Ntuterwe ubwoba nivyo uriko uracamwo. Mwijuru hari Imana.

NTURABE IVYO URIKO UCAMWO, GIRA IVYIZIGIRO BISHA,YESU WACU NI MUZIMA YARAZUTSE

(Soma 1 Abami 19:1-21)

Ndabaramukije amahoro ya Kristo Yesu, muraho? Uy’umusi numva nipfuje kuvugana namwe kubijanye nuguta ivyizigiro. Bivanye nubuzima tubayemwo hari vyishi bituma nabakiriye Yesu bibagirwa ko muri Kristo hari ivyizigiro bisha bidashingiye kumafaranga n’amazu umuntu afise, ahubwo bishingiye ko twazukanye nawe tukava mubukoroni bwa satani tukinjizwa mubwami bw’ijuru. Ivyo vyizigiro nivyo bituma tumenya yuko, ivyo duriko ducamwo ko bizanwa numwansi kugira adduce muryahumye yongere atwigarurire, ariko kubari muri Kristo Yesu, amaraso atubera umurongo utukura satani adashobora kurenga.

Mugitabo c’abami bambere aho twasomye havugwamwo inkuru z’umukozi w’Imana yitwa Eliya. Uy’umukozi w’Imana, naho yakoreshejwe n’Imana ibitangaza vyishi, ariko harageze igihe ata ivyizigiro bivanye nibihe yariko acamwo. None jewe nawe turi bande tutota ivyizigiro? Ijambo ry’Imana ryanditswe kugira twigire kuruyo mukozi w’Imana hama natwe tumenye uko tuzitwara igihe ibihe bibi nkivyo vyodushikira. Usomye mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma 8:35-39 hatwereka ibintu vyotuma bidutesha ivyizigiro twari dufise bigatuma twihakana Yesu hama satani akaba arose ahadufatira. Umurongo wa 37 waho mugitabo c’Abaroma hatwereka ko kumuntu yizeye Kristo ko murivyo vyose ducamwo ko turushishwaho kunesha n’uwadukunze. Kuri wewe utarakira agakiza umenye ko atakintu ufise kikurinze kuko amaraso ya Yesu niyo atuma hari ivyo tunesha.

Dusubiye kuri Eliya, turabona ko iyo umuntu yataye ivyizigiro ko hari ibintu bimuranga:

Icambere kiranga umuntu yataye ivyizigiro nuko ata umutwe akibagira urukundo rw’Imana, akibagira ukwo yagendanye n’Imana akanibagira ukwo yavuganye nayo. Beshi bibagira ivy’Imana yabakoreye bigatuma satani abifatira. Umukozi w’Imana Eliya yataye umutwe atinya Yezebeli yibagira ivy’Imana yamukoresheje k’Umusozi Karmeli.

Icakabiri kiranga umuntu yataye ivyizigiro nuko atangura kugira ubwoba bw’ubuzima bwingene azobaho ejo. Ntibibujijwe kugira urutonde rwingene uzobaho ejo, ariko muvyukora vyose ntibagire ko ushobora nokudashikayo canke ko ubuzima ataforomire bufise kiretse ubusizemwo amaraso y’igorogota. Imana yadukunze ikaduha umwana wayo wikinege yobura ite kutugabirira vyose kuri we? Ubwoba bwubuzima ntibuguteshe umurongo ngo usange wihakanye Yesu kuko ubuzima bwose wogira butarimwo Yesu uzoba uriko ukorera ubusa.

Icagatatu cerekana ko umuntu yataye ivyizigiro nukubura amahoro mu mutima. Eliya umukozi w’Imana yabuze amahoro mumutima. Natwe iyo turimwo duca mubihe bibi turabura amahoro mumutima. Kandi ubuze amahoro mumutima ntushobora nugusenga uko bikwiriye kandi ninaho satani aca yinjirira akinjiza ibitero vyubwoko bwose harimwo n’ingwara.

Icakane kiranga umuntu yataye ivyizigiro nuko arangwa n’amajambo yokwihebura. Turavye kuri Eliya, bivanye nuko ibihe vyari bimuruhije, haranzwe n’amajambo yokwihebura kuko dusanga yaguma yisabira ko yopfa kandi ko arambiwe ubuzima. Ubonye ugeze kuri iyontabwe yoguta ivyizigiro umenye ko wamaze guta umurongo.

Ariko ivyo Eliya yaciyemwo biratwereka ko hari itandukaniro ry’umuntu ata ivyizigiro ari mu Mana n’uwundi aba atari mu mana kuko ubuntu bw’Imana buba buri hafi yiwe. Biragatsindwa guta ivyizigiro utari muri Kristo Yesu. Iyo Eliya ataba yarabanye neza n’Imana, ivyiwe vyari birangiye, ariko Imana ntiheba uwayo kiretse imushatse akanka kwumva. Imana yaciye imuronderera doze ihwanye n’urugendo asigaje. Turabona ko Imana yamusubijemwo intege naho zari zatakaye bivanye nuguta ivyizigiro. Yamuhaye ivyokurya vyo muri Mpwemu bigarura ubugingo. Namba ucitse intege saba Imana ikwongere intege canke urye ivyukurya ariryo jambo ryayo hamwe nogusenga. Ikindi Imana yamukoreye, yashimye kuvugana nawe bituma agaura ivyizigiro. Muburyo ushobora kuvuganiramwo n’Imana harimwo gusoma ijambo ryayo nukwumva ijambo ryayo ukaryozera ukongera ugasenga.

Ibintu two kwiga kuruy’umukozi w’Imana naho yari yataye ivyizigiro nibi:

a) Eliya yataye ivyizigiro ariko amenya iyahungira. Eliya yaramenye ko guhungira mu musozi w’Imana ko ariho hari urukiriro. Bisigurako umusozi w’Imana ushobora kuba inzu y’Imana. Turavye kuri Yakobo igihe yariko aja iharani dusanga yageze ahantu araruha ivyiringiro biratakara ariko ngo yasanze yararyamye munzu y’Imana aho hari irembo ry’ijuru (Itanguriro 28:10-17). Namba watakaje ivyizigiro noguhanura ko wohungira munzu y’Imana kuko ariho ushobora gukirira. Ahandi hose wohungira utari bubonane n’Imana woba uriko uta umwanya.

b) Guhunga neza kwumuntu yataye ivyizigiro nuko yorondera abakozi b’Iimana agisha inama. Kuko inama zabanyesi ntaco zokumarira atari kukwararaza gusa. Ngaha dusomye igitabo ca Samweli cambere igice ca 19:18-24 tubona ko igihe Dawidi abonye vyase, icoyakoze yahungiye iy’umukozi w’Imana Samweli yarari. Agezeyo yamugishije inama. Kandi ikindi nuko amaze guhungira kuruyo mukozi w’Imana yahagiriye ibihe vyiza mbere Imana iriyerekana kuvyamurondera vyose. Nanje ndabagira inama ko iyo muri mubihe bibi nuko wogisha inama umukozi w’Imana ubona wizeye kuko nabakozi b’Imana bomurikigihe sibose bogira inama umuntu.

Muri make ubonye satani atanguye kugutesha ivyizigiro umenye ko aba afise umugambi wokugutuma wihakana Yesu hama nyuma akakugira uwiwe ukazotahira kuja mumuriro.

Ariko uy’umusi numva mpatwa kukutangariza ko MU MANA HARI IVYIZIGIRO BISHA, soma kuvayo 2:23-25; 3:7-11 ubone ingene Abisirayeli barose ivyizigiro bisha mu Mana yabo.

Kuri wewe uriko usoma irijambo ry’Imana, Imana iriteguriye kukugarukanira ivyizigiro watakaje kubera ubuzima bugoye uriko ucamwo, yemerere wugurure umutima, soma Ezekiyeri 37:14. Izere ijambo ry’Imana hama wihane namba harivyo wagizemwo uruhara, namab utarakira agakiza urondere abakozi b’Imana bagufashe hama ibisigaye wibere muri Kristo Yesu, nivyizigiro bisha bitava kuvyo ufise ahubwo buva k’umusaraba.

Mwese Mpwemu abandanye abasobanurira ahontashoboye kuvuga ukwo bikwiriye. Yesu abahezagire. AMEN.