Akaranda ko kunyuruza abantu mu burundi kimonogoje.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bataramenya irengero ry’abantu babiri bagizwe n’umushingantahe hamwe n’umupfasoni wiwe banyurujwe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2017.
Bernard Nihende w’imyaka 64ans, hamwe n’umupfasoni wiwe Miriyana Ndikumagenge bo ku musozi Vugizo, muri zone Gatumba, intara ya Bujumbura benshi bita rural banyurujwe n’abantu bataramenyekana kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zine zitatu n’iminota mirongo itatu, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Uwo mugabo n’umugore wiwe banyururijwe ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho bari bagiye kwimbura ivyamwa “Pastèques” biri mu mirima yabo.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bataramenya irengero ry’abo bantu, hamwe n’ababanyuruje, ariko bakikeka ko boba banyurujwe n’abantu bashaka gusaba amafaranga imiryango yabo.

Abo babiri banyurujwe baje biyongera ku bandi baheruka kunyuruzwa bari mu muduga wunguruza abantu (Bus) mu Gatumba, muribo hakaba harimwo Patiri Adolphe NTAHONDEREYE hamwe n’umutama azwi kw’izina rya Mathias asanzwe avuza umuduri, akaba n’umuvyeyi wa Alfred na Bernard nabo nyene bavuza umuduri.