YESU NI BWANA / Ijwi ry’usemerera mw’ihanga ry’abarundi ari ryo Isirayeli ya Kabiri, riragarutse ukundi gusha risemerera riti muntu wese uri mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri haguruka wumve; kurugutura amatwi yawe wumve kuko Uhoraho Imana y’ijuru n’isi, Imana y’Ubutatu Bwera, ImanaIjwi ry’usemerera mw’ihanga ry’abarundi ari ryo Isirayeli ya Kabiri, riragarutse ukundi gusha risemerera riti muntu wese uri mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri haguruka wumve; kurugutura amatwi yawe wumve kuko Uhoraho Imana y’ijuru n’isi, Imana y’Ubutatu Bwera, Imana
IMBURI IBURA INKOTA, IBIHANO, GUKOMVOMVORWA KW’ABANYAKIBI N’ABAGARARIJI; BE N’ISHITSWA RY’ISEZERANO KURI ISIRAYELI YA KABIRI; KUVA KWA NDAYISHIMIYE DANIYELI – SHINYANGA TANZANIA. TEL: +255 687 927 553, ITARIKI 20/01/2015.
ABANSI B’IHANGA BE N’ABANYAKIBI BO MW’IHANGA BIYUMVIRIYE MU MITIMA YABO NGO NTA MANA IRIHO KUBW’AMASEZERANO; ARIKO NONE NGIYO IRAJE MU BURAKE NO MU BUSHANGASHIRWE.
. INTANGAMARARA.
. Ijwi ry’usemerera mw’ihanga ry’abarundi ari ryo Isirayeli ya Kabiri, riragarutse ukundi gusha risemerera riti muntu wese uri mw’ihanga rya Isirayeli ya Kabiri haguruka wumve; kurugutura amatwi yawe wumve kuko Uhoraho Imana y’ijuru n’isi, Imana y’Ubutatu Bwera, Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo araje mu burake no mu bushangashirwe kugira atange ingero ikwiranye n’ivyo buri muntu wese yakoze. Haguruka uve i buzimu uje i buntu, uhebe wihane kandi uhindukire wizere Imana; nay’ahandi ivyawe bigira bigaragare mu kanya gatoyi.
. UKWEREKWA GUKOMEYE.
Kubw’iyi mburi ikomeye, Uhoraho yanshize mu kwerekwa; ukwerekwa kw’akahise ka kera rwose, akahise k’ukuri kandi k’intibagirwa mw’ishengero ry’Umwami Yesu Kristo. Mur’ukwo kwerekwa kwanjeko, Uhoraho yampishuriye ivyabaye hanze y’igisagara ca Yerusalemu ku musozi wa Gologota aho Umwami Yesu yabambiwe mu gihe kirekire giheze nk’uko tubisanga mw’ijambo ry’Imana ryo muri Bibiliya Yera. Ivy’Uhoraho yampishuriye ng’ibi : « Umwami Yesu yar’abambwe ku musaraba ababajwe n’ivyaha vy’abo mw’isi. Hafi y’umusaraba hariho abantu benshi bariko baramushinyaguriza, bakoma induru, baduza amajwi hejuru bati: “ko wakijije abandi ugakora ibitangaza vyinshi, ni wikize nawe wikure ku musaraba”. Mur’abo bantu harimwo abaherezi, abafarisayo, abanyabwenge b’ivyanditswe, be n’abantu b’uburyo bunyuranye; abo bose bari gushinyaguriza Umwami Yesu. Impande yabo hari abantu bakeyi bari buzuye intuntu n’umubabaro batuntujwe n’ukubabazwa kw’Umwami wabo. Aho nyene kandi, habonetse abandi bakeyi; nabo bakaba bari ingabo z’abaroma ari nazo zashize mu ngiro itegeko rya Pilato ry’ukubamba Umwami Yesu ».
Ukwo kwerekwa kwarabandanije: Mu kanya haje umwiza mwinshi utwikira aho hantu nk’uko vyanditswe muri Bibiliya Yera.
Ivyo bigeze aho ukwerekwa kwarabandanije; maze Imana impishurira n’ayandi mabanga atanditse muri Bibiliya Yera ariko ajanye n’ivyabaye kirya gihe Umwami Yesu yar’abambwe ku
musaraba; amabanga y’ukuri, yemezwa n’Umwami Yesu; nayo akaba ari aya: « Mu gihe Umwami Yesu yar’abambwe abana b’abantu bari kumushinyaguriza bamucokora, mu kuzimu kwa Satani hariko haraba umusi mukuru munini. Uwo musi mukuru wari uhuje Satani n’abadayimoni kandi wari ugizwe n’umunezero mwinshi, indirimbo be n’ivyivugo vyinshi. Ivyo vyose vyari gukorwa n’abadayimoni bari gushimagiza umwami wabo Satani, bishima bishimagiza, bihaya ko baronse intsinzi nini kw’isi kubera wa Mwami w’ububasha Yesu Kristo yar’amaze imyaka itatu n’igice agaragaza ubwami bw’Imana mw’isi bari bahejeje kumumanika ku musaraba».
Umusi mukuru uriko urabandanya mu kuzimu; ku musaraba Yesu yavuze n’ijwi rirenga ati: « Vyose birarangiye», aca aracikana. Bimaze kuba uko, hariya mu kuzimu Satani n’abadayimoni badugije ijwi rirenga incuro zitandatu bati: « intsinzi, intsinzi, intsinzi, intsinzi, intsinzi, intsinzi ». Aho bari kwivuga rwose kubera bari bazi ko vyose biheze barwanije imigabo yose y’Imana mw’isi! Ariko mu kanya isase i kuzimu ibintu vyaciye bihinduka: ubwo nyene Satani n’abadayimoni bakiriko barasemerera intsinzi, umuco munini kandi ukomeye waciye useruka i kuzimu. Uwo muco umaze guseruka i kuzimu, Satani n’abadayimoni baguye mu gahundwe kanini, barijirirwa kubona ibintu bishasha nk’ivyo. Mur’ukwo kwijirirwa, umunezero waciye uhinduka umubabaro, ubushizi bw’amanga buhinduka ubwoba, ukudendekubukirwa, ukujugumira be n’ubumaramare. Uwo muco nticari ikindi ahubwo yari Umwami Yesu yar’ashitse i kuzimu kugira ahonyange umwansi w’Imana n’abantu; Satani. Mbona Yesu ashogomanga yuzuye ubushobozi n’inkomezi zose kandi agenda atumbereye aho Satani yar’ari be n’abadayimoni. Mur’ako kanya abadayimoni ntibashoboye kwihanganira ububasha bw’uwo muco, ahubwo baciye bahunga, umusi mukuru uba urasambutse. Yesu Kristo yakomeje agenda agana Satani.
Ntibitevye; amushikiriye, mw’ijwi ry’ububasha n’ubushobozi bw’Umwami w’abami; umugabo w’abagabo Yesu yaciye yaka Satani urupfunguruzo rwa rupfu na kuzimu. Satani ntiyanatevye kurutanga kuko yari nk’uwugomba gukiza amagara ariko ntivyamushobokeye kuyakiza kuko Yesu amaze kumwaka urwo rupfunguruzo yaciye amuhonyora ku mutwe amusya umutwe wiwe wose, Satani asigara ari ikibiribiri gusa. Bigeze aho naciye mva mur’uko kwerekwa».
