Abatumiwe n’umuhuza B.MKAPA basavye ivyemeza yuko umutekano wabo uzoba ukingiwe I Uganda.

Ku butumire bwarungitswe n’umuhuza, handitswe ko uwo mubonano uzomara iminsi ibiri, kw’igenekerezo rya 24 na 25 Rusama 2017. Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yatumiwe, bavuga ko batangajwe n’ikumirwa rya bamwe muribo, aho umuhuza yasavye ayo mashirahamwe ko yorungika abazoyaserukira, ariko bakaba ari abadakurikiranwa n’imitahe mpuzamakungu yarungitswe na Reta y’Uburundi. Mw’ikete ryarungikiwe umuhuza MKAPA, abo batumiwe bamwibukije ko iyo mitahe yarungitswe n’uruhande rumwe mu begwa n’ikibazo c’Uburundi, urwo ruhande akaba ari Reta y’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA.
Ayo mashirahamwe avuga ko atangazwa n’ingene umuhuza yogarukana ivy’iyo mitahe muri ayo mashirahamwe batemera, ari naco gituma ata Reta n’imwe yigeze iyiha agaciro, hamwe n’igiporisi « INTERPOL » kitigeze kibakomakoma. Ayo mashirahamwe yibutsa kandi ko ritabaye irya mbere abafise iyo mitahe batumirwa, kuko hari abaheruka i Arusha.

Muri iryo kete, ayo mashirahamwe yasavye umuhuza ko yotomora ibijanye n’ubwo butumire, ibiri muribwo bikumira bamwe mu baserukira ayo mashirahamwe bikurwemwo, n’umutekano w’abazoja aho muri Uganda wubahirizwe, aho akaba ari mu gihe bamwe mu baserukira ayo mashirahamwe bari bitavye ibiganiro nk’ivyo vyabereye i Arusha muri Tanzaniya, bahatswe guhagarikwa n’igiporisi c’ico gihugu.

Amashirahamwe yandikiye umuhuza ni :

1. ABR : Patrick Nduwimana

2. ACAT : Me Armel Niyongere

3. APRODH : Pierre Claver Mbonimpa

4. FOCODE : Pacifique Nininahazwe

5. FORSC : Me Vital Nshimirimana

6. OPB : Innocent Muhozi