Abicanyi biyitirira iperereza ry’uburundi barica bagasahura abenegihugu.

Igihugu c’Uburundi gikoraniwe nimpwemu z’ubwoko bwose zazanywe no gusesa amaraso, kwangaza no guturatuza beneburundi. Abantu bariya dukora bakiyitirira umuhari uyu canke uriya maze bagasahura beneburundi. Ubu naho hagize iminsi hariho a biyitirira inzego zigihugu kandi ataribo maze inganda bagasasika tutavuze ubusuma burengeje bugeretse kugusesa amaraso yunzurakarengane.

Abo bagabo mubona kwifoto ni bamwemubahora biha inkumbi. Abo bafashwe na police i Ngozi kuko bahora banyuruza abantu bakoresheje imiduga ibiri fumés harimwo na double cabine bakongera bagafata abagore ku nguvu. Abo batishe, baca babaka amafaranga atagira ukwo angana. Bavuga ko ari abategetsi bakomeye muri documrntation ku rwego rw’igihugu n’ i Ngozi. Bose bafatiwe i Ngozi muri iyi ndwi. Harimwo umwe yakora muri hôtel Ganza. Yasanganywe ordinateur ya wa mugabo batora ikiziga mu Gashoho i Muyinga iruhande ya ya modoka ya wa mutama Ntasano. Bitwa: Batungwanayo Aloïs Esam, Bangurambona Egide Asmani, Nkeshimana Claude Salim, Bizocimana Thomas

Dusaba abarundi bose kwama biyubara kuko umwansi si uyo batunga urutoke gusa ashobora kuba yinyegeje ahariho hose no muvyarivyo vyose.