Abarundi babandanya kwicana nap fait imvo zidafashe.

Ico kiziga catowe mu muvo w’amazi, bikaboneka ko uwo muntu yoba yishwe akubiswe, kuko yari afise ibimenyetso ku mutwe vy’aho yakubiswe.Mu gihe ababonye ico kiziga batashoboye kumenya uwo muntu, mu giporisi bamenyesha ko yoba ari umusuma yakubiswe na bagenzi we bariko bagabura ivyo bivye. Mu giporisi bavuga ko ico kibanza arico bahora bahuriramwo bagabura ivyo bivye, n’imufuko batwaramwo ivyo bivye ikaba yatowe hafi y’ico kiziga, nk’uko mu giporisi bavyemeza.