INYISHU BENSHI SATANI YI BAGIJE ARIKO ISIRAYELI YA KABIRI ARIYO IZOZIGARUKANA KU BIJANYE NO KURONGORA, KURONGORWA, ABUBATSE: << UMUKOBWA, UMUHUNGU, UMUGABO, UMUGORE>>.IBI VYOSE BIHAYE BITANGWA, NUKO IMANA IGISHAKA YUKO ABANTU BADAPFIRA MURI IVYO VYAHA MAZE BAKAJA KURINDIRA GEHINOMU, MU NTAMBARA IGIYE KUBA NI KOMVOMVORWA KU NGANJI YA ASHURI NI BIHANO BITANDUKANYE, NI COGITUMA MFATWA MPIRI MURI YESU KRISTO KUGIRA NGO ABADIBAMYE BAZE BABURE ICO BIREGUZA IMBERE Z’ I MANA, KW’ A BARUNDI BAGOYE NOREKA GUSHIGIKIRA ICO YONA YA KOZE NK’ U MWANA W’ U MUNTU, NUBWO IMANA IDAHUNGWA:
Anselme, Nyawita, Yaragwira
Paulo agira artya: { kuruhande rwiwe, nuko yipfuza yuko abantu bose bamera nkawe; batubatse} ariko kubera umwe wese afise ingabire yiwe : kubwo kwirinda gushakana, be no kwihangana ku kunaniye, umugabo agire u wiwe umugore, umugore agire u wiwe mugabo { 1 Ab’ i korinto 7: 1- 11}. Pawulo arongera artya { Ab’ i korinto 7: 12-16} u mugabo yu bakanye n’ u mugore adakijijwe bumvikana yoye ku muta kuko umugore azokizwa kubwo umugabo wiwe akijijwe, umugore yu bakanye n’ u mugabo adakijijwe bumvikana yoye ku muta kuko umugabo azokizwa kubwo umugore wiwe akijijwe, ariko iyo umwe muri abo ba biri atizera agomba kwahukana, ni yahukane, kuko ntahambirwa kuri mugenzi wiwe iyo bimeze birtyo, kuko Imana ya duhamagariye amahoro. ;<<< ariko habajijwe ikibazo girtya; mbe wewe mugore, u bwirwa niki yuko uzokiza umugabo wawe, mbe wewe mugabo, u bwirwa niki yuko uzokiza umugore wawe? >>>; = mbega urongorwa urongora wemezwa niki yuko urikumwe nuwo Imana ya gutoranirije, urikoresha iri jambo kugira wubake vyonyene? watahuye icarico kubana akaramata? ingorane uremeza yuko uzozihanganira? canke utwawe nivyipfuzo vy’ u mubiri ariko atari u rukundo ufitiye mugenzi wawe nkuko arirwo Imana igishaka mu bantu rwatumye ishiraho ibintu vyinshi cane bitandukanye mu bantu kugira ngo, haboneke u rukundo, u mubiri wawe u kugora kw’ i hangana nico gituma ushaka kubaka saba Imana iguhe uwo yaguteguriye; ariko benshi niko muhaye mubigenza canke mwisunga iryo jambo kugira mushike kuco imibiri yanyu yipfuza atari ico i mitima yanyu nu gukizwa vyukuri bisaba? arico gituma wibaza yuko ari ivyoroshe ni bisanzwe kubaka utabajije Imana kandi ikaguhereza uwo muzoshoborana mu kubana kwanyu mu bibazo bizoboneka vyose atari u gushira imbere u ruhande rw’ i vyiza umwe muri mwe yipfuza guhabwa na mugenzi wiwe, urwo si urukundo ni urucuruzwa mu kubana kandi muzoba mwibohesheje iryo jambo riti: tuzobana akaramata, mu marushwa mu magorwa nzomukunda,; iri jambo rifatwa nkirisanzwe ariko ntabwo risanzwe, ni cogituma abubaka baciye mu rusengero ritigera rireka gukoreshwa, ni umutego kuri abo bantu ba biri, nimba bazoba bibesha yuko ari Imana ibashigikiye, ariko ari kamere zabo zi bashigikiye, benshi i kuzimu bayirimwo bakiri kwisi, kubera ; bashutswe na bantu batanga impanuro za gipagani, bohejwe na bantu, banka gusiguza Imana, banka kwihanganira ikintu ciza nkico, ariko kirimwo ibibazo vyinshi, na canecane iki gihe satani ariko akorera kuri ico kintu muguteza i bibazo vyinshi ingo; benshi baja kubaka ataruko Imana ibarekuriye, ahubwo