Mu Burundi: abacamanza hamwe n’abanditsi b’imanza 20 bagiye gufatigwa ibihano kubera inyifato igayitse yo kurya ibiturire.

Ubutegetsi bwo mu gihugu c’u Burundi bwamenyesheje ko hari abacamanza hamwe n’abanditsi b’imanza 20 bagiye gufatigwa ibihano kubera inyifato igayitse yo kurya ibiturire.Ubushikiranganji bujejwe ubutungane buvuga ko bamaze gutabwa mu mvuto, bukanagabisha n’abanyagihugu kwirinda gutanga igiturire co kimwe n’ababahenda babemerera ibi na biriya.

Uwujejwe iringanizwa, ry’ubutungane Kayobera Nestor, yavuze ko abagiye gufatirwa ibihano ni abacamanza bakuru bakuru 13, abo muri sentare z’intango cumi hamwe n’abanditsi b’imanza babiri.

Benshi muri bo ngo bagirizwa kurya igiturire no gutoza amahera adategekanijwe n’amategeko baka abashomeri babemerera ibitaja ntibize na cane cane akazi.

Uwo mutegetsi yavuze ko hari n’abazosererwa burundu mu rwego rw’ubutungane.

Amatohoza aherutse gukorwa n’inama nshingamateka y’Uburundi yerekana ko urwego rw’ubutungane n’igipolisi, ari ho harangwa igiriturire cinshi.