Koreya ya rurugu irega Amerika gushaka kwica Kim Jong-un

Igihugu ca Koreya ya ruguru cagirije Leta Zunze Ubumwe za Amerika gutegurana na Korea y’epfo umugambi wo gukandagura umukuru w’igihugu Kim Jong-un.
Pyongyang yavuze ko umugwi w’iterabwoba ufashwa n’ikigo ca Amerika kijejwe igendereza, CIA, hamwe n’ica Koreya y’epfo, wategekanya gukoresha ubumara mu kwica bwana Kim.

Ubwo bumara ngo bwari kumara amezi atandatu canke cumi n’abiri kuva igihe abuherewe kugira bumuhitane.

Ibi bivuzwe mu gihe imigenderanire imeze nabi cane hagati ya Koreya zombi, mu gihe kandi Prezida Trump avuga ko azotorera umuti ikibazo ca Koreya ya ruguru, ayibuze guhingura ikirwanisho ruhonyanganda.