Abisezerano: igisabo ku barundi n’abarundikazi ni ukubasaba yuko mwokwibanga gushira ahabona amasanamu ya benewanyu bambaye ubusa canke bashengeye.

Abisezerano batanze igisabo kubarundi n’abarundikazi eka n’abanyamahanga bumva ururimi rw’ikirundi. Ni mureke gushira ahabona amasanamu y’abantu bambaye ubusa cokimwe nayo abantu baba bashengeye. Kumvo izarizo zose twese duhamagarirwa kugira ubuntu, urupfasoni no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Naho vyoshika hakagira uyu canke uriya arwa mucaha canke akagwa mudutego twabatamwipfuriza ineza ntikabe inyanduruko yo kwararaza abandi. Mwame   mwibuka yuko atamweranda abaho kwisisi kandi yuko uyu munsi ari we mugabo ejo naho mwebwe. Burya basokuru barayamaze bati « Ruriye abandi rutakwibagiye »

Dr Merlin Dusengumuremyi.