« Imana ikorera mu bantu, Imana ica mu bantu, Imana ikoresha abantu » Anselme, Nyawita, Yaragwira.
Vyose vya tumwe na Rusoferi { Lucifer} mw’i juru, Ezekiyeli 28: 14- 15 ; War’ umukerubi usizwe amavuta, ushanje amababa : kandi nagushizeho, uba ku musozi wera w’Imana; wacuragiza hagati y’ amabuye yaka umuriro. War’ agahore mu ngeso zawe zose uhereye umusi waremeweko, gushitsa igihe ibigabitanyo vyakubonetseko. ; : Nta kibi yigeze ahabwa mw’ ijuru ngo kimutere guhindura ingeso ni nyifato, nta co yarabuze ngo kimutere kugira ingeso mbi no guhinduka, ariko kubwo kuba yari asharijwe ubwiza atakoreye, ahabwa ivyagaciro atakoreye, ashirwa hejuru kurusha abandi bakerubi na baserafi atabikoreye, ashirwa hejuru ku musozi w’Imana atabikoreye, vya muteye kwiyumvira nabi bimuzanira kw’ i yumvira kuronka ibiruta ivyo yahawe, abura ikibanza mw’ i juru hamwe na bamwumviye, bakororwana i kuzimu, ubu hoho azoronka ivyo ya koreye be na bamwumviye kuko babikoreye u mwanya utari muto kuva birukanywe mw’ ijuru arico; Umuriro utazima nkuko bibiliya yera ibivuga.
Vyose vya tumwe n’ u muntu Adamu na Eva, Itanguriro 1: 26 ; Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw’ ishusho yacu, ase natwe : aganze amafi yo mukiyaga, n’ ibiguruka mu kirere, n’ ibitungano, n’ isi yose, n’ ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi. Itanguriro 3: 1- 24 ; 3: 2 ; << Umugore yishura iyo nzoka, at’ Ivyama ku biti vyo mur’ iri tongo twemererwa kubirya: arikw’ ivyama ku giti kiri hagati mw’ itongo, ni vy’ Imana yatubujije, ngo ntitubiryeko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa. 3: 6 ; Uwo mugore abonye ico giti yukw’ ar’ ikibereye kuribwa, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubwenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’ umugabo wiwe bari kumwe, na we ararya. 3 : 21-23 ; Uhoraho Imana aronkera Adamu n’ umugore wiwe imyambaro y’ insato, arabambika. Uhoraho Imana aravuga, at’ Eh’ uyo muntu ahindutse nk’ imwe muri twebwe, ku vyo kumenya iciza n’ ikibi: none rero yohava atuma ukuboko, akamura no ku giti c’ u bugingo, akarya, akazokwamah’ ibihe bidashira. Ni co catumye Uhoraho Imana amukura mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw’ aje kurima ivu yakuwemwo. 3: 24; Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’ iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’ inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw’ itangire inzira ija kuri ca giti c’ u bugingo >>
Satani, Adamu na Eva nibo nkomoko y’ i bibazo vyose; kuko baremewe mu vyiza, bagirirwa ubuntu n’Imana bashirwa hejuru bahabwa ivyiza batabikoreye; nivyo vyabaviriyemwo ibihano baje guhabwa arivyo vyagiye kutuviramwo ivyago vya buri musi kuva birukanwe mw’ itongo ryo muri Edeni kugeza umusi w’ i garuka rya Mesiya, kuko ntibabikoreye.= Iyo uri muvyo utaruhiye, utakoreye, utarondeye ntabwo ubigubwa neza canke ngo ubitunge neza kuko ntiwabiruhiye wa bihawe ku buntu, umuruho wavyo ntuba uwuzi; arico gituma Uhoraho Imana ijuru ry’ a bereyemwo intambara iturutse kwa Satani yashatse kuronka ibirenze ivyo yari yahawe atanabikoreye kuko ariyo ya riremye irikunda, Yesu Kristo imbere yuko atangura kw’ i yereka aba na bariya, amaze ku bonana na Mariya magadalene, { Yohana 20: 11- 18} ya mutumye kuja kumenyesha abandi yuko ari ngombwa kwa banza kuja kwa Data mw’ ijuru akabona kugaruka kwiyereka aba na bariya; yaraduze aja kwoza ikibanza cari ca cafujwe na Satani mu ntambara ya habaye kuko i kuzimu yari amaze kuneshereza abari imbohe bose ba bagororotsi uhereye kuri Adamu na Eva ugashitsa ku gisuma ca rokokeye ku musaraba c’ u gururira abera bose imyaka ibihumbi bi biri bari mu mwugaro wa Satani kukw’ ariwe yaragifise urupfunguruzo rw’ i kuzimu bajanwa mu kibanza gishasha catunganirijwe abera bose kurindirira umusi w’ inzamba arico Paradiso. << Kuva Satani acumuye, kuva Adamu na Eva bacumuye u buzima tubayemwo Imana ibitangaza vyayo a kenshi ikoresha abantu mu bandi, ahandi ugasabwa gukoresha intoke zawe ukarya kuvy’ uruhiye, igihe ca none n’ is’ indimwa mu bice bimwe-bimwe bigize isi kubw’ amaraso menshi ahasesekeye ntikimera, benshi bararuhira ubusa mu kurima ntibimbure, abandi nabo bakaruhira ubusa mu kuvyara bagapfa, n’ i bindi vyago, ku buryo isi ya bereye abantu nto, bama baja irya nino mukurondera ubuzima ariko nta buragamo bigera bayigiramwo, twacitse inzererezi zo murino si kubw’ ivyaha bikorwa, uwari ya giriwe u buntu bwo kuja ahateye imbere za bulaya, Amerika na handi niwe yari yizigiweko uburamuko kubo ya size inyuma ariko nawe umutima wiwe umwipfuriza gusubira iyo yaje ava kuko ariho yi bwira ko haruta ahari, abariyo nabo bipfuza kuvayo, beneho bafise amatungo baronkeshejwe no gusesa amaraso ya bahagererewe, ivyo bafise nta munezero n’ amahoro ba bibayemwo, barabigwiza bakajererenza ibisagara vyaho ariko bakabura amahoro kandi ba birondeye bakabironka.
