Inyuma y’ukwumvirizwa na Parake nkuru ya Bujumbura kuri uwu wa gatatu, Germain RUKUKI yajanwe gupfungirwa i Ngozi, akaba yari amaze indwi zigera ku zibiri apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.
Uwo yahoze ari umunywanyi w’ishirahamwe rukirisu ryiyemeje kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT) yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari asanzwe aba.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Germain RUKUKI yagirizwa ko yagize uruhara mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu 2015. Yagirizwa kandi ko akorana n’amashirahamwe asohora ivyegeranyo bicapfuza isanamu y’Uburundi.