Shalom!
1Timoteyo4:6: « Narwanye intambara nziza, nazigamye ukwizera, narangije urugendo, ibisigaye mbikiwe igitsibo c’Ukugororoka kandi si jewe jenyene nzogihabga, n’abakunze guseruka kwiwe bose bazogihabga. Amen. Icatumye Paulo avuga ayo majambo nuko:
1)yama yibuka aho Yesu yamukuye, akamuhindura umukozi w’ikimazi kinini, ku buryo yavuze ati ndatangarira Kristo Yesu ivyo yankoreye. Amen.
2)yama yibuka lift Yesu Kristo yamuhaye, akabona Ijuru rya gatatu. Yama yibuka ivyiza yahaboneye, bikamutera intege zo kwiyubara no kuhakorera cane kugira ntaze ahasibe.
3)yama yibuka Igitsibo c’Ukugororoka yahishuriwe gihambaye kizohabwa abagumije ibanga ry’agakiza bataritakaza, bigatuma agikorera n’inkomezi nyinshi bikomera, vyoroha.
Ewe kwibagira,ewe kwibagira gutej’ingorane beshi,bamwe basigaye birata ibikorwa bakoze kera,ariko bibagirako batararangiza urugendo,reka kwibagira ntuze we! Rekakwirata ivyakera,ahubwo komeza ramiriza urusheho gusiganwa,kuko ntituragera aho turuhukira,noneko wirativyo wakoze kera ukaba warambiwe,ncuti yanje ngira ndakubwireko YESU agiye kuza kandi azotabara abari kurugamba,kandi azohemba abari Ku kivi.nukorero mugenzi wari wicaye haguruka urwane intambara nziza yo kunesha,maranye imisi indirimbo ivuga ngo; « ikisigihe cokuva kurugamba »
Turakagihishurirwa twese, kugira dukunde cane Yesu Kristo, tunamukorere cane. Ameeen.