Leopold Mugabaranoga, umwigisha wo kw’ishure ryisumbuye rya ITEBA mu Rumonge yagirizwa gushaka gushurashuza ku nguvu umwigeme wo mu mwaka w’umunani. Uwo mwigisha apfungiwe mu gasho k’igiporisi muri iyo ntara ya Rumonge.
Uwo mwigisha yagirizwa ugushaka gushurashuza umwana w’umwigeme asanzwe yigisha, yafashwe n’igiporisi kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 11 Ruheshi 2017 mu nyubakwa iri hafi ya paruwasi ya Rumonge aho yariko aganira n’uwo mwigeme mu mwanya muto bamaranye, basohotse imisa, nk’uko bivugwa n’uwagirizwa ico caha.
Ubuyobozi bw’ishure uwo mwigisha asanzwe arangurirako imirimo busaba ko yohanwa bimwe vy’akarorero hisunzwe amategeko, kuko yafatanywe itonga, muri iyo nyubakwa iri hafi ya Paruwasi Rumonge.
Umwigisha Leopold Mugabaranoga yagirizwa ico caha arahakana ivyo birego vyose, akamenyesha ko umuyobozi w’ishure yigishako ariwe ari inyuma y’ivyo yita « irementanya », akamwagiriza kandi ko ariwe yatunganije ivyo vyose kuko basanzwe batumvikana ku kazi. Umwigisha Leopold Mugabaranoga asaba ko uwo muyobozi wiwe yorengutswa nawe mu butungane.
Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya ITEBA mu ntara ya Rumonge yabwiye ikinyamakuru IGIHE ataco bapfa n’uwo mwigisha mu kazi, agasaba ubutungane ko bwokora kuri ico caha c’ugushaka gushurashuza umunyeshure wo kw’ishure arongoye.
Leopold Mugabaranoga arumvirizwa n’ubutungane ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri.