Umupolisi yiyise Oscar Perez yashikirije ijambo kuri Instagram
Inyubakwa ya sentare nkuru yagizweko igitero ca grenade ikorowe na kajugujugu mu co prezida Nicolas Maduro yise « igitero c’iterabwoba ».
Video ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana kajugujugu y’igipolisi iriko irazunguruka hejuru y’igisagara imbere y’uko irasa hanyuma haca humvikana ikintu gituritse cane.
Maduro yagiriza USA gushaka kumukura ku butegetsi
Uwo mupolisi bivugwa ko yatwaye iyo ndege ayivye yasomwe itangazo aho yiyamiriza « reta y’abicanyi ». Aho ubu aherereye ntiharamenyekana.
Ivyo bishitse inyuma y’imyiyerekano y’abantu benshi yiyamiriza politike y’ico gihugu n’ubutunzi bugeze habi.
Sentare nkuru iguma inebagurwa n’abatavuga rumwe na reta ku rubanza yaciye rutuma prezida aguma ku butegetsi.
Vyagenze gute?
Mw’ijambo yashikirije ari ku kirimba ciwe, prezida Maduro yavuze ko iyo kajugujugu yaciye hejuru ya sentare nkuru hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’ubutungane.
Abategetsi basubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters bavuga ko hakorowe grenade zine kuri iyo sentare humvikana amasase incuro 15 ku bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.
Umupolisi yiciwe mu myiyerekano muri Venezuela
Nta biravugwa ko hari uwakometretse ariko prezida Maduro yavuze « hari hakoraniye abantu » kuri sentare nkuru kandi ko hoba hari « abarenga 20 boba bapfuye ». Imwe muri izo grenade ntiyaturitse, ni ko yongeyeko.
Prezida Maduro yahamagariye igisirikare kuryamira amajanja.
« Nahamagariye igisirikare kugaba kugira kirwanire amahoro, » ni ko yavuze. « Bitebe bitebuke, turafata iyo kajugujugu n’abakoze ico gitero. »
Ni nde yari atwaye iyo kajugujugu?
Umupolisi yiyise Oscar Perez mw’ijambo yashikirije muri video yashijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Instagram.
Yambaye impuzu za gisirikare akikujwe n’abantu bafise ibigwanisho kandi banyegeje amasura yabo, yahamagariye abanye Venezuela kwiyamiriza « intwaro y’umukazo »