u buzima bwa kimubiri bubabereye bubi, nta mahera, nta kwihangana, kandi ntabwo basiguza Imana, basiguza abantu nkabo kandi nabo basiguza ntibizera, kandi na bizera ntibazwi n’Imana ku bera batarongorwa na Mpwemu yera, nicogituma; Yesu avuga artya: { Matayo 5: 29-30} u rugingo rwawe rumwe rukubujije ijuru, nivyiza kurubura, hako, u mubiri wawe wose woja muri gehinomu: ntukangwe nu mubiri wawe ukugora, nawo hako u gukoresha icaha, saba u kwihangana, kuko u mubiri siwo uganza umuntu, ariko u muntu niwe aganza u mubiri, nimba ushaka u mwana, nturongore nturongorwe urwo si urukundo ni urucuruzwa uba ushaka wewe kuri mugenzi wawe muri urwo rugo uba ushaka gushinga, nimba igikuriro cu mubiri wawe arico ki kugerageza ki kagushitsa aho u nanirwa kw’ i hangana kugeza uronse uwo Imana ya guteguriye, kandi kikaba arico ki kumvisha yuko utegerezwa kubaka, atura mw’ i zina rya Yesu Kristo bikunze kora amafungo wirukane iryo dayimoni riba rinyegeye mu mubiri wawe, uko wihangana iyo utuye ico wipfuza Imana, nubwo itakwishuriraho ukomeza kwihangana wizera, kuvyo kubaka biciye mu rusengero ntibibamwo kamere, nimba imyaka ariyo iguteye i kibazo, sara aronswa u mwana mu busaza bwiwe none imyaka niyo ya muronkeje u mwana oyaha; ariko u kwizera nikwo kwa muhesheje u mugisha w’ u mwana mu busaza bwiwe, izo ni inyigisho za bantu, za satani, ntuziyoboke ziragukoresha icaha, ntugire mugenzi wawe nk’ a kaguriro abe arivyo bigutera kwibaza yuko ariwo Imana ya guteguriye, ivy’ u mubonako Imana ni yateza ururyi bigahera, u rukundo wa mukunda niho ruzoba rurangiriye. Urukundo rw’ u kuri umuntu nubwo agira ibibazo vyinshi aboneka nk’ u tagira i kibazo na kimwe, nkuko muri Yesu ariho hari vyose, abakijijwe babaho nabi ku buzima bufadika ariko bakagira u munezero badahabwa nu buzima barimwo bwa ki mubiri ariko ni agakiza no kwihanganira i bibazo, no gushira Imana imbere ku bahesha uwo munezero, bitabaye birtyo uzoba ugiye guteza i bibazo mugenzi wawe,; Kubana akaramata ntabwo ari kwibaza yuko uruhutse i bibazo, mwoye gutegeka uwo mwipfuza kubakana nawe, kuko u zoba ukora icaha co gutegeka, i hangane, shira u kwizera imbere senga Imana kugeza yishuye, woye kw’i maramaza mu guhutisha ivyo utiha, kuko Imana ya rekuye u rukundo muri twe, uvuye ku bihetangabo indwi ya geruye vyu rukundo ifise ; arico gituma atawoshobora kuyibona ya mbaye u mubiri ngo abeho kuko iratinyitse, niyo imenya umwe wese u mu kwiye, u guhutisha muvyo kubaka, uyo muhe u mwanya u sobanuze Imana, bikoze musabire gucishwa mu bibazo bihwanye ni nyishu ushaka kuri we, i kwemeza kwari uwo Imana ya kuzaniye, woye kw’ i besha yuko aruwo wahawe nayo ariko ari satani amukuzaniye, Kuva Yohana u mubatizi atangura kw’ i gisha ivyo kwihana be nuwagira aze Mesiya, kugeza uyu musi, higishwa abantu bihane kuko u bwami bw’Imana buri hafi ni bimaze gukoreka kuri ino si ni vyinshi ariko Yesu ntibisigura kwatazoza, rero ntukore i kintu ngo isi yaheze, uzokora ikosa, rongorwa nu kwizera u habwa na Mpwemu yera, maze nubwo Yesu ya guhitana uhaye u kora u bukwe, nivyishimo vyinshi. Abahamagawe ni benshi, abatoranijwe ni bake, uzoba muri gehinomu ukiri kwisi.
