Ruhwa: Icuka si ciza kurubibe Uburundi n’Urwanda

Imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda ibandanya gutituka, impande zompi zikagirizanya ko arizo ziri inyuma y’ubugizi bwa nabi bukorerwa bamwe mu banyagihugu b’ivyo bihugu. Icuka si ciza kuva kuri uwu wa kabiri, intango ya vyose ni amasasu yumvikanye mu Rwanda hafi y’Uburundi, mu masaha adashika 24, umunyarwanda umwe akaba yishwe, uwundi aranyuruzwa, abagera kuri 8 nabo barakomeretswa na gerenade yatewe ku butaka bw’Urwanda. Ku ruhande rw’Uburundi, umuntu yafashwe n’igisirikare c’Urwanda.
Mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, igisirikare c’Urwanda kimenyesha ko abantu bataramenyekana bateye gerenade zibiri, banarasa ku banyagihugu bo mu Rwanda bariko banywa inzoga mu bunywero bwo ku Murenge wa Bugarama, Akarere ka Rusizi, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro. Umuntu umwe yaciye yitaba Imana, abandi umunani barakomereka. Amakuru atangwa n’igihugu c’Urwanda avuga ko abateye iyo gerenade ari abantu babiri bari bambaye impuzu zisanzwe baciye berekeza mu Burundi.
JPEG – 289.1 ko

Lt Col René Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Lt Col René Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda amenyesha ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira ivyaraye bibaye ntizosubire. Uwo avugira igisirikare c’Urwanda agira ati : « Ntabwo turamenya ababikoze aho baturutse n’aho basubiye barangije gusa ikigaragara ni uko ari ahantu higeze kubera insanganya nk’izo mu gihe cyashize aho abantu baturutse i Burundi bica abaturage bari muri ako gace. »

« Umurundi yanyurujwe »
Inyuma y’ico gitero cakozwe ku butaka bw’Urwanda, igiporisi c’Uburundi camenyesheje mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu ko hari umunyagihugu w’Uburundi yafashwe n’abasirikare b’Urwanda. Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi akavuga ko ifatwa ry’uwo murundi ryoba rifitaniye isano n’ugushaka kumwegekako ivy’ico gitero cakozwe ku butaka bw’Urwanda.
NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yafashwe nk’igihe c’isaha imwe n’igice mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ku ruzi Ruhwa rugabura Urwanda n’Uburundi. Uwari kumwe n’uwo yafashwe yashoboye guhungira ku ruhande rw’Uburundi ntiyafatwa.

Iimbere y’uko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa, igiporisi c’Uburundi kivuga ko abasirikare b’Urwanda barashe amasase atanu hejuru.

Impande zompi zitanako amakosa

Reta y’Uburundi iherutse kumenyesha ko ifise ibimenyetso bikwiye vyerekana ko igihugu c’Urwanda gifise uruhara mu bikorwa vyo gushigikira abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, guhungabanya umutekano mu gihugu c’Uburundi, kwigisha igisirikare abatera Uburundi, hamwe n’ukurungika Abanyarwanda bafatirwa mu Burundi baje guhungabanya umutekano.
Urwanda narwo rwagiriza Uburundi ko bwahaye indaro abarwanyi ba FDLR barwanya Reta y’igihugu c’Urwanda. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru « Die Tageszeitung » co mu Budagi, Louise Mushikiwabo, umuvugizi wa Reta y’Urwanda yamenyesheje ko igihe ibibazo vya poritike mu Burundi vyatangura, abarwanyi ba FDLR bajabutse umupaka bava muri Kivu y’Amaja Epfo, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakerekeza mu Burundi.
Umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko mu gihe cose Uburundi buzoba bwavuye mu bibazo vya poritike burimwo, Urwanda rwiteguye kuganira nabwo kuri ico kibazo.

Kuri ivyo vyagiriji, Reta y’Uburundi ivuga ko ataba FDLR bigeze baba ku butaka bw’Uburundi kandi ko batazigera bahaba. Reta y’Uburundi ivuga ko n’icegeranyo c’abahinga b’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga bigari, CIRGL cashizwe ahabona, cerekanye ko abo barwanyi atabari mu Burundi.

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ikaba isa nk’iyatanguye gutosekara kuva aho Petero NKURUNZIZA afatiye ingingo yo gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuwa 26 Ndamukiza 2015.