Joseph Bananeno, umumenyeshamakuru w’umukorerabushake wa Radio Maria (Benevole) apfungiwe mu gasho ka komine Buyenzi kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017.
Umuvuguzi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE aremeza ayo makuru, akamenyesha ko uwo mumenyeshamakuru Bananeno Joseph apfunzwe yagirizwa ivyo yavuze ku munsi w’Imana, mu giporisi bakamenyesha yagomvye guhungabanya abantu.
« Yagirizwa ko yagomvye guhungabanya umutekano akoresheje inkuru z’ibinyoma yariko arakwiragiza kuri Paruwasi yitiriwe Umweranda Augustin mu Buyenzi. Yavuze ko hari ukozi bw’ikibi bugira bube kandi atarivyo. Nivyo ariko arabazwako. », uko niko umuvugizi w’igiporisi asigura, akamenyesha ko uwo mufashabutumwa wa Radio Mariya agiye gushikirizwa ubutungane kugira akurikiranwe kuvyo yagirizwa.