Abashingamateka bo mu runani AMIZERO Y’ABARUNDI baranegura ingene baburabuzwa mu kazi kabo 

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE ari mu nama nshingamateka kuva kuri uwu wa kabiri, aho ariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Bimwe mu bibazo yabajijwe harimwo uburenganzira bw’ugukora poritike mu Burundi, cane cane ku bari mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI.
Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abashingamateka bo mu runani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI bagarutse ku kibazo cabo bavuga ko babandanya kuburabuzwa n’abajejwe intwaro, mu bikorwa vyabo vya poritike nk’abashingamateka. Abo bashingamateka bagarutse kandi ku vyababayeko, aho bankiwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuremesha ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bashikirize icegeranyo c’ivyo baranguye mu karuhuko k’inama nshingamateka bari baherukamwo. Abo bashingamateka bavuga kandi ko batoroherezwa mu gihugu hagati iyo bari mu bikorwa vyabo vya minsi yose nk’abashingamateka.

Ivyavuye muri ico kiganiro kiriko kibera mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, hagati y’abashingamateka hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.