. INSIGURO Y’UKWO KWEREKWA: AKAMARAMAZA MW’IHANGA RY’ABARUNDI ISIRAYELI YA KABIRI: IGIHE C’UMWIZA W’AKATARABONEKA
Maze kuva mur’uko kwerekwa natangajwe n’ivyo Imana yar’impishuriye, nanirwa gutahura igituma Imana inyeretse ibintu nk’ivyo vyabaye kera; kandi ntangazwa n’igituma Imana ibimpaye mu kwerekwa kandi abakristo bose twama twabisomye muri Bibiliya Yera. Nibajije rwose imvo y’ivyo bintu ndananirwa gutahura. Niho Uhoraho yambarira ati: « Mwananje umviriza ngutahuze ivyo weretswe; kuko ivyo weretswe atari ivyiyumviro; ahubwo ni ibiriho mw’ihanga ryanje ry’abarundi Isirayeli ya Kabiri. Uhoraho ati: ivyo weretswe ni ibiriho si ivyahise, ahubwo ni ibiriho, mbere ntubishire ku vyabaye kera mu ntango y’igihe c’isezerano risha; kuko birya vyarabaye kandi ntibizosubira kuba: Naratanze umwana wanje w’ikinege kw’isi; yarakoze ivyo namutumye vyose, yarababaye rwose arashinyagurirwa, yarapfuye ariko yarazutse, n’ubu ni muzima ibihe bidashira. Nanje ndasiguza nti none umbwiye iki ga Mwami wanje kur’ivyo vyose unyeretse? Uhoraho anyishura ati: « Ivyo ndakweretse ni akarorero k’ukuri ku biri mw’ihanga ryanje ry’abarundi Isirayeli ya Kabiri; rya hanga maze kugutumako kenshi amajambo yanje kugira bihane bahinduke banyizere nanje ndabashikirize isezerano ryo kubakura mu buja no mw’isabagire». Maze kwumva uko, vyanteye umwete wo gusiguza kugira ngo ntahure ic’Uhoraho ambariye. Ku musi ugira gatanu (5) uhereye aho naherewe ukwo kwerekwa; ndiko ndasenga nsiguza iryo jambo ry’Uhoraho niho Uhoraho yantahuza rwose ukwo kwerekwa. Maz’Uhoraho ambarira ati, ngiyi insobanuro y’ivyo weretswe: Uhoraho ati: « Kuva kur’irya tariki aho umukuru w’igihugu ca Tanzania Kikwete atangarije ubwenegihugu ku barundi bari muri Tanzania, i kuzima haciye haba umusi mukuru uhambaye. Uwo musi mukuru wahuje Satani n’abadayimoni, bari guhimbaza Satani kubera ko iryo tangazo ry’ubwenegihugu kubo mw’ihanga ryaje gutembagaza imitima y’abo mw’ihanga ryanje; ndetse Satani n’abadayimoni bo bibajije ko intumbero zanje mfise kw’ihanga ryanje Isirayeli ya Kabiri be no kw’ishingero ryanje kw’isi yose muri kino gihe ca none zose zipfuye. Uhoraho ambarira ati:« Nico gituma kuva irya tariki, abantu mw’ihanga ryanje mu makambi ya Katumba, Mishamo, Ulyankulu, no hanze yaho, baciye bagira imisi mikuru,barahimbarwa rwose mu mitima!». Uhoraho ati: « Ivyo bakoze vyose vyo kunezererwa no guhimbarwa vyajanye n’ivyari kuba mu kuzimu kwa Satani, kandi n’ubu biracariko birabandanya: i kuzimu Satani n’abadayimoni baracariko baragira umusi mukuru, kandi kw’isi naho; i Katumba, Mishamo na Ulyankulu be no hanze y’aho, abantu baracariko baragira imisi mikuru bahimbarwa rwose n’ico kiza c’ubwenegihugu, abandi nabo bariko baritegura kugira iyo misi mikuru. Uhoraho ati: Mwananje ivyo bintu binteye ubushangashirwe bwinshi; ngira nururutse ukuboko kwanje kw’inkomezi ndabirandure.
Maz’Uhoraho akomeza kuntahuza ivyo neretswe ati: « Mwananje tega ugutwi ndagutahuze ivyo weretswe kuko ni ibiriho». Maz’Uhoraho ansigurira ati :
1. Ukubambwa kw’umwana wanje w’ikinege weretswe, insobanuro yakwo ni iyi: « Isezerano ryanje kw’ihanga ry’abarundi Isirayeli ya Kabiri ni jewe Uhoraho naryikuriye mu kanwa kanje; nije narishizeho. Iryo sezerano ni iryera kuko mu kanwa kanje ataho higeze kuvamwo ibihumanye kandi ntaho bizokwigera biba. Iryo sezerano abarundi mwaronse rishingiye ku maraso y’umwana wanje Yesu Kristo yasesetse ku musaraba i Gologota; kuko mwarihawe mur’iki gihe c’isezerano risha. Uhoraho ati: Mbere riruta iryo nahaye Abisirayeli ba mbere kuko bo ryari rishingiye ku maraso y’ibikoko ariko iryanyu rishingiye ku maraso ya Kristo; amaraso y’agaciro kanini. Nico gituma mugiye kubona ibitangaza bikomeye cane rwose. Ati rero ni iryera kandi abarihaririza bose bakavuga ngo nta sezerano ririho ngo kuko mu Burundi atari mw’ijuru; abo bose baracumura kandi ni abanyavyaha. Mbere batihanye; uretse ko ngiye kubahana vuba; n’uwuzopfira mur’ico gihano azoja mu muriro, nta juru ryanje azogeramwo n’ubwo yoba ari umwungere arongoye ishengero; kuko icaha ari caha! Uhoraho ati ni jewe nganza ijuru n’isi n’ibiriko vyose, n’abantu bose. Ico nejeje kiba cejejwe; nta wukwiye kucita igihumanye ( Ivyakozwe n’intumwa 10:15). Ati isezerano ryanje ni iryera kandi hambavu yo kubakura mu buja, ririmwo igikorwa canje co kuzana umuvyuro mw’isi yose.
Niho Uhoraho yambarira ati, mwananje; ico kimenyetso c’ukubambwa kw’umwana wanje nkweretse cerekana ko abantu bose bo mw’ihanga ryanje iyo bagararije ntibizere amasezerano, baba bari kubamba umwami wabo yabatangiwe ku musaraba kubw’iryo sezerano; mbere baba bari kumubabaza rwose, kandi ivyo ni vyo bagize imisi bari gukora mu kunezerererwa ubwo bwenegihugu be n’ibindi vyaha». Nico gituma ntashobora kubihanganira na gatoyi. Rero ngira nze niheshe icubahiro. Uhoraho ati babwire babimenye kuko bamenyereye ugufyina.
2. Abashinyaguriye Umwami Yesu ari ku musaraba, insobanuro yavyo ni iyi: « Uhoraho ati kurya ko wabonye abaherezi, abafarisayo,abanyabwenge b’ivyanditswe be n’abantu bari gushinyaguriza Umwami Yesu ari ku musaraba, ni ko biri mw’ihanga ryanje. Uhoraho ati: Iyo abungere (abaherezi) n’abakozi b’uburyo bwose bo mw’ishengero be n’abantu bose bariko baracokora isezerano ryanje; bagacokora ubuvugishwa, n’abavugishwa banje; bagacokora n’abantu bose bizeye isezerano, bakavuga ngo nta sezerano ririho, ngo vyaraheze ntabikiriho, ngo Imana yarahinduye, ngo nta sezerano rikiriho; iyo bari kuvuga ivyo vyose, baba bari gushinyaguriza Umwami Yesu, kandi baba bari kunshinyaguriza jewe Uhoraho na Mpwemu wanje!» Uhoraho ati: « Kuva aho hatangarijwe ubwenegihugu, agacokoro karongerekanye; kandi abungere, abavugatumwa, abadiyakoni, abaririmuyi, abakozi b’uburyo bwose, abakristo n’abantu basanzwe, mbere n’abatinjira mu rusengero; bose baragirizwa ico caha».
Uhoraho ati: Mw’ihanga ryanje hariho n’abantu bize Ivyanditswe Vyera vya Bibiliya mu mashure ya Bibiliya. Abo nabarungitse kugira bige hanyuma baze bakoreshe ivyo bize mu kwubaka imitima y’abantu no kubafasha kugira bashikame mu masezerano yanje; ariko ivyo bize vyabaye impfagusa, mbere babikoresha mu kuncokora. Uhoraho ati: « Bwira abo bantu ben’abo uti: « Amashure ya Bibiliya mwize canke muriko muriga yahindutse imva zuzuye amagufa kuko ha kugira ico mumaze mwabaye abo kuzimiza abantu ngo nta sezerano ririho, ngo ubwenegihugu bwo muri Tanzania ni intumbero y’Imana, ngo ni ibisanzwe kubana ubwenegihugu bwinshi, ngo ntaco bitwaye umuntu arashobora kwakira ubwenegihugu bwa Tanzania munyuma akakira isezerano. Muri abafarisayo buzuye uburyarya; nta kuri kuri muri mwebwe kandi mutihanye mugiye gupfa, ivyo mwize bibe impfagusa kuko ataco mumaze. Abandi nabo muri mwebwe bameze nk’ikivo ( ikivuruvu) kuko iyo kiriko kiragenda aho kiri hose kigendana inkeka kandi kigahindagurika umwanya ku mwanya. Uhoraho ati: abo bantu bize ivya Bibiliya; be n’indongozi z’ishengero, iyo babonye amajambo y’ubuvugishwa ndabarungikiye baca bigira abahinga bo kugenzura impwemu, bakaba aba mbere mu kutemera ubuvugishwa mbere bakanabuza n’abo barongoye kubwemera. Ivyo vyose babigira bakoreshejwe n’umubiri kuko n’ugusenga batagisenga. Kuko nimba baba bakeneye gutahura ko ubuvugishwa ar’ubwanje, baba bakwiye gusenga bagasiguza, ntibakoreshwe n’ubwenge bwabo.
Uhoraho ati: Babarire uti: « Mwaratemvye muragwa, ishure yo muri Mpwemu Yera y’ivy’ukwizera yarabananiye kandi ntaho muzokwigera musobanukirwa ivy’Uhoraho mukoresheje ubwenge bwanyu».
