Abaganga b’Abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda baronkejwe akazi muri ico gihugu inyuma yaho batangiye ivyangombwa bibemeza ko ari abaganga bwite babifitiye ububasha.
Umwe mu baganga b’abarundi baronse akazi Dr Diane KANEZA yavuze ko basabwe gutanga ivyemeza ko ari abaganga kugira baronswe akazi. yavuze ati : “Twasabwe gutanga ivya ngombwa, abatanze ibikwiye twaciye turonka uburenganzira bwo gutangura akazi. ”
Umuganga Diane Kaneza umurundikazi akora ku bitaro vya Kibagabaga yavuze ko muri buri bitaro biri aho mu Rwanda usanga hariho umuganaga w’umurundi ahakorera.
Muganga Jean Chrysostome Nyirinkwaya asanzwe arongoye ibitaro vy’igenga vya “ La Croix du Sud ” amenyesha ko nawe nyene asanzwe akoresha abaganga 4 b’abahinga mu kuvura indwara z’abagore.
Gushika ubu,bivugwa ko hari abaganga 12 b’abarundi mu Bitaro vya Masaka, 12 mu bitaro vya Nyagatare na 11 mu Bitaro vya Kirehe.