Yesu Kristo abazwa na bafarisayo bamugeza bagira bartya : Mbega birakwiye yuko umugabo yahukana n’ u mugore ku bw’ i nyanduruko yose, Yesu nawe agira artya: kuva aho Imana iremeye abantu ba biri, bamye ari abantu babiri batandukanye, Imana ntikunda u kwahukana, kuko kuva na mbere u muntu azosiga abavyeyi biwe akaja ku bana nu mugore wiwe akaramata, nabo bakaba nti babaye ba biri, ariko babaye u mwe, kandi ico Imana izoba imatanije ntihagire undi akimatura, abazwa i mpamvu mose we ya bahaye u burenganzira bwo kubahereza urwete rwo kuvavanura , nawe agira artya kandi : mose ya bikoze gurtyo kubera u gukomantara kw’ i mitima yanyu, ariko kuva mbere suko vyari biri, kandi abemeza neza yuko atari kubw’ i caha cu busambanyi, u wirukanye u mugore abacumuye, kandi u wabira u wahukanye aba asambanye. = Mbega ko hariho abakora u bukwe bagasengerwa bagahezagirwa mu rusengero, abandi bagasambana bagatera inda, bagaterwa inda, bakigemura i wu muntu, none murabo ninde Yesu Kristo ya vuzeko ayo majambo; Nico gituma benshi bazohanirwa i bintu bishizemwo batabanje gutahuza neza. Banza utahure kurongora no kurongorwa bica muyihe nzira kugira bigire u muhezagiro imbere z’ Imana, ayo majambo ntabwirwa abo basambana bagatera inda, bagaterwa inda, abo bigemura i wu muntu : ayo majambo, avuga ku muntu aciye mw’ i shengero, kandi nuyo nyene aciye mw’ i shengero abe amenya yuko agiye kumatana nuwo azobana nawe akaramata. ,,,, u sabwe gusubira gushasha kurondera uwo kubakana nawe, kugira u menye neza yuko urikumwe nuwo Imana ya gutoranirije; u zosubira kuresha u mugore urikumwe nawe, ariko nimba woresha u yundi, urikumwe nuwo kamere yawe yashimye,,,,. i myuka mibi Imana yaretse ishware isi iteza abakobwa abagore, abahungu abagabo kwambara nabi; u kiri utarubaka niho hari i gipimo ciwe nimba atwarwa no kuja yi beraho gurtyo anezezwa no kwisambanya, kwisambanira vyonyene ku mashusho yi nyambaro mbi aja abona kuko, u busambanyi busigaye burondera u muntu, canke akubaka biciye muri ru kristo, kandi biberaho ishitswa ryiri jambo Yesu ya vuze agira ati: Mwarumvise ko vyavuzwe, ngo ntugasambane. Ariko jeho ndababwira yuk’ u muntu wese araba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe { Matayo 5: 27-28}. Ku bamaze kubaka nabo ni urugezo kugira wimenye yuko uwo urikumwe nawe koko aruwo Imana ya gutoranirije, kubera Yesu yararivuze artya: u raba wese umugore akamwifuza, mu mutima aba amaze gusambana nawe: Bisabwa yuko wubakana nuwo Imana ya gutoranirije, bitari birtyo; urugo rurangwa ni bibazo bitandukanye, ahanini u gusambana hanze yu rugo, ukaba muri gehinomu ukiri kwisi. Akaramata naryo benshi koko bararyumva canke batwarwa nuko bipfuza kwambara i nkanzu yera, be ni koti nshasha, ivyo ntaco bivuze imbere z’ Imana nico gituma hariho i jambo ryama rikoreshwa; uzo mukunda kugeza ryari, mu marushwa mu magorwa uzo mukunda, irya nyishu niyo iba ikenewe imbere z’Imana kugira ibamatanye mube umwe; kandi niho mutangura gukurikiranwa na bamarayika babajejwe kubera muba mwemeje yuko urubanza muzorwemera kuvyo mwemeje imbere z’ i vyabona birenga bi biri bitatu, cumi, mirongo, amajana, rero u bishikemwo uzi neza yuko witeguye kumatana nuwo