruza itunga ry’umuhari, ukubesha kuri iki canke kiriya. Wawundi ati uwugutuka ntagutorera. Igituma iyo mvugo atawe yosimvya n’umutima ni uko ukuri burya naho worara uraguhindukiza gute ikinyoma kiririrwa mugabo ntikirara. Ukuri kurahava kugatsinda atawiriwe arakoma induru.

Muri abo rero umugambi w’isezerano uroka canke ntibawutahure bakaguma babona ivyiyumviro vya kera gusa bari imice gutatu:

1-Muzokwibonera abiyita ngo bari mubisezerano mu mvugo zabo ntibaryemange canke bagize ico barivugako bakarivuga ukutariko.

2- Muzokwibonera abanda biyita yuko bahora bari mubisezerano mugabo yuko batanze imihoho bakadendekeranya utu na turiya kugira barabe yuko botahurwa.

3- Muzobona kandi yuko hariho abandi bagerageza guhirika inzego (Coup d’Etat) nkuko Shetani yabigerageje mw’ijuru canke nkuko vyirirwa biragenda kw’isi. Abo bose bariho kandi bazokwamaho mugabo mu Burundi Bushasha bw’Isezerano ntakibanza bafise.

Muri iyo mirwi yose uko ari itatu nta numwe dutuka canke ngo tumukurikize ukwisigura canke ngo tugere ingero kuyindi ngo tubakurikize ibirego canke imikomo nkuko baba babigize. Ivyo ntavyo twemerewe kuko kiranazira kugera ingere kuyindi kandi uguhora ni uko Imana. Kubera yuko umugambi w’Imana

wagutse turabareka bakagenda kandi niyo bagarutse duhora dusubira tukabakira mugabo muri ico gihe tuba tuzi neza abo twakiriye abo aribo.

Gusozera

Mukurangiza twagomba kuremesha abari mumugambi w’Isezerano bose yuko abisezerano batazigera bishushanya n’ibihumanya vy’iziziye isi kandi yuko atawuzohirika ubutegetsi buva ku Mana Uhoraho ngo abwihagire abishobore kuko na Satani yaragerageje kuburizamwo uyu mugambi biramunanira mbere n’intwaro zagiye zirakurakuranwa gushika n’uyu munsi ngo ziwuzimanganye mugabo ico Imana ihagaritse ntanakimwe kigihangara. Inzego z’abisezerano zihagaze neza cane:

1-    Urwego rw’abasenzi bagume kumavi basengera uburundi n’abarundi bose kugira ngo Imana yiheshe icubahiro mu gihugu cacu mu kunyiganyiza no gukuraho ubwami bea shetani bwiganziye igihugu cacu.

2-    Urwego rwa politike rubandanye ibikorwa vyarwo ukuri kwamye, rubandanye rushing imizi mu gihugu no mumakungu nkuko Imana yaruteye iteka rw’igisha abarundi bose guhagararira no gukorera amasezerano rwahawe.

3-    Urwego rw’umutekano rw’abisezerano nkuko rugizwe n’ingabo n’aba polisi b’isezerano rukomeze ibikorwa vy’imyiteguro bigeze kure mw’ibanga. Hagize uwutirimuka mumusengere kandi mumuhanure yanse mumureke akurikire imiyaga yo mw’isi azokwihurire n’uburake bw’Imana.

Tubandanya dushimira abarundi isinzi bari mugihugu n’abari hanze baguma bitabira umugambi wo kubohoza igihugu c’Uburundi, barahiye yuko batazodohoka kw’ibanga ry’Isezerano. Naho Satani yovyura ingunza gute, inzuzi n’ibiyaga bigasuriranya, imiguruka n’ibihumbwa bizoguma bitaruka ariko tweho gushika kuwanyuma  ntituzodohoka kumirimo Imana yaduhamagariye gushika dushika dushikanye abarundi bose, Imana izoba yazigamye, mu Burundi Bushasha bw’Isezerano.

Ni dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe i Bujumbura kuwa 4/4/2017

Umukuru w’Umuhari w’Abisezerano

Dr. Merlin Dusengumuremyi