Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL yagiriza umushingamateka RWASA Agathon ko yafashe inzira y’intambara izotangurira mu ntara ya Bujumbura rural hamwe no mu gisagara ca Bujumbura. Muri uwo mugambwe bavuga ko amanama y’ugutegura iyo ntambara atunganwa, kandi ko n’ibirwanisho bitangwa. Jacques BIGIRIMANA amenyesha ko afise ivyemeza vy’amanama akoreshwa mw’ijoro.
Jacques BIGIRIMANA yashikirije ivyo mu gihe umushingamateka RWASA Agathon amaze iminsi yerekana amakenga afise ku mutekano wiwe, mbere akavuga ko hari n’umugambi w’ukumugandagura canke kumupfunga uriko urategura.
Mu rwandiko yasohoye, Jacques BIGIRIMANA siko abibona : « RWASA Agathon avuze ko umutekano wiwe ugeramiwe aba ariko ategura ubwicanyi, kuko mu minsi mike uja wumva bateze imitego mw’ibarabara, muza mwumva abantu bishwe. N’ubu muze mwumvirize muri iyi minsi ntimuzoreka kwumva abantu bishwe. Kuva tukiri kumwe niko twabikora. Uwo niwo mutego twakoresha. Reta y’Uburundi munyumve, dufise amakuru ko yasubiriye mu bikorwa vy’ubwicanyi », aho BIGIRIMANA akavuga ko hari abanywanyi ba RWASA bafatanwa ibirwanisho.
Mu rwandiko yarungikiye umukuru w’igihugu, n’ivyegera vyiwe bibiri, umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka, Jacques BIGIRIMANA yasavye inama nshingamateka, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane ko bwofata ingingo zikenewe mu maguru masha, kuri ivyo vyagirijwe RWASA Agathon, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka.
Ntiturashobora kuronka RWASA Agathon canke umuvugizi wiwe, kugira bagire ico bavuze kuri ivyo vyashikirijwe na Jacques BIGIRIMANA.