3. Abari batuntujwe n’ukubabazwa kw’Umwami Yesu, insobanuro yavyo ni iyi: Uhoraho ati: Barya wabonye bari i ruhande y’umusaraba batuntujwe n’ukubabazwa kw’Umwami Yesu ni ikigereranyo ca barya bantu bo mw’ihanga bizeye amasezerano. Kuko aho bari hose bama bafise intuntu kubera agacokoro Uhoraho Imana acokorwa n’abantu batizera isezerano. Bama bari gusenga binginga Imana; nta bihimbaro vy’isi barimwo, Tanzania kuri bo si ikiboreza ahubwo ni ikintu gisanzwe. Kiretse gusa bo barajwe ishinga n’uko ubugombe bw’Imana bushika mw’ihanga no kw’isi yose. Ntibanyugwa gusa n’uko ari abakristo canke indongozi, ahubwo bifashe nk’abana bato kugira banezereze umuremyi wabo. Uhoraho ati abo bantu bafise impera nini kuko biteze umunezero munini haba mu buzima bwabo ngaha kw’isi be no mw’ijuru kandi aho bari hose bambaye umwambaro wa Kristo uranga umubabaro kubw’abandi(Gal 6:17; 2Kor 4:10) .
4. Abasoda b’abaroma i ruhande y’umusaraba, insobanuro yavyo ni iyi: Uhoraho ati: Barya basoda bari i ruhande y’umusaraba ni ikigereranyo c’amareta y’amahanga. Uhoraho ati: Tanzania, Uburundi be n’amahanga, bose bahagaze musi y’ubutware bwa Satani mu gushira mu ngiro imitegekere ya Antikristo yo kurwanya integuro zanje. Uhoraho ambarira ati: Mwananje umviriza nkubarire :«Umugambi w’ubwenegihugu ku bantu bo mw’ihaga ryanje aho bari hose haba muri Tanzania canke mu bindi bihugu ni intumbero ya Satani. Ubwenge bwanje ni bwo bwatumye muremwa mukitwa abarundi. Ubu hoho nabahaye izina risha; muri Abisirayeli ba Kabiri kandi nabahaye iryo zina si gusa ahubwo kubw’ukuba ihanga niharije mw’isi ya none no kunkorera igikorwa canje mw’isi yose . Ni nde mu bantu bo kw’isi yose afise uburenganzira bwo guhindura abantu banje akaranga kabo be n’izina ryabo? Abakoze ivyo vyose; yaba amahanga, bwaba Uburundi, yaba Tanzania, baba abo mw’ihanga banezererewe ubwo bwenegihugu; bose bari kuvomera mu catobotse kandi bagiye gusigara mu bumaramare budasanzwe kandi buri ruhande ngiye kuruhana bikomeye rwose .
Maz’uhoraho ambarira ati mwananje tahura iki nkubwiye:«Umuntu wese yahimbaje ubwenegihugu, yaba umwungere canke umukozi wundi mu rusengero; yaba umukristo canke uwutari umukristo; uwo wese yemeye ivyo kandi akabihimbaza (canke naho yoba atabihimbaje ariko gusa akaba yaravyemeye) yunamiye Bayali, yasenze ibigirwamana, yaratemvye kandi yaraguye.»
Nanje mbaza uhoraho nti none ga Uhoraho ikimenyamenya c’uko batemvye ni ikihe? Uhoraho ati: Birya nakweretse vy’umusi mukuru wakoretse i kuzimu kuva aho igihugu ca Tanzania gitangarije ubwenegihugu ni co kimenyetso c’ugutemba kw’abantu bose bo mw’ihanga bakiriye ubwo bwenegihugu bakanabuhimbaza. Uhoraho ati: Ni co gituma abenshi bagize imisi mikuru, abandi n’ ubu bakaba bimirije kuyikora. Uhoraho ati: impwemu za kuzimu ni zo ziri gusunika abungere, abakristo bose, indongozi z’abantu be n’abantu bose kugira imisi mikuru, kugira bifatanye na kuzimu; uburyo kuzimu iri guhimbaza imisi mikuru abe ari ko no mw’isi bayihimbaza; bahimbaze ico Satani yise intsinzi ku ntumbero y’Uhoraho.
Maze kwumva ivyo mbaza Uhoraho nti none ga Mwami, ko abavugishwa bawe watubwiye ko ubwenegihugu ata buriho kandi ubu tukaba turiko turakocorwa none tubifate gute? Uhoraho anyishura ati:«Mwananje humura kuko uwucokoye abakozi banje aba acokoye jewe nyene ubwanje. Ati mbega umutima w’umuntu wobabara ugashikira ingene umutima w’Uhoraho ubabara? Uhoraho ati: Ni co gituma nkubwiye nti ijambo ryanje ntirihinduka! Uhoraho ambaza ati , mbega uguhabwa ubwenegihugu bisobanura iki? Nanje nti bisobanura ukuba mur’ico gihugu ubuhawemwo utitwa impunzi canke umushitsi. Uhoraho ati: Nico gituma nakubwiye ko ababutanze n’ababuhawe bose bari kuvomera mu catobotse.
Maze kwumva ivyo, mbaza Uhoraho nti:«None ga Mwami nimba ubwo bwenegihugu ari umuyaga gusa uhita ni kuber’iki i kuzimu Satani n’ abadayimoni bagize umusi mukuru? Nti none bafise inyungu nki ku bintu bitariho? Uhoraho yampishuriye ijambo rikomeye ati « Satani we ic’akora n’ ukwanduza imitima y’abantu. Umuntu wese iyo yanduje umutima wiwe aba avuye mu maboko y’Uhoraho akaja mu maboko ya Satani. Naho vyoba bibaye mu kanya isase katangana n’isaha imwe canke umunota umwe, ikintu cose canduza umutima w’umuntu kikawutandukanya n’Uhoraho kizana inyungu kwa Satani kuko ni co gikorwa ciwe; ni rwo rudandazwa rwiwe. Uhoraho ati, mwananje, mbega ntuzi ko Satani ivy’akora vyose abikoresha ururimi rw’ububeshi? Mbega ntuzi ko Satani ari inzirakuri akaba umunyabinyoma kandi akaba se wavyo ?
Uhoraho ati: Kuba abantu bo mw’ihanga barizigiye ubwenegihugu bakabunezerererwa naho atari ukuri; kuri Satani bifise inyungu kuko iyo abantu bavyemeye bakavyizigira, baba bamuhaye imitima yabo. Uhoraho ati:«Abavyakiriye baraguye, baratemvye, kandi bari mu rupfu:»
Nanje nsaba Uhoraho nti Mana yanje ndakwingize n’iki kibazo ndakikubaze: Maze ndabaza nti: Mw’ihanga ryawe abantu bavugako kuva kera wari warabihishuye ko abantu bazokwakira ubwenegihugu hanyuma babwakwe babone gutahuka mu gihugu c’isezerano; nti kandi ivyo abantu babayeho bavyiteze nk’ikimenyetso c’ugushitswa kw’ isezerano ryawe. Maze kubaza uko, Mpwemu Yera yanshungurukijeko ijambo ryo muri Bibiliya Yera rivuga riti:«Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, arik’ubizana azobona ibara. Ivyoba vyiza n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw’atsitaza n’umwe muri aba bato (Luka 17: 1-2)
Maz’ Uhoraho ambarira ati : «Abenshi mw’ihanga barihenda ngo turarindiriye isezerano, ngo kuva kera vyaravuzwe ko tuzokwakira ubwenegihugu munyuma Uhoraho ashitse isezerano tubwakwe!Uhoraho ati : Baza izo mburabwenge zo mw’ihanga zivuga uko uti:«Mbega ko mwihenda uko, ni nde yababwiye gukora ibizira; ngo muri gukwiza ivyavuzwe?»Mbega iyo ibintu bivuzwe kandi ari ibizira, iciza n’uko uwabiburiwe yobikora? Mbega s’uko yobizibukira? Maze Uhoraho avugana ubushangashirwe bwinshi ati bambarize uti :«Mbega Adamu, na Eva, na Kayini, na Yuda, na Balamu, be n’abandi bose baburiwe imbere y’igihe; ko banse kwitandukanya n’ibizira bari baburiwe; bamaze kubikorako barahanwe canke ntibahanwe?». Niho Uhoraho yavuga ati:«Abo bose bavuga uko barihenda kandi baracumuye kandi bagiye guhanwa.»
«Maz’Uhoraho ambarira ati:«Abantu banje baratemvye kubera ukudatahura ivyanditswe be n’ubuvugishwa. Ivy’ubwenegihugu nabiseruye kuva kare kugira bamenye ko ari ikizira kuri bo. Noneho kandi ntihagire ico bitwaza kuko mu buvugishwa bwa Pasika, jewe Uhoraho narabivuze ko abarondeye ubwenegihugu bose bacumuye! Ni co gituma ibihano kuri bo bidasubira inyuma kuko bakoze ibivuye mu vyipfuzo vyabo bibi bari basanganwe mu mitima yabo».
Maz’Uhoraho ambarira ati:« Mwananje, iy’abo bantu baba abana bumvira, bari gutahura ko ivyo navuze kuri bo vyari ishure kuri bo y’ukubagera ukwizera kwabo. Nanje Uhoraho nari nipfuje kubona ko ndonka abafise ukwizera nka ba Daniyeli, Shaduraka, Meshake na Abedunego bemeye gutabwa mu vyago kubw’ukwanka kwunamira ibizira . Ariko none, mw’ihanga ryanje ry’abarundi riri i Katumba, Mishamo na Ulyankulu, no hanze yaho, no mu bindi bihugu; mu bantu bose bashize umutima ku bwenegihugu, ni nde yamenye ukuri kandi akakwemanga? Bose baratemvye kuko bitaye mu vyo batagezwe. Nta yindi ngero bagiye kuronka atari ugucirwakw’iteka».
