Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo basuma bitwaje inkoho binjiye muri urwo rugo nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itanu, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, biba Terefone ngendanya zitandatu, impeta z’ubugeni zibiri, imashini mudasobwa (Ordinateur) imwe, amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amarundi, hamwe n’amafaranga igihumbi n’amajana abiri y’amadorare.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, amenyesha ko abo basuma bagiye kandi bivye muir urwo rugo imodoka ifise iparati ndangamuduga ya D 5753 A
Mu giporisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.