Intambara yo muri Siriya ni imwe mu ntambara zo kwisi zahanuwe co kimwe nintamba zo muyaga binini vya Africa.

Ubu amakungu ariko arasaba yuko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryogira ico rikoze kugira ngo rije kurwana muri Siriya ariko ONU yamyevitegeka ko intambara zihagarara bidatevye muri Siriya.

Ubuho ibintu bibaye urusome kubera yuko abarusiya bashigikiye leta ya siriya kandi bakaba bafiseyo n’ingabo ariko Leta ya amerika yo ikaba igaba ibitero ku ngabo za Leta ya Siriya. Hariho abibaza rero yuko intambara yisi yose ishobora kwaduka bivuye aho nyene.

Ni mwisomere uko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasaba ko intambara ziriko zibera mu gisagara ca Aleppo muri Siriya zihagarara bidatevye. Aho hari mu mwaka uheze. »ONU yatangaje kuri uwu wa kabiri ko abanyagihugu barenga imiriyoni zibiri bari mu kangaratete aho batagira amazi canke umuyagankuba.

Mu gihe abarwanya Reta ya Siriya babandanya gusagiriza abasirikare ba Reta muri Aleppo, abakora muvy’amagara y’abantu babwiye abakozi ba ONU ko ico gisagara gisigaye ari umusaka.

VOA ivuga ko ku musi wa mbere abategetsi b’igisata ca ONU kijejwe gutanga imfashanyo basavye ko intureka zohagarara kugira babashe gukora amazi hamwe n’umuyagankuba vyasambuwe n’ingwano yabaye mu ndwi iheze.

Uwuserukira Amerika muri ONU, Samantha Power, yashikirije ko afise amakenga ku rugero izo ntambara zigezeko, mu kuvuga ko n’aho babandanya barwana ata n’umwe mu mpande zishamiranye agiye gutsinda muri ico gisagara ca Aleppo.

Samantha Power amenyesha ko uko intambara zibandanya ariko abanyagihugu biyongera kwugarizwa hagati y’imishamirano kandi babandanya kugira ingaruka mbi zirenze urugero. »