Maze Mpwemu w’Uhoraho anshungurukirizako ijambo ryo muri Bibiliya Yera rivuga riti: « Bazobona ibara kuko bajanye inzira ya Kayini,bakiroha mu buzimire bwa Balamu kubw’amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora. Abo ni ivyubirizi mw’isangira ryanyu ry’urukundo iyo basangira namwe ivyiza; ni abungere biragira ubwabo ata dusoni: Ni ibicu bitagira amazi, bikubebwa hose n’umuyaga; ni ibiti birumvye bitama, vyapfuye kabiri, vyaranduranwe n’imizi; ni imipfunda yo mu kiyaga isuriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; ni inyenyeri ziyerera zibikiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira. Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwipfuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbagayemw’ukwirarira, bubahira abantu kubakuramw’amaronko ( Yuda 1:11-13,16).
AKUMIZA: Maz’Uhoraho ambarira ati: Mwananje ibi nkubariye ntibiri ku bantu bari muri
Tanzania gusa.Si bo bonyene gusa bari kunezereza no guhimbaza Satani n’abadayimoni. Uhoraho ati:« N’abari mu bindi bihugu bose bahenuriye imitima yabo ku bwenegihugu canke abari mu Burundi bahenukiye muvy’ukuburanira amatongo, ukuja mu migambwe no kuyikurikira, canke abantu bose bafise imitima yanduye batizera Imana n’amasezerano yayo, abarwanya ubuvugishwa na Mpwemu Yera, bagatoteza abizera Imana; abo bose aho bari hose baba ari indongozi canke abantu basanzwe, bose ni abashumba ba Satani kandi niwe banezereza». Uhoraho ati: Ngomba ngosore abantu bose bo mw’ihanga, ibihumbwa vyose ndabiturize umuriro w’ubushangashirwe bwanje.
. IVY’UHORAHO AGIRA AKORE
. KU BAKOZI BO MU MASHENGERO N’ABANTU BOSE BAGABITANYA BABA ABARI MURI TANZANIA, MU BURUNDI NO MU BINDI BIHUGU
Maz’Uhoraho ambarira ati:« Mwananje abantu nakuye mu gihugu c’Uburundi nkabashikana mu buhungiro amahoro, nkahabazigamira mu myaka yose, nkavugana nabo ingere kenshi, nkabategurira intenguro nziza yo kubashikiriza isezerano ry’agaciro kanini mu mahanga yose, barandyarutse. Abandi nabo batigeze bahunga; naho bari musi y’agacinyizo k’abansi babo mu Burundi, narabazigamye kugeza uyu musi; none nabo bandyarutse. Nta kindi batambira atari ikinyoma, bakigira abakozi beza b’Uhoraho ariko buzuye ububi, ubugabitanyi, ukutizera, ukurwanya integuro zanje be n’amajambo yanje y’ubuvugishwa. Kuber’ivyo, singira ukubihanganira kandi; ngira ndabahane rwose.».
Maz’Uhoraho avuga ati:«Abari muri Tanzania, mu myaka yose babaye mu bugaragwa, nta musi bigeze bangirira umusi mukuru wo kumpimbaza no kunshikanira amashimwe ku vyo nabakoreye vyose. Nta mwungere n’umwe yigeze ahagarara imbere y’ishengero arongoye ngo atere akamo ab’arongoye bose ati yemwe hanga ry’Uhoraho ni muze tugire ikoraniro ry’agahebuza; dukengurukire Uhoraho Imana yacu ku vyo yadukoreye vyose.
Ariko banyishuye ikibi mu gishingo c’ivyiza nabakoreye; bunamiye Satani bamugirira imisi mikuru mbere abaherezi bamwe n’izindi ndongozi bagiye imbere y’abandi mu gutoza ibimazi ( imisoro) vyo gushikanira no gushimira abana b’abantu na Satani. Uworekera abantu nk’abo mu ruhongore rwiwe yoba agomba kwanduza umukuku wiwe wose. Nico gituma jewe Uhoraho ngomba mpane abantu bose b’intambirakiza, ngomba mpane i Katumba, i Mishamo, i Ulyankulu no hanze yaho;ngomba mpane mu Burundi; no mu bindi bihugu ahari ubwoko bwanje hose. Ndabarahiye ngiye kubarandura uhereye ku wukuze kugeza ku muto, kandi ingo zigiye gusigaramwo amarira n’amajwi y’ibisiga bigiye kwivuga amazina biri gutsontsomera inyama z’imivyimba y’abagarariji kuko amajwi yabo bavugishije mu kuncokora no gucokora ijambo ryanje n’abavugishwa banje na Mpwemu Yera, bakongera bakayakoresha mu guhimbaza Satani n’abana b’abantu; ayo majwi yose ngiye kuyazivya vuba.
Ndabarahiye uguhoraho kwanje ko ntareka kubakomvomvora.
Uhoraho ati: Ngiye guhana abarongozi b’amashengero banse kunyumvira bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi, bagatinya icubahiro c’abantu ha gutinya Uhoraho. Ngiye guhana abungere rwose kuko bazimije intama barongoye, bakagarariza bakanka kuzereka inzira yanje kandi nari narayiberetse bose. Bamwe bagiye gupfa, abandi bagiye gukurwa mu bukozi basigare ari ibimaramare, kuko babaye ibijabija, ata mbuto bacama kandi basigaye ari urwamfu mu buro. Ngiye guhana n’abandi bakozi b’uburyo bwose; inkota, ikiza n’ibindi vyago bigiye kubatera. Ngomba kweza ihanga ryanje, nkuremwo ibizira n’inzitizi zose, guhera imbere kugeza kuwo hasi.
Maz’Uhoraho ambarira ati: Sodoma na Gomora imbere yo kuhakomvomvora nabanje gutuma intumwa zanje ( Abamalayika) kugira zihweze ko bakora ibihwanye n’ukw’induru zabo zanshikiriye; kandi nasanze ariko bameze ( Itanguriro 18:20-21; 19: 4-5). Nico catumye ndahakomvomvora.
Uhoraho ati: « Kw’ihanga ry’abarundi riri muri Tanzania, ivyo bakoze vyose vyo kunamira ubwenegihugu bwa Tanzania, bagahimbaza Satani bakancokora, vyose vyambereye icemezo c’uko ari ihanga ry’abagarariji; kandi kw’ivyo bahora bavuga bakongera bagakora vyose ari ubugabitanyi bwo mu mitima yabo. Igihe cose bari kubikora nariko ndabitegereza, none nabahinyuye. Nico gituma ntacigaruye ngo ndabareke».
Uhoraho ambarira ati: « Mu buvugishwa bwo gutegura urugendo narungikiye abo mw’ihanga, navuze ko ivyo abantu bose bazovuga, Impwemu yanje izohaguruka mur’ayo majambo bazoba bashiburiye mu nzu zabo, kugira ibacire urubanza. None narabitegereje rwose, amajambo yanje barayakengereye, bamwe baranka kuyakira, abandi baratabaguye burya buvugishwa, abandi mbere barabuturiye mu muriro, abandi baranse kuyabwira abandi, abarongozi baranse kuyabwira abo barongoye no kubahimiriza, abandi barayiyamirije imbere y’amashengero barongoye, ba serugo baranse guhagararira imiryango yabo; abo bose baranse kuyemera no kuyashira mu ngiro. Abandi bigize abavugishwa hanyuma bazimiza abandi ngo si ivy’Imana ». Maz’Uhoraho ambarira ati:« Mwananje, barira abo mw’ihanga, baba abari muri Tanzania, baba abari mu Burundi canke mu bindi bihugu; baba abungere barongoye amashengero, baba abakozi bose bo mu mashengero, baba abakristo, baba indongozi z’abantu, baba ba se rugo, baba abo mu muryango bose; ko buri muntu wese agira ahabwe ingero y’ico yakoze.
