Abasore batatu b’abasoda harimwo umuganga bakorera muri Komine Rango intara ya Kayanza.Umunsi umwe basaba Congé ngo bamanuke i Bujumbura .
Barabura umuduga bubirirako bageze kw’ibarabara rya kaburimbi mu Kayanza ahantu bita kuri Dépot ahantu hari i position y’aba jandarume ntibari bwitwe aba polisi.
Bagitegereye imodoka baba jandarume batangura gushwanira babasore 3 ngo babavire impande y’i position.
Kubera umutama umwe w’umu jandarume yari yaborewe akubita ikofe umwe muri ba basore wa musore nawe ararimwishura haca havyuka urwamo n’impari nyinshi.
Ba ba jandarume baterefona umu officier yatwara district Kayanza bamubwira ko hari abasore bariko batera akajagari kuri position.
Wa mu officier aca azana imodoka yuzuye aba police bafata ba basore barababoha (uw’indege) babajana muri District.
Uwo mu officier aca atanga itegeko ngo bababohere ku biti babakubite gushika bapfe.
Babikora uko umu chef abategetse barabakubita barapfa ariko umwe muri bo ntiyari bwashikeyo kandi uwo yari umukizwa.
Bahejeje kubakubita biyumvira ko bose bapfuye wa mu chef aca atanga itegeko ko baja kubata m’uruzi.
Barabatwara, babaterera mu modoka baja kubata k’uruzi.
Bukeye umutamakazi umwe agiye gusoroma ibijumbu m’umwonga aca asanga ikiziga c’umuntu cafashwe n’imikerekere ku nkombe y’uruzi aca arakoma induru.
Abantu baje kuraba baragikurayo bagiye kuraba basanga ntiyacikaye gose, aracahema nabi nabi yari muri koma
Uwo yari wa mukizwa.
Uwo musore yaje gutora ubwenge amaze iminsi ine (4) muri koma muri Hôpital militaire
Baramuvura arakira inyuma y’amezi atatu ari mu bitaro.
Uwo kusore ntiyigeze avuga ivyamubayeko kuko yanka ukwihorahorana na rirya m’umuryango i wabo harimwo abategetsi bakomeye mu gisirikare.
Uwo musore w’umukizwa yar’umuganga.
Amaze gukira yaciye aronka akazi aho nyene mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge.
Haheze imyaka 5 irenga 4 gatoya akora muri service ya chirurgie, aja yumva umu Docteur amuterefonye ngo agende muri urgence atore umu cadre yakomeretse nabi (abandi bose: aba travailleurs ni bo babazana).
Agikubise amaso wa murwayi asanga ni wa mu officier yatanga itegeko ngo bamukubite bamwice bace bata ikiziga m’uruzi.
Ico yakoze umutima warasimvye , atangura kubira icuya, aca arahindukira ku gihome abaza Imana ati:
* »Mana yanje ndakora iki? »*
Imana ntiyatevye kumubwira Ica Imutegeke kumukorera iciza kurusha uko yogikorera uwundi muntu uwariwe wese.
Imana Imuha Inkomezi zo kumukorera ivyiza kandi abinezererewe kandi n’umutima ubikunze.
Uwo muganga ntiyar’asanzwe arara izamu kubera yari uwo bita chef wa bloc yapangira amazamu abandi kandi iyo bloc yarwariramwo aba officier supérieurs n’aba directeurs gusa.
Uwo muganga aca ahera uyo munsi arara izamu nk’uwo bita garde-malade w’uwo mugwayi, ni we yamuvura wenyene n’ubwitonzi n’umunezero mwinshi, ni we wenyene yamuvuye k’uburyo bw’umwihariko.
Abandi baganga bari basigaye bavuga muri service ngo wa mugwayi wa chef.
Umuryango w’uwo mu officier urakunda kandi uranezererwa uwo Muganga kubera ivyiza yabakorera
Bama bamusavye ko bamusororera akanka.
Inyuma y’amezi ashika umunanai uwo mu officier yamaze mu bitaro, haragera ko ataha yakize.
Umunsi wo gutaha umu damu wiwe atumako wa muganga muri chambre y’umurwayi ngo amushimire vy’umwihariko imbere y’umuryango wose n’abantu bari baje gutahana se w’abana akize avuye mu bitaro.
Wa mudamu aca afata ijambo arashimira caaane wa muganga aravuga ati iy’ataba uyu muganga papa…ntiyari kuhava, yaratwitayeho uburyo butangaje cane yaraye kenshi cane muri iki cumba mbere twebwe akaturekura tukitahira kurara i muhira.
None Imana Imuhezagire cane kandi turagomba kuzomushimira tumugabire mbere n’inka.
Wa mu officier afashe ijambo arashima na we, hanyuma aca aravuga ati mugabo icatubabaje n’uko atigeze na rimwe atwemerera ko tumusororera n’ifanta.
Bahaye ijambo wa muganga aravuga ati nta muntu yoshobora gukora iciza atagikoreshejwe n’Imana yo mw’ijuru,
Kandi ni nk’uko umuntu akora ibibi abikoreshwa na satani.
Arababwira ati icatumye ndabakorera iciza kurusha abandi nkabitaho birengeje abandi kiriho.
Abaza wa mu officier ati uribuka ukwezi uku n’umwaka uyu, abasore wakuye kuri dépôt mu Kayanza, ugatanga itegeko ko babakubita, ngo babice, hanyuma babaterere m’uruzi?
Kimwe muri vya biziga 3 baja guta m’uruzi cari jewe.
None ijambo ry’Imana rimbwira ngo: ikibi ndagitsindishe iciza.
Ni yo mpamvu nakugiriye neza nshobojwe n’Imana.
Aho hantu habaye amarira n’induru nyinshi.
ARIKO inyuma y’ayo marira havuyemwo ukwihana kwa benshi mur’abo.
Kandi n’ubu n’abantu b’Imana harimwo n’uwo mu officier.
* »IKIBI COYE KUKUNESHA, YAMARA IKIBI, UKINESHESHE ICIZA. »*
Abaroma 12:21
* »Kuko ni mwaharira abantu ivyaha vyabo, na SO womw’ijuru azobaharira namwe. »*
Matayo 6:14
* »Ariko ni mutaharira abantu ivyaha vyabo, na SO na we ntazobaharira ivyaha vyanyu. »*
Matayo 6:14