Umuyobozi wa Radio Isanganiro yahagaritswe mu kazi.

Samson MANIRADUKUNDA yahora ari umuyobozi wa Radio ISANGANIRO yakuwe, akaba yasubirijwe vy’imfatakibanza na Pascal NIYOYANKUNZE asanzwe ariwe ayoboye uruganda rw’itangazamakuru muri iyo nsamirizi.
Mw’ikete ryasohowe na Association Ijambo, bamenyesheje ko uwo yahora ayoboye Radio ISANGANIRO ahagaritswe ku mvo z’amatohoza. Amakuru ava mu begereye iyo nsamirizi akavuga ko yoba yagirizwa ugukoresha nabi uburyo bwa Radio ISANGANIRO.

Samson MANIRADUKUNDA yahora ari umuyobozi wa Radio ISANGANIRO