Ni co gituma jewe Uhoraho mvuze kur’abo bantu bagabitanije nti: « Uwaturiye mu muriro amajambo yanje nawe agiye guturirwa, uwayatabuye agiye gutabagurwa, uwahoze akanka kuyabwira abo ajejwe kugira bayakorere akazi agiye kuba ikiragi kandi ntazosubira kuvugira Ahera hanje; uwayirengagije nawe bagiye kumwirengagiza, uwayakengereye agiye gukengererwa, uwayasuzuguye agiye gusuzugurwa, uwayafashe minenerwe agiye gufatwa minenerwe, uwayatutse agiye gutukwa, uwayakubise agiye gukubitwa, uwayateye amabuye agiye guterwa amabuye, uwishe isezerano nawe agiye gupfa kandi ivyo vyose ngiye kubishitsa vuba kuko ndi Imana. Uhoraho avuga ati: « Hariho abakozi banje be n’abantu bari bizeye amajambo yanje, ariko munyuma barahinduka barayata ngo ubuvugishwa si bwo, ngo ni ibinyoma»Uhoraho ati: «Bwira abakozi ben’abo uti abo mwaryarutse si abavugishwa banje ahubwo mwaryarutse jewe Uhoraho. Ni co gituma ingero mwageze ari yo namwe mugiye kugererwa. Kubw’ivyo muzokwizerwa n’abantu ariko mu kanya gato bazobahinduka ntibabe bakibizera ukundi kuko namwe mwambabaje. Mbere bamwe muri mwebwe nja narabakuyeko isezerano n’ivyo nari narabagezeko vyose. Nta cizigiro nkibafiseko kuko mwabaye abahemu mugahindukirira ubuzimire, ibinyoma n’ukwipfuza kwanyu kubi; mukaba intambirakiza. Nanje ngiye gushira hejuru inkengerwa, abo bose mugayisha amaso yanyu be n’imitima yanyu n’indimi zanyu, mukabafata ko ari abanyakibi; nibo ngiye gukoresha mu rusengero rwanje; nibo ngiye gushikiriza igikorwa canje. Abari hejuru ngiye kubashira hasi, abagiye gupfa bagiye gupfa, abagiye gushirwa hasi bagiye gushirwa hasi, abagiye kuruhutswa bagiye kuruhutswa»
Uhoraho ati: «Abungere banse kwereka akarorero keza n’inzira nziza abo barongoye, bakanka no kubahimiriza gukora ivyo nategetse vyose(Vyaba ivy’ukwihana, ugusenga, ugutegura inahuri, ugutegura amashikanwa yo kwakira abahungutse, ugutegura imirwi y’abaririmvyi, ugutegura ivy’uruhimbi, n’ibindi vyose); abo bungere ngiye kubahana kuko batampaye icubahiro. Ni co gituma mur’ubu buvugishwa, ivyo maramaje gukora ngira ndabishitse».
Uhoraho ati: « Babwire batunganye ivyo mw’ishengero ryanje vuba kubw’amasezerano, kuko abenshi ngiye kubimbura ndabaruhutse. Ati rero babwire bakore ivyo nabategetse vyose kugira ntibapfire mu bigabitanyo ngo bahave babura vyose ( Igihugu c’isezerano be n’ijuru). Ati kandi umwungere wese atihana agiye gupfa apfiriye mu vyaha vyiwe; kandi uretse ukutinjira mu gihugu c’isezerano; n’ijuru ntaryo azokwinjiramwo, kandi iri jambo riraba abungere bose, baba abari i Tanzania, mu Burundi be no mu bindi bihugu.
Uhoraho ati, mbega uri nde wewe mwungere mubi ugora intama z’Uhoraho hanyuma ukibona ko uri muzima ataco wacumuye? Nimba ataco wibonako, n’ugende akararamango, wigire agahambaye; urye, unywe, wanke kwihana; ariko umenye ko Gihenomu ikurindiriye kandi ko ubukozi bwawe butazogusambira imbere yanje Uhoraho Imana. Abakengera isezerano ryo gutahuka mu gihugu nabasezeraniye, bakishimira ko ari abakristo mu rusengero canke abakozi, batahure ko isezerano ryanje ari igikorwa canje. Uwugikengera wese, uwo ni intakebwa, ni umunyavyaha kandi ni umukozi wa Satani. Rero nta juru azobona; ni jewe Uhoraho Imana ndabivuze».
. KU NGANJI Y’UBURUNDI N’AMAHANGA AYISHIGIKIYE
Maz’Uhoraho arambarira ati: « Mwananje, itegereze urabe. Abo mu nganji y’Uburundi; bamwe bamye baganza bagacinyiza ubwoko bwanje, ubu bari mu nzira zibiri nk’imfyisi: Hamwe baridibamiye bati nta wodukura ku guhangama dufise. Ahandi naho barata wakuba bakabira icuya barondera ingene boguma bahangamye ibihe vyose». Uhoraho ati babwire uti: « Ewe Babuloni wa muranduzi we, igihe cawe co gukomvomvorwa kirashitse».
Maz’Uhoraho ambarira ati, subira ubabwire uti: « Ijambo ni rya rindi nyene; Uhoraho azogutembagaza kandi agira abishitse vuba; kandi n’amahanga agushigikiye ic’Uhoraho yayavuzeko ntigihinduka: Uhoraho azoyaturira nk’uko baturira ishwagara kandi agira abishitse vuba!».
Uhoraho avuga ati: « Uri nde wewe wigira agahambaye imbere y’Uhoraho. Mbega Uhoraho yokureka atagutongoranye n’uruvyaro rwawe rwose? Haba namba, ntakakureke kuko imigabo yawe ari ugukevya isi; yose ukayuzuza ibisagara. Uhoraho ambarira ati: Maz’ubwire inganji y’Uburundi aya majambo uti: « Umwami w’i Ashuri yavuye i Yerusalemu yirukanwe n’ukuboko kw’Uhoraho ariko mu kugenda asiga avuze amajambo y’ukwihagararako atera ubwoba ab’i Yerusalemu ngo azogaruka kuhatera. None vyaramushobokeye? Yaragarutse kuhatera? Mbega ibihano Uhoraho yamuvuzeko ntivyamushitseko? ( 2Abami 19:6-7,9-13; 32-34; 35-37)».
Uhoraho ati, barira umukuru w’Uburundi n’abari mu nganji yiwe, na barya bose bamye baganza kuva kera, bakababaza ubwoko bwanje uti: « Mbega muvyita ivyoroshe kuba muri abasenga Bayali kandi mugasesa amaraso y’abataco bazira hanyuma mukiyita ab’Uhoraho?». Uhoraho ati, babwire ut’Uhoraho ntabazi kandi nta nkinzo yiwe iri kuri mwebwe; ni co gituma mu gihe cagezwe n’Uhoraho mugiye gupfa.
Maz’Uhoraho ati:« Ivyizigiro vyanyu be n’ivyo mwihumuriza vyose ni ubusa gusa kandi ni ibinyoma; ubwoba mutera abizeye Uhoraho n’abiteze amasezerano ni umuyaga uhita; agatotezo mufise ku bantu b’Uhoraho ni yo nkota igiye kubazimanganya mwebwe nyene ubwanyu. Ni co gituma Uhoraho avuze ku nganji y’Uburundi ati: « Amahanga akwipfuriza impore kandi akaguha n’abakurwanira ariko iyo mpore ntayo uzobona; abayoboke bawe bakwomye inyuma ariko uzopfa nk’inyakamwe, abakuririra n’abagusengera biruhiriza ubusa kuko uwaguciriye urubanza ari umunyenkomezi Imana y’ubugororotsi; Imana y’intambara, idaterwa ubwoba nawe kandi idaterwa ubwoba n’abiteguye kukurwanirira baba abawe canke ababanyi bawe canke amahanga; kuko bose jewe Uhoraho ngiye kubahondera mu kiyaya ca Yehoshafati».
Nanje ndasenga ntakambira Uhoraho nti none ga Uhoraho uzoshitsa Isezerano ryawe ryari ngo utabare ihanga ryawe, urikure mu buja no mw’isabagire? Niho Mpwemu Yera yanshungurukirizako ijambo ryanditse muri Bibiliya Yera rivuga riti: « Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, uyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi! (Ivyahishuriwe Yohana 19:11) ».
Uhoraho ambarira ati igihe kirashitse; ngira ndabarwanire kandi ivyo ngiye kubakorera ngiye kubikora isi yose irorera kandi itangara rwose.
. KU BIZERA IMANA N’ISEZERANO RYAYO: NEREKWA IVY’ISHURE
Uhoraho anshira mu kwerekwa, mbona ndi ahantu kw’ishure. Ngize ntya mbona iyo shure ifise ubwoko bw’amashure bubiri: Iyisumbuye na Kaminuza. Ndavyihweje mbona ibitangaje: Iyo shure yisumbuye ntiyari ikwiye; yari igizwe n’umwaka w’icumi na rimwe gusa (11). Ishure ya kaminuza yari ikwiye kuko yo yarimwo imyaka yose iyigize. Abanyeshure bo muri kaminuza nababonye mu nkomezi nyinshi, ubwenge n’ubuhinga bwinshi be n’umwete mwinshi, kuko aho bari buri kanya baguma baririmba indirimbo imwe ikomeye rwose; vyaboneka ko iyo ndirimbo bari barayigishijwe muri iryo shure nyene barimwo. Abanyeshure bo mu mwaka w’icumi na rimwe nababonye mu bunyentegenke, ububombovu n’ukwanjanjwa kwinshi kandi vyabonetse ko batakunda gukurikirana ivyigwa.
Maze kubibona, Mpwemu w’Imana yantahuje ivyo neretswe; maz’Uhoraho ambarira ati:« Ayo mashure y’ubwoko bubiri ubonye, ni abari mw’ihanga ryanje. Abari mw’ishure y’umwaka w’icumi na rimwe ni barya bagoyagoya mu kwizera ivy’amasezerano; bamwe ugasanga barizeye ariko bagasubira inyuma, abandi nabo ugasanga bizerana inkeka, ubwoba n’ukugoyagoya.