ukunda u rukundo rwa gi kristo, atari u rukundo rwa ki mubiri, kandi ko u tazobana nawe akaramata nkabari muri paradizo, ariko nkuko ; Pawulo yi gishije avuga artya; bi dusaba kw’ i njira mu bwami bwo mw’ i juru, duciye mu bigeragezo vyinshi; niko nu rugo rusabwa kumera utarongora utarongorwa ngo ugiye guhiga u munezero ukiri i wanyu utigeze uronka,; kandi kubaka nti bigirwe mu gushira imbere i bindi vyose u bonera ku bandi, ahubwo rube u rukundo rwo kubaka ndetse ukubaka kwawe ku gutere kworoherwa kurondera u bwami bw’ i juru; nimba Imana yari irajwe ishinga na bana, ntiyoretse bamwe nubu u mwana ba mubaza, nimba Imana yari irajwe ishinga na bubakana mbega abatubatse nka pawulo ya bakoresheje i bikomeye ishaka kwerekana iki, ati : hariho abavutse ari inkone, hariho abagizwe n’ a bantu inkone, hariho abigira inkone kubw’ i juru, nimba Imana yari irajwe ishinga na bantu kuronka i vyo kurya, ivyo kunywa, i vyo kwambara, aho kuba,; u kubaka kwogiriye i kimazi abatunzi, nkuko isezerano rya kera, abantu u butunzi baba bafise ariko nivyaha vyabo vyaharirwa, u fise bike ya harirwa bike.
U mugabo yashingiwe u bukwe mw’ i shengero abana n’ u mugore wiwe, u mugabo ntiyavyara, u mugore bimugora kw’ i hangana kuko ntaw’ i gira u tavyara, agakiza u mugore karamurusha ata u mugabo ata u rugo aragenda, iyari satani amufatirayo amuteza u busambanyi; ariko u mugabo na bugingo ya komeje asaba Imana i mugarukanire u mugore wiwe, Imana imwizeza kuzomugarukana ya kijijwe neza, atitaye ku busambanyi u mugore ya koze; urwo nirwo rukundo Imana ivuga kububakana, kandi niko i jambo ku bana akaramata risigura.
U mugabo yu bakana nu mugore bashimanye, u bukene burabatera u mugabo asezera u mugore aja guhiga i gitunga urugo rwiwe, haca igihe, u mugore ananirwa kw’ i hangana yizera u mugabo wiwe ko ya pfuye, arabirwa ahandi, aronka abana nundi mugabo, u mugabo i yari Imana i ramugendera arakira Umwami Yesu Kristo, aronka u mugisha mu vya mujanye, arikora aragaruka kuraba u mugore, asanga u mugore avyaranye abana nundi mugabo, asaba u mugore basubirane, u mugore aranka, abahanura bajako u mugore aranka, u mugabo yimwa i gikorwa mw’ i shengero ata mugore afise, u mugore wiwe aranka kugaruka, u mugabo akomeza u buzima bwo gukorera Imana, igihe kirashika, u mugore iyari agenderwa n’Uhoraho arakizwa, ijwi ri muzako, nawe ati; ndakumbuye u mugabo wanje, u mugabo arabwirwa ko u mugore amukeneye, bakora u bukwe bwiza cane mu myaka yabo; uko niko kwihanganira i bigeragezo niko kubana akaramata bisigura, ubakana nuwo u shimiwe n’Imana.
U mugore arubatse u mugabo wiwe aba i mpumyi, u rukundo rwiwe ku mugabo niho vyasabwa ko rwibonekeza, gurtyo ajamwo abadayimoni bamuteza u busambanyi, ajana abagabo murugo, u mugabo arakizwa u buhumyi amenya u mugore wiwe ivyo yikojeje, arababara, amajwi menshi agira artya: muhebe uyo su mugore wawe, ariko niwe ya shinze intahe mw’ i shengero kuzobana nawe akaramata, u mugore wiwe arihana, u mugabo afatwa ni ndahiro ya koreye imbere y’ i vyabona birenga bitatu, abana n’ u mugore wiwe bose bagendera indahiro bavugiye imbere z’ Uhoraho. Ubakana nuwo ushimiwe n’ Imana , bitari gurtyo gihenomu uzoyibamwo u kiri kwisi.
