RDCongo: abanyororo barenga 3000 nibo batorotse igihe abantu bitwaje ibigwanisho bateye kw’ibohero rikuru ry’igihugu ejo.

Inteko zijejwe umutekano zo muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo, RD Congo, zabwiye BBC ko abanyororo barenga 3000 aribo batorotse igihe abantu bitwaje ibigwanisho bateye kw’ibohero rikuru ry’igihugu ejo.Ubutegetsi buvuga ko abashika 50 gusa aribo batorotse.

Amakuru aturuka mu nzego z’umutekano avuga ko abantu baharugwa mu mirongo bishwe ico gihe c’ico gitero co kw’ibohero rya Makala.

Uwurongoye umugwi w’abemera Imana Bundu Dia Kongo, ngwari mu bahunze.

Umuvugizi w’igipolisi yabwiye imwe mu maradiyo akorera mu gihugu ko abo banyororo bateye ubwoba, ko uwobabona yobimenyesha igipolisi.