UMUPFASONI W’UMURIRIMVYI APOLLINAIRE ARATANGA UBUHAMYA
Mpejeje gusoma ubuhamya bwa Jeannette Nsabimana, umupfasoni w’umukozi w’Imana Intumwa Apollinaire Habonimana, umuririmvyi w’inararibonye mu ndirimbo zo gutazira Imana. UBWO BUHAMYA BWANKOZEHO CANE!!!
Jeannette Nsabimana asanzwe mbere naweni afise ingabirano yo kuririmba, mbere akaba ari umwe mu baririmvyikazi bo mu Rusengero rwa » LIFE CENTER » rwo mu Nyakabiga, mu buhamya bwiwe aravuga ingene yatewe n’ingwara y’icaduka imutuma kwiyagaza cane. Avuga ko muntango vyatanguye nkibisanzwe ariko biza kumukomerana munyuma, aragenda kwivuza kwa muganga ariko nta mitende yigeze aronka. Birakomera gushika naho umubiri wiwe uhinduka ukundi bimwe biteye ubwoba. Vyarageze aho adashobora no kwambara IMPETA y’Ubugeni mu kiringo c’imyaka ibiri yose kubera ububabare. Ariko icamubabaje gusumba n’uko abantu muzi bakunda kuvuga baciye babiha iyindi ntumbero. Ariko ngo naho vyamubabaje, vyaciye bimuha intege zo gusenga cane ariyegereza Imana mu buryo budasanzwe. Jeannette yarabwiye Imana ko vyose abishize muminwe yiwe, aratakambira Imana asaba gutabarwa
JEANNETTE NSABIMANA AGIZE NGO ARARYAMYE ABONA IMBARAGA Z’IMANA:
Yagize ngo arihengetse gato, aza bona ububasha bumanuka buva mwijuru, abona aronkejwe amaraso mashasha, aribonera n’amaso yiwe ingene amaraso agenda yinjira mumitsi yiwe maze biba nkibintu vyibirori bidasanzwe . Aca abona umubiri wiwe urahindutse nkuwumwana w’uruhinja. Ico gihe ngo yari ahantu hameze NK ‘UMWIZA, niho y »abona umuntu aje ava mwijuru amufata ukuboko aramuherekeza gushika ahari UMUCO. Aho nyene aca y’umva amahoro n’umunezero bimushwayemwo wese. UNO MUSI UMURAVYE JEANNETTE NTIWOKWIBAZA KO IVYO VYAGO VYOSE VYAMUCIYEKO.
Jeannette Nsabimana arangiza avuga ko nimba ivyo vyose Imana Yarabimukoreye ngo n’igiki cotuma wewe Itabigukorera.