Abari mw’ishure ya kaminuza ni barya bahagaze neza mu kwizera, barya batigeze batirigana, n’ubu babandanya bareretse isezerano kandi bakarirerekera mu gusenga, ukwiyeza no mu gushira mu ngiro ivy’Uhoraho yategetse abo mw’ihanga bijanye n’imyiteguro ku mpande zose; haba ku bari muri Tanzania no mu bindi bihugu ku bibaraba; n’abari mu Burundi ku bibaraba.
Nabajije ibibazo bibiri (2) Uhoraho, kandi yarabinyishuye:
– Icambere nabajije nti ni kubera iki hari urutandukane runini hagati y’abo banyeshure bo mu mwaka w’icumi na rimwe (11) n’abo muri kaminuza?
– Icakabiri nabajije nti ni kuber’iki abanyeshure bo kuva mu mwaka wa mbere w’intango ( Primary School) kugeza mu mwaka w’icumi w’ayisumbuye ( Secondary School) bo batabonetse muvy’unyeretse ewe Uhoraho kur’iyi shure? Nti kuber’iki iyo shure itangurira ku mwaka w’icumi na rimwe w’amashure yisumbuye; bisobanur’iki?
Uhoraho ati:« Mwananje mbega hoba ugusa n’ukungana guki hagati y’abashikamye mu kwizera n’abagoyagoya? Ati rero urwo nirwo rutandukane ruri hagati y’ishure ya 11 na kaminuza ». Yongera ati: « Mbega abagarariji n’abatizera Imana n’amasezerano yayo boshobora kuboneka imbere y’Uhoraho? Ati abo nibo bari muri ya mashure yo kuva mu mwaka wa mbere w’intango kugeza mu mwaka w’icumi w’ayisumbuye . Uhoraho ati bariho ariko ntibaboneka imbere yanje Uhoraho kuko batizera kandi ar’abagarariji mw’ihanga; nico gituma ayo mashure ( yo kuva mu mwaka wa mbere w’intango gushika muw’icumi w’ayisumbuye) atabonetse mu vyo nkweretse. Uhoraho ambarira ati, mwananje abatizera be n’abagarariji bo mw’ihanga bose basa n’abapfuye ( amashure atabonetse); abagoyagoya mu kwizera nabo basa n’imbombovu ( ishure y’icumi na rimwe); abashikamye mu kwizera nabo basa n’abazima (ishure ya kaminuza)».
Nanje mbaza nti: « None ga Uhoraho, kuber’iki muvy’unyeretse wahereye ku bagoyagoya ( ishure y’icumi na rimwe) ukaduga ku bazima ( kaminuza)?». Uhoraho ati: « Abenshi mu bagoyagoya bo mw’ihanga ntibabujijwe ukwizera gushitse mu masezerano n’ubugaba bwo mu mitima yabo ahubwo benshi bahubijwe n’abandi; abandi bateshejwe kwizera bongera baburabuzwa n’abarongozi babo (abungere b’amashengero n’abandi bakozi); abandi bateshejwe inzira n’abahanuzi b’ibinyoma barimwo abigira abize ivya Bibiliya n’abigira abavugishwa ariko atari bo; abandi baburabujwe n’abagabo babo, abandi n’abagore babo; abandi baburabujwe n’abavyeyi babo, abandi n’abana babo; abandi baburabujwe n’iterabwoba ry’abarongozi b’amashengero n’abarongozi ba reta babarongoye aho bari ( haba muri Tanzania canke mu Burundi )
Uhoraho ati, abo bantu bar’abantu bashobora kwizera kandi bagashikama kandi nanje ndabafitiye impuhwe, ariko baragoyagoya kubera izo mvo. Uhoraho ati : Ni co gituma ubona ishure yabo ihuye n’igiharuro icumi na rimwe (11).
Nanje nanirwa gutahura ivyo bintu. Arik’Uhoraho ambarira at’iy’aba bari bahagaze neza baba barangwa n’igiharuro icumi na kabiri (12) kandi baba bafise urufatiro rwo gushobora kubandanya baduga gushika muri kaminuza. Niho natahuza nti none ga Mwami Yesu untahuje iki kur’ivyo bintu: Maze Mpwemu w’Uhoraho anzako, mbarirwa ngo:« Igiharuro icumi na kabiri (12) mu Vyanditswe Vyera kiranga ibintu vy’ingirakamaro ». Nanje nti none ga Mwami ni ibiki n’ibiki? Mpwemu w’Uhoraho ati: « Abana 12 ba Yakobo/ Imiryango 12 ya Isirayeli ( Ita 35: 22c -23), intumwa 12 za Yesu ( Luka 6:13), amarembo 12 y’igisagara ca Yerusalemu (Ezek 48:31-35), ibirimba 12 vy’umurwa wera Yerusalemu wo mw’ijuru, abamarayika 12 bacungereye ivyo birimba, amatanguriro 12 y’uwo murwa (ivyahishuriwe Yohana 21: 12-14).
INSIGURO IKOMEYE.
Maze kuvyumva ndatangara, ariko sinashoboye kubitahura ugereranije n’ivyo nari neretswe vy’ayo mashure. Niho Mpwemu y’Umwami Yesu yantahuza ati: «Mwananje ivy’ihanga ryanje ry’abarundi abantu barahumye ntibabitahura, ariko bifise agaciro kanini». Uhoraho ambarira ati: « Mwebwe muri Isirayeli ya Kabiri koko kandi ni ko vyemezwa no mw’ijuru. Umuntu wese wo mw’ihanga yizeye amasezerano Imana yashizeho kuri mwebwe; uwo afise ikimenyetso kimuranga mw’ijuru. Kubera afise ikimenyetso kimuranga mw’ijuru , uwo ari mu giharuro icumi na kabiri (12). Ivyo bisobanura ko; kuber’ico; uwizeye wese, mw’ishure y’Imana yo mu buryo bwo muri Mpwemu aba ari mu mwaka w’icumi na kabiri(12) hanyuma ukw’ abandanya akura mu kwizera niko ateba agashika muri kaminuza yo mu buryo bw’Impwemu.
Nanje mbwira Uhoraho nti mfasha Mwami wanje kuko n’ubu ntaratahura. Maz’Uhoraho ambarira at’abantu bo mw’ihanga ryanje barangwa n’ukwizera batangurira mw’ishure ya 12, bakarangwa n’ico giharuro 12. Ni bo bantu kugeza ubu bazwi imbere yanje ko ari « Abisirayeli ba Kabiri. Nibo bafise vy’ukuri izina ry’abisirayeli ba Kabiri». Uhoraho ati, ukwizera Uhoraho be n’amasezerano yiwe gutuma umuntu abana uburenganzira bwo kubana akaranga k’Umwisirayeli wa Kabiri ( iyo niyo ntango ijanye n’umwaka wa 12 be n’igiharuro 12). Ugukura mur’ukwo kwizera kujanye n’ukwumvira ivyo nategetse vyose abantu bo mw’ihanga ryanje baba abari muri Tanzania, mu Burundi no mu bindi bihugu ku bijanye n’Ukwemera amajambo y’Ubuvugishwa no gukora ivyo nategetse (kwizera, kwihana, gusenga, gusengera isezerano be n’ihanga, gutegura ivy’Uhoraho yategetse) bituma umuntu atera intambwe yo kuva mu mwaka wa 12 agashika no muri irya kaminuza weretswe. Barya bantu nabo bagarariza; bafise ukwizera kw’urugero rwo hasi (Ukwizera baronse bagikijijwe mw’ishengero). Kubera batizera amasezerano kandi ntibumvire Imana ukwizera kwabo ntigukura. Basa n’abapfuye / abatariho, n’ubwo bari mu mashengero mbere bamwe bakaba ari abakozi.
Maz’Uhoraho ambarira ati:« Mwananje, abantu bose bizeye amasezerano yanje aho bari hose haba i Tanzania, mu Burundi, no mu bindi bihugu, bakaba badahengeshanya kwitegura mu kwiyeza, gusenga be no gutegura ivyo nategetse, narabahezagiye kandi baguma bakura mu buryo bw’impwemu n’ubukozi, kandi nibo ngiye gukoresha mu gihugu c’isezerano Isirayeli ya Kabiri». Uhoraho ati, abo bantu ngiye kubandanya ndabururukirizako Mpwemu wanje, ndabahe ivyamwa vya Mpwemu be n’ingabire zanje. Ati bazonkorera ibikorwa vyanje, kandi bamwe nza natanguye kubaha ibikorwa be n’ingabire zijanye navyo.
Maz’Uhoraho ambarira ati: « Mwananje, abagarariji n’abatizera bo mw’ihanga baravuga ngo igihe canje co gushitsa isezerano ntikiragera, ngo ivyavugishijwe ntibirashika ngo hariho ibimenyamenya bitarashika. Hari n’abavuga ngo haravuzwe umuvyuro ngo ariko nturashika.
