Koreya ya ruguru yagerageje igisasu gushika kure.

Korea ya Ruguru yavuze ko « missile » yagerageje ku munsi wa Mungu ari ubundi bwoko bwa « rocket » ishobora gutwara ikigwanisho kinini ca « nucléaire ».Iyo « missile » yashitse ku 2000km mu kirere ku rugendo rwi 700km imbere yuko igwa mu kiyaga mu burengero bw’Ubuyapani.

Korea ya Ruguru yavuze ku munsi wa mbere ko yariko irihweza ubushobozi bwa « rocket » nshasha ishobora kugera kure.

Igisirikare ca Korea Yepfo kivuga ko kidashobora guhinyuza ayo makuru ariko cemeza ko « missiles » za Korea ya Ruguru zishobora kugera kure cane mu kirere (athmosphère) ari navyo bikenegwa igihe umuntu aba ashaka gukora « missiles » ziva ku mugabane zigashika ku wundi, niko itororokanirizo ry’amakuru Yonhap ryavuze.