UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KW’IGENEKEREZO RYA 14/06/2017. 

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KW’IGENEKEREZO RYA 14/06/2017. Muri aya masengesho twahawe kwishimikiza amajambo ari muri Ezeckiel 37: 15-23; na Yesaya 19:23-24 

THEME :  » MUBE UMWE MUHEZE MUHABWE UMUGISHA »

Mpwemu w’Imana avuga yuko abantu basabagiye muvyiyumviro vyabo kandi yuko benshi badendebukiwe, bata ivyizigiro kubera amakuba , ibigeragezo n’umwiheburo. 

Ati ni mube umwe mugarure ukwizera maze ndabereke ivyihishije mutarabona.

IVYO MPWEMU W’IMANA ASABA KWITWARARIKA:

– Kumenya isoko ry’ivyo mwunva, mubona canke mwiyumvira (Imana, Satani canke kameremere);

-Kwama mwerekana ubuntu n’imbabazi z’Imana aho muherereye;

-Guhakana kwama mugerera mu mubiri muri uru rugendo;

-Gusubiriza ivyiyumviro bibi ( umwiheburo, kudendebukirwa, …) n’ivyiyumviro vyiza.

– Kwama mwibuka urukundo Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo yabakunze.

IMITWARO:

1. Gusenga abantu babane mu rukundo mubudasabwabo  

2. Gusengera igihugu c’amasezerano no kubihe igihugu kiriko kiracamwo ubu.

3. Gusengera abariko barenganywa muburyo bwose

4. Gusengera I dyane ziri mumashengero no hagati y’aba kristo. 

5. Abafise inzara n’inyota , bugarijwe n’ubukene buri mugihugu no hanze yaco.

6. Abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.

7. Abari mu bitaro canke abagwariye muhira mumihana itandukanye.

8. Impfuvyi n’abapfakazi, abana bo mwibarabara hamwe n’ababuze ababo.

9. Gusengera ab’isezerano bari mu ngedo z’ibikorwa bitandukanye.

III. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI

1. Ivyo Mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.

2. Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.

3. Abo mwashoboye kuremesha muvyo Impwemu no kubigisha umugambi w’Imana ku Burundi.

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 13/06/2017

abisezerano.com