Ivyiyumviro bitandukanye: Umusomyi wa abisezerano.com yagize ico ashikirije kubuhanuzi bwa Danie

Twebwe abisezerano nkuko twama tubivuga kandi tukanavyigisha tugendera kugukunda Imana tukayishira hejuru, tugakunda igihugu cacu c’uburundi mbere tugakunda n’abanyagihugu bose twivuye inyuma. Turazira amacakubiri ahagaze kumoko, intara, ivyiyumviro vya politike canke amadini.

Nkuko mwama mubibona abavuga yuko bafise ubuhanuzi bose barabuturungikira tukabushikiriza abarundi n’abanyamahanga maze nabo bakabugenzura. Mbere hariho benshi badusaba gusubira kwiburura ubuhanuzi ubu canke buriya maze tukabikora.Umwe wese arafise uburenganzira bwo kugira ico abushimyeko canke abuneguye mugabo nti buca bwitirirwa abisezerano. Mubasomyi b’ubuhanuzi hari abo bwubaka n’abo butsitaza. Hari uwo rero ubwo buhanuzi bwa Daniel butubatse kandi mudutunge tubashikirize amajambo yiwe. 

« Nta giti kibi cigera cama ivyamwa vyiza. Nta kinyegejwe na kimwe kitazonyeguruka. Ababesha ibinyoma vyabaheranye none inda y’ikibi batwaye yarengewe itanguye kubisesa hanze ngo n’abatabizi babimenye, abagikeka ko abiyita ab’isezerano ari abarondera ineza ya bose baje bajijuka baronke umuco w’ukuri. Ribaye irya kabiri iyi mburi ihamagarira abantu guhonya abandi, kandi bikagirwa ku mugaragaro. Ivyanditse biba vyanditse, ejo ntimuze muvuge ngo ntimwateguye guhonya ubwoko bw’abatutsi mu Burundi no mu karere.Mwavyitiriye ubuvugishwa bw’Imana kugirango ab’umutima woroshe bibaze ko ari ukuri. Yamara rero, ingaruka y’izo nyandiko n’uwo mutumiro wo guhamagarira Abahutu guhonya Abatutsi ntimuzogenda mutayibonye. Intsinzi, Inganji, Ububasha, Ishimagizwa n’Ubuninahazwa ni Ivy’Imana Nzima Se W’Umukama Wacu Yezu Kristu, We yatsinze ikinyoma n’urupfu Akagabira Abamwemera bakamwitura mu kuri no mu Rukundo Izuka n’Ubuninahazwa hamwe na We, Ni Ahabwe Icubahiro. Ishaka ryiwe ni ribe ari ryo ryama riranguka mu bihe n’imyaka yose. Amen!!!

Iyo Mana Yo Mucamanza w’Ukuri, Rukundo Ruzima, ni yaba koko ari Yo yabibatumye, Ni Ishemezwe, kandi Igireko Ibirangure. Mukaba naho ari mwebwe mwiyita ab’isezerano mwavyiteguriye mukibesha mubeshera Iyo Mana ngo Yarababwiye kandi ari ibore ry’inabi idudubiza mu bwenge n’imitima yanyu, Irabaha impembo mukwiranye.

Ese Iyo Mana Rudasumbwa yodutera iteka tukaramba ngo muze mumpinyuze: ivyo vyiyumviro vyo guhonya abo Imana yaremye mu gashusho kaYo nka mwe, ndemeje ntahigima ko atari ivy’Imana Ihoraho Se wa Yezu Kristu muri bwa Bumwe Budatandukana Data, Mwana na Mutima Mweranda kandi Ihangamye hejuru y’amajuru. Ntirikabe kandi ntirizoba. Ababigerageje bose ntivyabereye.

Papy Pick »

Murahawe kaze kugira ico muvuze kuvyo tubashikiriza.