KURANGIZA
Imana ishaka ko abantu bakorera ijuru, ibice vyinshi kw’ isi abantu baho batari mu mahoro atuma baguma mu bihugu vyabo bakareka kwama ari impunzi zo mu mahanga atandukanye i kureho izo ntambara nabo babeho mu buryo bwo kurya ivyo bakoreye is’ indimwa nayo isubire itoto, uwurima, uworora, uwuhingura bose barushwe no kubirondera ariko babironke, kuko ijuru ni { Positive} i kuzimu ni { Negative} iy’ isi turiko ni { Positive na Negative} Ntabwo umuntu ashobora kubaho ubuzima bwose kugera gupfa ari mu ruhande rumwe rwa : Positive, Ntabwo umuntu ashobora kubaho ubuzima bwose kugera gupfa ari mu ruhande rumwe rwa : Negative, kuko turi kw’ isi, Umwanya umwe tuba mu vyago, mu ngorane, umwanya umwe tukaba mu munezero, amahoro ituze; Ariko ntawokwamira mu vyago, mu ngorane ngo abashe gukorera ijuru akarironka ; Ntawokwamira mu munezero, amahoro ituze ngo abashe gukorera ijuru akarironka. Bitagenze gutyo; abamaze kugera ku nyishu yi bibazo vy’ ishinge arivyo bihugu bizwi ubu biteye imbere bifasha ibihugu vyo mw’ isi ya gatatu bikenye; kuko aribo ba bonekeye abandi kw’ isi mu gukunda agataka kaho bari, indimi zabo, imico n’ i migenzo vyabo, abo nibo ; bafise kuba bo tunga ijuru barihawe bagahabwa imitima yo guhinduka no kwizera Imana, kuko n’ isi bariko barayikorera bakayiruhira; ariko urya yama mu ntambara, ari impunzi, aha n’ aha ataharagama; uyo ahawe ijuru n’ i gihe gito akaba yo na rusha u bubi bw’ a bonetse muri Satani no muri Adamu na Eva bwa tumye bahanwa kuko baremewe muvy’ iza batakoreye, bahabwa icubahiro ciza bataruhiye arico catumye bibagora kuguma mu vyo bahawe biyumvira kugira ibindi vyubahiro kuruta ivyo bari bafise; arico gituma; Satani Imana itahise imwica ahubwo ya mushize ahahwanye nivyo yipfuza kugerako akaba abikorera vyovyo, na Adamu na Eva bakurwa mw’ i tongo ryo muri Edeni bashirwa aho bashatse kuba nu buzima bipfuje kubamwo; kuko ivyo bahawe ku buntu bataruhiye barabigaye ba bibona kwari bito, rero ingorane zose za turutse kuri bo, Ivyagusa bitera u bwenge buke; mu bihugu bimenyereye ku beshwaho n’ i mfashanyo za bazungu niho hagwiriye ububi, intambara abaho bamana imitima iri hejuru bikeka buri mwanya guhunga canke guhunga inzara, kuko biryanisha barya babishaka batabiruhiye, rero kuko turi ku gihano ca bamwe bagererwa ino si ku yirima bakarya bakaronka biciye mu mubabaro, biciye mu kubira akuya, amareta yose abeshejweho n’ i mfashanyo ziva aho bataba baraguranye canke ngo bazikorere Imana i yakuraho kugira ngo; abamye ari impunzi, abatigera baragama mu bihugu vyabo babisubiremwo nabo bige kurya ivyo baruhiye barondeye, kuko kw’ isi nta wamira mu mwanya umwe.
Amahoro. Shalom
