JENERARE ( GENERAL ) GODFROID NIYOMBARE AHEJEJE GUTANGA IKIGANIRO
Inyuma y’imyaka ibiri ari mu gacerere aho mbere mbenshi bari bamaze kuvuga ko yagandaguwe, eka abandi bobo mumisi iheze bakivugira ko uwumucungera ubuzima Kapiteni ( Captain ) Evariste ko naweni yagandaguwe, Jenerari Godfroid Niyombare benshi muri kino gihe bamwita MUTAMA ahejeje gutanga ikiganiro kuri Television TV5 yo mu Bubirigi aho yabajijwe ibibazo bitari bike n’umumenyesha amakuru yitwa Olivier w’Umubirigi. Ariko rero ikiganiro kiramvuye mukazogikurikirana kuruyu umusi wa Mungu.
INCAMAKE YIVYO YABAJIJWE:
Umumenyesha amakuru Olivier yamubajije igituma yamaze imyaka ibiri ari mu gacerere nawe Jenerari amwishura ko yagerageje gutabara Uburundi n’abarundi ariko agahemukirwa na Prime Niyongabo asanzwe atwara Igisirakere c’Uburundi kandi bari basanzwe basangiye umugambi. Ivyo rero ngo vyatumye abanza gukinjura gato kugira arondere uwundi MUKENYURO. Jenerari Godfroid Niyombare akaba yaciye amenyesha ko igihe co gutabarwa ku Barundi CAGEZE. Olivier yamubajije ko yoba afise abasirikare bamushigikiye, Niyombare aca aramwishura ko neza na neza afise ingabo 8000 hamwe n’Ibisongerezi atakindi barindiriye atari IFIRIMBI ibaha uruhusha rwo gutangura Uburundi bwa Nyaburunga.
Uwo mumenyesha amakuru yamubajije ku vyerekeye ibiganiro na Nkurunziza biriko bitegurwa na n’Umuhuza Mukapa. Jenerari yishuye ko atabiganiro bishoboka nagato na Nkurunziza kiretse kuganira nawe ingene yo KINJURA kurirya ntebe yicayeko atarekuriwe n’amatego. IBINTU MU BURUNDI BIGIYE GUFATA IZINDI NZIRA
ABABISHOBOYE MUKURIKIRE IKIGANIRO KIRAMVUYE KU MUSI WA MUNGU KURI TEREVIZIYO YO MU BUBIRIGI YITWA TV5
Naho biri uko abantu benshi baribaza igituma batamwerekana amasanamu n’amajwi yiwe kuri nya television ihambaye mugutanga amakuru bikabasiga.
None uyo munyamakuru avurwa aho hariguru yoba yacitse umuvugizi wiwe? Atari we nawe kubera iki bamuvugira kandi ariho ari muzima nkuko iyo foto yiwe itaramara iminsi ivyerekana!
Ivyarivyo vyose abarundi baba abamwanka canke aba mukunda ni barindire azotinda anyeguruka abiyereke.