USA : Yatanguye amatohoza kuri umwe wo mu muryango w’umukuru w’igihugu 

USA : Yatanguye amatohoza kuri umwe wo mu muryango w’umukuru w’igihugu . 
Ibimenyeshamakuru mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyavuze ko ata caha na kimwe gikurikirana umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko ko hari amakuru yotanga ku migenderanire yari hagati y’Uburusiya na Amerika mu gihe c’amatora.

Ikigo kijejwe igendereza mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika FBI, kiri mu bikorwa vyo kuraba nimba Uburusiya bwaragize uruhara mu matora y’umukuru w’igihugu Donald Trump.

Uwuburanira Jared Kushner umuhanuzi w’umukuru w’igihugu Donald Trump, yavuze ko yiteguye gufashanya n’umugwi uwariwo wose utohoza kuri ivyo bintu.

Umukuru w’igihugu Donald Trump yavuze ko ata migenderanire yigeze agirana n’igihugu c’uburusiya.