Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH) usaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ko yoreka sentare zo mu Burundi zigaca imanza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015, kuko izo Sentare zo mu burundi zibifitiye ububasha.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu, umukuru wa CNIDH Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko Uburundi bwikuye muri Sentare mpuzamkungu mpanavyaha y’i La Haye kubera iyo Sentare yashaka gutanguza amatohoza ku vyaha vyakozwe kuva mu mwaka wa 2015, kandi kubw’umukuru wa CNIDH ivyo vyaha vyakozwe muri ico gihe bitarengeye sentare zo mu Burundi.
Muri ico kiganiro, Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko umutekano n’agateka ka zina muntu vyiyongereye mu gihugu cose muri kino gihe, ivyatumye n’impunzi zimwe zimwe zitahuka. Muri uwo murwi bavuga ariko badashimishwa n’ibikorwa vyo guhungabanya umutekano vyibonekeje mu kwezi kwa Mukakaro, bigizwe n’ugutera amagerenade mu Kayanza, mu Kirundo no mu Bwiza.
Umukuru wa CNIDH, Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko muri uwo murwi batiyamiriza ivyegeranyo bitangwa, ariko ko bimwe mu biba biri muri ivyo vyegeranyo ari ibinyoma.
“Ntitwiyamiriza ivyegeranyo bitangwa, ariko murivyo harimwo ibinyoma usanga vyashikirijwe, bituma igihugu cacu gifatirwa ibihano.”