Uhoraho ati:« Mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze w’ 2014 nategetse abo mw’ihanga gusenga imisi 20: Mur’iyo misi, nta hantu na hamwe ntururutse. Abitavye uwo muhamagaro bose barambonye haba muvy’uguhezagirwa, ukwakira umubatizo wa Mpwemu Yera n’ingabire, inkomezi, ugukira ingwara kandi barakiriye n’iyindi mihezagiro myinshi». Uhoraho ati:« Abakirindiriye umuvyuro kandi nza narawuzanye; abo ni abafarisayo batanyemera jewe Uhoraho kandi basa n’abaherezi be n’abafarisayo be n’abanyabwenge bo muri Isirayeli batigeze bemera ukuza kw’Umwami Yesu Kristo n’ubu bakaba bakikwiteze kandi haheze imyaka 2000 umukiza w’isi yaramaze kuza». Uhoraho ati: «Bwira abo bungere bo mw’ihanga, n’abakozi be n’abantu bose batizera k’umuvyuro waje mw’ihanga uti: Muri impumyi n’indyadya kandi nta kwizera mufise; ni co gituma mudafise impera k’Uhoraho». Uhoraho ati: « Mur’iyo misi y’amasengo, umuvyuro narawutanze, igisigaye abantu ni ukuwubandanya bo nyene ubwabo.
Uhoraho amaze kuntahuza kuvy’abanyeshure bo muri kaminuza ( aribo bantu bizeye bo mw’ihanga kandi bakurikira ivy’isezerano imisi yose), nasiguje kuvy’ababonetse mu mwaka w’11 (aribo = abagoyagoya) n’abatabonetse ( aribo = abatizera be n’abagarariji bo mw’ihanga), nti none ga Mana, abo bobo ntibitwa Abisirayeli ba Kabiri? . Uhoraho ati, bitwa Abisirayeli ba Kabiri kuko ari ryo zina ry’ihanga ariko nta kidodo babifitiye. Ati ni kurya usanga mw’ishengero abantu bose bitwa abakristo ariko bose atari aba Kristo ( Yesu ) kandi atari bose bazoja mw’ijuru . Nanje ndabaza nti: None igihugu c’isezerano ntibagiye kucinjira? Uhoraho ati : « Kirya gihugu ni icera kandi abazocinjiramwo ni abera kandi bizeye amasezerano». Nanje nti « None ivy’ubwenegihugu bwa Tanzania navyo bizogenda gute?» Uhoraho ati: « N’ubu ndasubiye kubivuga nta bwenegihugu buriho: Ngiye guhana; benshi bazopfa abandi nabo bazotaha mu gihugu c’isezerano kandi abihanye gusa nibo bazoshikayo; nta wuzosigara muri Tanzania. Uhoraho ati: « N’uwuzokwinyegeza gute yoba atazwi ko ari umurundi ( Barya baba hanze y’amakambi y’impunzi) azoruhira gutaha mu Burundi kandi abantu ben’abo bazoshika mu Burundi bakirwe nk’impunzi bahunganye n’abatanzaniya bazoba bahungiye mu Burundi ( Isirayeli ya Kabiri ) kuko nabo nyene(Abatanzaniya) ngiye kubateza vuba ivyago bikomeye, kandi nabo bazoba impunzi mu bindi bihugu».
Nakomeje kubaza nti: « None ga Mwami, abagarariza n’abagoyagoya mu kwizera inzira y’ugukira kwabo ni iyihe?» Uhoraho ati: inzira y’ugukira kwabo ni ukwihana be n’ukwemera bagashira amanga mu kwizera bagakora ivyo nabategetse vyose». Uhoraho ati:« Nkunda abakunda kandi abandondera ubudahumeka bazombona ( Imigani 8:17) ».
N.B: Kuvyerekeye ivyo neretswe kuvy’ishure, wewe uri gusoma ubu buvugishwa utahure ko atari ishure nk’amashure usanzwe uzi y’isi; ahubwo ni ishure y’uburyo bwo muri Mpwemu Yera, y’abantu b’Imana.
V. IMBURI KURI TANZANIA
Maz’Uhoraho ambarira ati burira abatanzaniya uti:Umwami Uhoraho ababajije ati:
« Mbega abo bantu banje mwahaye ubwenegihugu murabazi ? Ko mwakoze ic’Uhoraho
abona kw’ari kibi, mugatanga ubundi bwenegihugu ku bantu b’Uhoraho kandi atari
mwebwe mwabazanye ngaho, mwongeye icaha ku bindi vyaha mwari mufise imbere yanje.
Kubw’ivyo ico caha muzogihanirwa rwose. Nico gituma inkota ikomeye itazokwigera iva mu
gihugu canyu kugeza ku mpera. Inkota ntizokwigera ihaga amaraso yanyu n’ay’abana banyu;
niko Uhoraho Imana ndabivuze».
VI. IMBURI KU BANTU BARI GUHUNGA BAVA MU BURUNDI
Maz’ Uhoraho ambarira ati: hariho abantu bari guhunga bava mu Burundi ngo bari guhunga
ibigira bibe; abandi nabo ngo bari guhunga amatora.Uhoraho ati ico bari bakwiye kwari
ugutinya Uhoraho ntibatinye abantu canke amatora kuko yo nanavuze kw’atanayazobaho.
Nico gituma abari guhunga bose bari kwiruhiriza ubusa kuko inkota yanje be n’ivyago vyinshi
ata hantu na hamwe bizosiga bidaciye haba mu Burundi canke hanze hose ahari ihanga ryanje,
kugira nsangangure ubugarariji mu bantu banje. Uhoraho ati: Mwananje barira abo bantu
bakora ivyo ut’ico muri guhunga nico mugiye guhura naco iyo mugiye hose kuko ukuboko
kw’Imana atari kugufi; kuko muri kuguma muyitera ubushangashirwe, mukayikengera kandi
yarababwiye ko yo nyene ari yo igiye kuba ubuhungiro bwanyu mu bigiye kuba vyose.
VII. IBIRIKO BIRABA MW’ IKAMBI Y’IMPUNZI YO MU 1972 Y’ I KATUMBA
Ku biriko biraba i Katumba Uhoraho yabimpishuriye hasigaye imisi ibiri kugira bibe; kandi
naja naramaze guhabwa n’Uhoraho aya majambo yose y’ubu buvugishwa; kuko kugeza itariki 20/01/2015 naja nayanonosoye yose ariko sinari bwayandike. Kand’Uhoraho
yanyeretse ko ivyo biriko biraba ari intango gusa ; kuko ibigiye kuza bikomeye rwose cane
kurusha ivyo biriko biraba kandi ntibigiye kuba i Katumba gusa ahubwo n’ahandi nka
Mishamo, Ulyankulu no hanze yaho. Hagiye kuba ivyago vyinshi rwose kandi abantu bagiye
kubura uburagamo; bagire ubwoba, amarira n’intuntu nyinshi. Benshi bagiye kubura ababo;
abandi babure ababo iyo bakamanganiye kuko atawuzosezera uwundi mu kunyaga amagara.
Ariko n’uwuzoyanyaga ntaho azokirira kuko ah’azoja hose azosanga ivyago bimutegeye. Ivyo
bigiye kuba ku bantu bagararije Uhoraho n’amasezerano yiwe. Uhoraho ati: Abo ngiye
gukoresha kugira batere ivyago abantu bo mw’ihanga ryanje nta muntu n’umwe bazogirira
akagongwe kuko iki ari igihe canje c’ubushangashirwe. Niho bazobona yukw’ivy’ubwenegihugu
bishimiye ar’ubusa gusa kuko abo bariko baratwengera ari bo bagiye kubica.
VIII. UMUHAMAGARO KW’IHANGA: KURUGUTURE AMATWI MWUMVE KUGIRA MUKIRE
INKOTA N’IVYAGO; UGUKOMVOMVORWA NTIKUBAZEKO.
. Maz’Uhoraho ambarira ati:«Mwananje inkota yanje Uhoraho iraje kandi ntisubira inyuma. Kuva kera narabivuze ko igikorwa canje co gushitsa isezerano kizozanana n’inkota be n’igihuhusi gikomeye ku banyavyaha n’abagarariji». Uhoraho ati: « Hambavu y’uguhomvora inganji ya Kanani ( Uburundi ) n’abanyakanani ( Abansi b’ihanga) ni ngombwa n’abo mw’ihanga batizera kandi bagarariza ndabacishemwo igihano kugira neze ihanga ryanje, neze n’igikorwa canje, mpomvore ibicaniro vyose vya Bayali vyashinze imizi mu bantu banje haba mu bari i Tanzania, mu Burundi canke mu bindi bihugu».
. Uhoraho ati:« Mwananje, bwira abungere n’abakozi bose bari muri Tanzania: Katumba, Mishamo na Ulyankulu be no hanze yaho; hamwe n’abari mu bindi bihugu, uti muri impunzi n’abaja kandi ubwo buhunzi muzobukurwako n’uko isezerano ry’Uhoraho rishitse mugatahuka mu gihugu canyu». Uhoraho ati kand’ubabarire uti: « Ibikorwa mwakoreye muri Tanzania be n’ahandi vyaraheze; nta gikorwa c’Imana mukiriko murakorera ngaho. Ivyo muriko murakora vyose muri kwikoresha kandi si ivyanje Uhoraho, ni ivyanyu gusa».
Maz’Uhoraho ambarira ati: Kugira bakire uguhona babwire bakore ibi bikurikira:
1. Ni bareke kwirigwa baratakaza umwanya bakora ibikorwa vyo mu rusengero nk’abazokwamira ngaho bari. Bemere beguke bahindure inyifato n’ingendo, bizere isezerano ry’Imana; niho bazokira ivyago bigira bize, bakaronka umunezero n’impore.
