Abagirizwa gushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO basomewe urubanza 

Abagirizwa gushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO basomewe urubanza Sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yaciriye urubanza abantu batanu bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura umukuru w’igisirikare c’Uburundi, Lieutenant-Général Prime NIYONGABO mu kwezi kwa Nyakanga 2015.

Muri abo batanu baciriwe urubanza, abasirikare batatu (Jean Marie Vianney Nzoyihera, Elvis Nkunzimana hamwe na Pascal Tombori) bahanishijwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Babiri basigaye (Pancrace Ntamatungiro na Léonard Nizigiyimana) ni abanyagihugu bagirijwe ko bafashije muri uwo mugambi w’ugushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO, ubutungane bukaba bwabagirije ko batanze ahabereye amanama y’ugushira mu ngiro uwo mugambi. Bompi bahawe igihano c’ugupfungwa imyaka cumi.

Lieutenant-Général Prime NIYONGABO yategerewe n’abantu bitwaje inkoho ariko aja ku kazi mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015. Yararokotse muri ico gitero, ariko hakaba hari bamwe mu bamucungerera ubuzima bahaguye.