Kora hakibona/ M Pascal

*KORA HAKIBONA*_Habakuki2:15_

*Azobona ibara,uha mugenzi we ibinyobwa,na wewe umwongerakw’ibituriranije,ukamuboreza,kugira ngo wirabire ubwambure bwiwe.*

Ubwambure bw’umuntu ni ikintu co kwubaha,no gutinya kubwihweza.Ariko ingorane z’aba mama n’abakobwa b’iki gihe nuko biyambura bo nyene ubwabo batababoreje.

*👂🏽Umve kandi untahure,kubijanye n’inzoga ntibaborejwe ariko isi ubwayo niyo yabahindukiriye ikiboreza.* *Ni akabonge kuko hageze aho aba chrĂ©tiennes bokwigishwa kwambara n’aba musulmanes, ariko siko vyokamvye kugenda.*BAKOBWA,BAGORE B’ABA KRISTO MWIKEBUKE EJO HAZA MUTAZICUZA. Uko biri kose nzikO ndiko mvugana n’umuntu mwaka gatondo:Musore,mugabo Uribuka kahise kawe ukiboreza abakobwa kugira ubone ubwambure bwabo?Kuri wewe ivyakera vyarashize kandi ntibizibukwa ukundi shishikara ukorere Imana.

âť—Imana ivuga ngo: *Azobona ibara,…*

Woba unywa canke ugaha ibiboreza abandi kugira wibonere ubwambure bwabo,Imana izohigura nawe.Ariko inkuru nziza ngufitiye nuko hakiri ivyizigiro wewe fata ingingo gusa yoguhindura inyifato maze wegere Imana.

*Icantangaje:*

______________

Nize ishure ry’inderabigisha(Section normale),Naratangaye cane aho naringeze mu mwaka wakabiri aho umwigisha wanje yaduha icigwa citwa Chimie agira ATI : *Bana mw’irinde inzoga kuko akavugirije kamwe gafise ivyo kica mumubiri nubwo twebwe vyatunaniye kuziheba…*

đź—ŁTugaruke ku majambo y’Ejo : *Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubwenge.*Hos4:11

Ubwenge ntahandi tubusanga ni mu kwizera Kristo Yesu,maze tukumvira Ico Mpwemu Yera avugana n’umutima,tukagishira mungiro. *Amana imigabo yogutungana.*

*Ufashijwe niyi nkuru nziza,yifashishe incuti zawe n’umutima ukunze nazo zifashwe.

par Serviteur de Dieu:Mipal(M.Pascal)*