Umugambwe RANAC umenyesha ko ibizoshikira uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Domisiyano NDAYIZEYE bizobazwa umuhuzabisata wa CNDD FDD 

Umugambwe RANAC umenyesha ko ibizoshikira uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sylvestre NDAYIZEYE bizobazwa umuhuzabisata wa CNDD FDD ariwe Domisiyano NDAYIZEYE, bitewe n’amajambo yashikirije inyuma y’imyiyerekano y’Imbonerakure za CNDD FDD.
Mu mugambwe RANAC bavuga ko nk’umunywanyi wa RANAC, akaba n’uwahoze arongoye Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE afise uburenganzira bw’ugushikiriza ico yiyumvira ku buzima bw’igihugu. Georges NIKIZA, umuvugizi w’umugambwe RANAC akabona ko uwo mukenguzamateka atoca azira ivyo yashikirije.

« Umushingamateka NDAYIZEYE Sylvestre azotegerezwa kwishura ku gahanga kiwe igihe umukenguzamateka Domisiyano NDAYIZEYE yogira ingorane, haba mu muryango wiwe, abagenzi biwe, canke abo bagendana, kubera yarabivuze. »

Mu myiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabaye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, Sylvestre NDAYIZEYE arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD FDD, harimwo n’Imbonerakure, mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo myiyerekano, yamenyesheje ko umugambwe CNDD FDD udakeneye impanuro uhabwa n’uwo yahoze arongoye Uburundi. Yamugabishije avuga ati : « Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababirigi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe. »

Ku mpanuro uwo yahoze arongoye Uburundi yari yahaye Imbonerakure za CNDD FDD, uwuziserukira Sylvestre NDAYIZEYE yamubwiye ko ata cirwa afise atanga ku Mbonerakure, kuko nta mwana wiwe ariyo, atawigeze kubayo, kandi ntakahabe, nk’uko vyavuzwe n’iyo ndongozi y’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.

Umunyeporitike Tasiyano SIBOMANA amenyesha ko ivyashikirijwe n’umuhuzabisata w’umugambwe CNDD FDD, Sylvestre NDAYIZEYE atari ivyo gufata minenerwe kuko Imbonerakure zabibwiwe zishobora kubifata nk’itegeko mu kugirira nabi Domisiyano NDAYIZEYE.

 SIBOMANA avuga ko muvyashikirijwe n’uwuzerukira Imbonerakure, bitangaje kuba yabirorereshe ku moko, iyo nayo igashobora kuba iyindi mbarutso y’ukugirirwa nabi kwa Domisiyano NDAYIZEYE.

« Kumwita icitso aba ariko yerekana ko umuhutu wese atavuga rumwe na CNDD FDD ari nyagupfa, ari uwo gucira ku buhomba. N’imbonerakure itari yashoboye gushika i Bujumbura yaraye yumvise ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD FDD ku wahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Domisiyano NDAYIZEYE. »