2. Amasengo basenga amayinga n’amayinga, basengera aho bari gusa bakirengagiza gusengera ihanga ryabo n’igihugu cabo be n’isezerano ryabo ni uruyogoyogo gusa mu matwi y’Uhoraho. Uhoraho ati:« Bwira abungere ba mbere, abungere, izindi ndongozi, be n’abantu bose uti muri kwiruhiriza ubusa, ivyo vyose mukora nta kamaro bifise kuri mwebwe kandi muri kwitera uruhombo». Uhoraho ati:« Umwete mufise ni muwutumbereze ku gusengera ibizobazanira impore ntimuwutumbereze ku muyaga uhita gusa.
3. Ni bagaruke k’Uhoraho bizere isezerano bihane, biyeze, basenge, bategure ivy’Uhoraho vyose yategetse. Niho bazobona impore. Kuk’Uhoraho avuz’ati:« Nta muntu n’umwe ashobora guharurirwa ukugororoka ngo n’uko ari indongozi mu rusengero. Ikizana uguharurirwa ukugororoka ni ukwumvira Uhoraho gusa.
– Uhoraho ati: Bwira abo bungere uti:« Ni mwebwe mwatembeje abo murongoye, ni mwebwe mwabaturubitse, murabahuvya, murabatoteza, murabatesha inzira; ni mwebwe mwabatayemwo urwamfu. Kubw’ivyo ni mwe muhamagariwe kubavyura no kubasubizamwo intege mubereke inzira kuko naho mwayitaye; mwari musanzwe muyizi. Ni mutabikora ntimukira igihano.
– Maz’Uhoraho ati:« Hariho abungere ubwa mbere bari barizeye, baremera ijambo ryanje kandi barakora n’amasengo nategetse, ariko mu nyuma barasubira inyuma bahenzwe n’umurwanizi yaciye mu kanwa k’abigira abavugishwa n’abasiguzi; bongera bahendwa n’impwemu mbi z’ibinyoma, insaku n’ububeshi. Uhoraho ati, abo bungere batumye abantu benshi basubira inyuma. Kubw’ivyo, niyo ivyago vyabazako kubw’ukutumvira kwabo, ntibaze bavuge ngo jewe Uhoraho narigeze kumenyana nabo».
4. Ivyo Uhoraho ahamagariye abarongoye amashengero:
a. Kwihana no guhindukira bakava mu mugararizo.
b. Gukura urwamfu bo nyene ubwabo babivye mu bo barongoye.
c. Kuvyura abo barongoye kugira basubire bavyuke.
d. Gusenga barira batakambira Imana kugira basubire baterwe ikimangu c’ukwemerwa.
e. Gushira mu ngiro ivyo bategetswe vyose bijanye n’ibi bikurikira:
i. Gutegura inahuri ku bwabo n’imiryango yabo.
ii. Gutegurira abatishoboye nk’uko Uhoraho yabivuze.
iii. Gutegura imirwi y’abaririmvyi kugira bategure indirimbo zo kuririmba mu
gutahuka mu gihugu c’isezerano n’izo kuririmba bamaze gushikayo.
iv. Gutegura ibikoresho vy’uruhimbi.
v. Guhimiriza abo barongoye bose gushira mu ngiro integuro.
. Ku bungere bo mu Burundi,Uhoraho yambariye ati babwire ut’Uhoraho avuze ati:«
Mwabaye intambwe zitabagura abantu banje mufatanya n’inganji ya Ashuri gukerera no kubaga abantu banje; mubata mu buzimire, ubwoba n’ukwihebura; mubaca mu masinagogi.
Ivyo vyose mwabikoze mwibaza ngo muri kunkorera ( Yohana 16:2-3)». Uhoraho ati: « Mutihanye ubwanyu, ngo muvyure abo mwatembeje, ngo musubize uguhumeka mu bo mwishe, ngiye kubibishuza kandi nzobahana rwose atari buhoro.
Namwe mutegetswe ibi bikurikira:
1. Kwihana no kugaruka k’Uhoraho no ku masezerano yiwe.
2. Kuvyura abo mwatembeje mwebwe nyene.
3. Gukura urwamfu mwabivye mu bantu murongoye.
4. Gusenga no gutakambira Imana kubw’amasezerano, atari ugusenga kubw’Uburundi kuko ivy’Uhoraho yageze bidasubira inyuma.
5. Gutegura ivy’Uhoraho yategetse vyose, be n’ivy’amashikanwa yategetswe n’Imana yo kwakira abahungutse.Guhimiriza abo murongoye kugira bashire mu ngiro ivy’Uhoraho yategetse vyose.
. Ku bantu bose bo mw’ihanga, haba muri Tanzania, mu Burundi no mu bindi bihugu, yaba indongozi y’ishengero, umukozi, se rugo w’umuryango canke umuntu wese, ivy’Uhoraho avuze ni ibi bikurikira:
1. Umuntu wese yisutse muvy’ubwenegihugu bw’igihugu arimwo atar’iciwe ni ngombwa yihane. Atihanye ivyago biraje kandi ntibimusiga.
2. Umuntu wese yagize umusi mukuru kubw’ubwenegihugu bw’ikindi gihugu, uhereye mu mutima wiwe canke mu kubigaragaza hanze, ni ngombwa yihane kandi atihanye ivyago biraje kandi ntibimusiga.
3. Umuntu wese yisutse muvy’imigambwe ni yihane, atihanye ivyago biraje kandi ntibimusiga.
4. Umuntu wese akigira mu bugaba bw’ukutizera, ubugarariji, ukurwanya ubuvugishwa na Mpwemu Yera; yihane kandi atihanye ivyago biraje kandi ntibimusiga.
5. Umuntu wese agikora amacakubiri y’idini, intara, imitumba kuri benewabo bo mw’ihanga; yihane; atihanye ivyago biraje kandi ntibimusiga.
6. Umuntu wese akigira mu vyaha ivy’ari vyo vyose n’ibigabitanyo n’ibicumuro; yihane, atihanye ivyago biraje kandi ntibimusiga.
7. Umuntu wese wo mw’ihanga yigize umuvugishwa atabitorewe n’Uhoraho, akavuga mw’izina ry’Uhoraho atabitumwe canke akavuga ivyiwe yikuriye mu bwenge bwiwe canke ivy’abona ku maso yiwe canke agakwiza ibinyoma, ububeshi, insaku n’impuha mw’ihanga, igihano c’Imana kiri kuri we vuba niyo atihana.
IX. IVYIZIGIRO KU BIZEYE UHORAHO
Uhoraho ati: « Abanyizeye bose bo mw’ihanga bakaguma ku murongo ata gutirigana ndabazi jewe Uhoraho kandi sinzobatetereza». Maz’Uhoraho ambarira ati babwire uti: « Mwiyumvirwa nk’abatamenyekana, ariko muri ba rurangiranwa; muboneka nk’abagira bapfe, ariko raba muri bazima; muboneka nk’abahanwa, ariko ntimwicwa». Uhoraho ati: « uwuzokwihangana kugeza ku mpera ni we azorokoka kandi azohabwa ingero!».
X. GUSOZERA.
. Ncuti mwenedata wakiriye ubu buvugishwa, nahora nkunda kuvuga ibitari bike mu gice nk’iki c’ugusozera; mu buvugishwa bwose maze kurungikira abo mw’ihanga. Ariko uyu musi nta vyinshi mfise kiretse ikintu kimwe gusa:« uwu muhamagaro urihuta; mbere ntugume muri bwa budadarare bamwe bamamwo ngo ivy’Uhoraho vyama biteba gushika. Ico womenya ni iki: « Ubu buvugishwa mpawe n’Uhoraho kugira nshikirize abo mw’ihanga ntibwari mu rutonde rw’Uhoraho; kuko Uhoraho yaja agira arekure umumalayika wo kurandura/ gutikiza».
Ariko Uhoraho ampaye iri jambo kugira atange akanya ka nyuma k’ugukira ku umuntu wese yokwikubita urushi akihana agahinduka akava mu bugarariji; cane cane indongozi z’ishengero kuko zigeramiwe rwose n’ibigira bibe.
Nico gituma, kubera uburyo bwo gushitsa ubu buvugishwa ku bantu benshi mur’uwu mwanya butanyoroheye; ndagusavye ah’uri hose ukore ibishoboka vyose umfashe mu maguru masha gushitsa ubu buvugishwa kuri mwenedata wundi wo mw’ihanga woba uzi yaba umurongozi w’ishengero (cane cane) canke umuntu asanzwe.
Naho woba uri kure yiwe rwose ata buryo ufise bwo kumushikiriza ubu buvugishwa, koresha ubuhinga bw’ingururamajwi (Telephone) umubwire ibiri mur’ubu buvugishwa; Imana izobiguhera ingero.
IMANA IDUHEZAGIRE TWESE,
AMEN
Umugisha no guhimbazwa n’ubwenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi ni ivy’Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen. ( Ivyahishuriwe Yohana 7:12.