U mugore yubakana n’ u mugabo wiwe, u mugabo araborerwa, arasambana, araroga, babaho nabi gose bavyarana abana, u mugore yizera u mugabo wiwe ko azohinduka, biraguma bigera u mugabo ashaka kubaka n’ u ndi mugore, ariko asabwa kurindira agakomeza kubana nu wambere mugore, kiretse u mugore wa mbere apfuye niho akorerwa u bukwe nundi, u mugabo afata nabi u mugore amukubita amuroga kugira apfe bimworohere kurekurirwa kubakana nundi mugore, u mugore ntiyapfa, urugo ruhinduka i kuzimu, u mugabo biramwankira bigera kure, basabwa gutandukana, baratandukana, u mugore nu bundi akomeza kuba muzima, u mugabo akomeza kurondera ku mwica, ahabwe u buryo bwo kubaka nundi, u mugore akomeza kuba muzima, umugabo apagana gurtyo, ahitamwo undi muhabara bashingirwa muri leta yisi atanze ingemu, u mugore akomeza kuba muzima, u mugore wukuri nawe asambana nundi mugabo kuko u mubiri nawe wa mugoye, ya ndujwe n’ u mugabo wiwe ingeso yo kuja mu bapfumu, ariko agirirwa u buntu butangaje, arakizwa arasinzira mu bagororotsi, u mugabo afise amahirwe maki ico ya shatse ya kironse munzira mbi,; Imana ninyembabazi akiri muzima, afise guhinduka n’ u muhabara arikumwe nawe bagakizwa neza bagaharirwa ivyaha vyabo bagasengerwa bakabana bazwi n’Imana , nabo bagatangura kugenderwa na bamarayika babajejwe bashizwe mu muryango wa bemeye kubana akaramata, ariko bakomeje uko babanye ntabwo Imana izi u mubano wabo ba biri, u mugabo azobazwa ivyo ya koreye u mugore wa mbere, u mugore yu bakanye nuyo mugabo nawe abazwe u busuma ya koze bwo kwiba no gusambana n’ u mugabo wa bandi, ubakana nuwo Imana igushimiye.
I ngoma y’ u bu holande nico gihugu kiza mu vya mbere birimwo abatemera Imana kandi itegeko ryose ri tandukanye nico bibiliya yera yanka, nico kiba i cambere giha akarorero i bihugu bindi mu kuryemeza, u mwaka w’ i bihumbi bibiri nibo batanguje ku mugaragaro kwemeza itegeko rirekurira, u kubana kw’ a basangiye i bitsina, mu mico n’ i migenzo vyaho barakunda cane gusambana,; ariko ico gihugu nyene, u shatse gukorerwa u bukwe, yemererwa ku banza kubana nuwo yipfuza kuzobana akaramata bigane i ngeso i myaka ishika itanu, kugira nimba bashoborana babone gukorerwa u bukwe muri reta, ku gihugu kitisunga amategeko y’ Imana bishoboka bite yuko gitahura ko u kubana akaramata n’ u muntu atari i kintu gisanzwe, ku buryo bagishiriyeho itegeko riremereye, arico gituma, muri iki gihugu, abafise u kwizera, bemera u kubana iyo bashimanye mu mwanya mutoya canke muremure gukora u bukwe bwa gikristo mw’ i shengero, maze muri reta yisi y’ i co gihugu bakandikisha yuko babaye hamwe bariko barigana ingeso mu myaka ishika itanu, ariko imbere z’ I mana babanye akaramata. Bisigura yuko u muntu adakwiriye gufata i kintu co kubaka kwari i gikinisho, nkuko satani nawe ya hafatiye benshi, bihwana n’ i jambo Yesu Kristo ya bwiye abigishwa biwe ba musanze ku musozi wa elayono ku bijanye ni bimenyetso vy’ u kugaruka kwiwe, aho agira artya: Nkuko vyari mu gihe ca nowa, niko bizoba mu kuza k’ u mwana w’ u muntu, kuko, bararongora, barashingira, umuntu asoma iyo mirongo, aze asabe Mpwemu yera amutahuze canke atahure yuko; batubaka mu buryo buhimbara Imana, oyaha; vyakorwa mu buryo bwo kwinezereza bitagiramwo Mpwemu yera, imihezagiro y’ Imana, habamwo u gusambana, u kwigemura, abakunzi arico copinage, kubana n’ u ba aguteye inda, mu gakomeza mubaho musambana ariko mw’ i tana u mugore n’ u mugabo, ariko imbere z’ Imana itabazi. Ubakana nuwo Imana igushimiye, bitari birtyo, gihenomu uzoyibamwo ukiri kwisi.
Amahoro. Shalom!