INDEMESHO: ABANSI BAWE BAZOGUTUKA BAKUBESHERE BAHIGE KUKUGIRIRA NABI MUGABO NTIBIZOGUCE INKOKORA URIBANDANIRIZE URUGENDO URABA INTUMBERO YAWE.

Mu kirundi barayamaze bati igiti cejeje nico kirangamizwa mbere kikanategwa amabuye. N’ejo n’ejo bundi ntuzobabazwe nuko abagusharika, abakeba canke abansi bawe bakuvuga nabi, bagutuka mbere bakanahiga kukugirira nabi. Batabigize uko ntiwomenye uko wokingiye ivyiza Imana yakuzeje. Erega, havugwa umugabo.
Bazoja irya nino bagenda baragutaranga, bagabiye kugucafuza ngo bikunde baguteranye n’incutiti, imiryango n’abagenzi mugabo ntibizohungabanye amahoro yo mumutima wawe kuko uwuzokuvako akifatanya nabo ba kuvuga nabi azoba asanzwe ataruwawe. Uramureka agende.

Abansi bawe ni indyadya, abahemu kandi ni banyamujiryanino. Uko baguhemukira ninako nabo nyene bazohemukiranira. Wewe wihorere uvyereke Imana gusa wirabire yuko ibihe bitazogaragaza ububi bwabo bikabushira ahabona maze ugashigwa hejuru n’ubwitonze bufatanije n’ubugwaneza bwawe.

Abansi bawe bazokwifatira mugahanga, bagutuke, bakwambike ibara, bagerageza kugukorera inkono ishushushe. Ntuzigere ugira ubwoba canke ngo uranduke umutima kuko ivyo vyose babitegurira mumitima yabo, bakabivugisha iminwa yabo, bamwe bakanavyandika kumusenyi. Ntakindi bikora atari ugucurika imitima yabo maze bakaba ingunba mu bikogwa vyabo vyose. Impera zabo ziba ukuguma bidoga ubuzima bwabo bwose nkacagicu gikubebwa n’umuyaga kijanwa iyo kitazi maze kigakamanganira kumisozi.

Abansi bawe burya baragwangwara ntibaryana. Iyo bagira amenyo ntibaba ari inyererezi zitagira uburagamo. Burya bavuga menshi kuko atamirimo bafise. Ufise ico ariko arakora ababara yuko ibikogwa vyiwe bitera imbere. Unerwa ivyo abandi, aja kubagara aho wabagaye mumurima wawe, imitongero yiwe yose iba nkimvura igwa mwishamba. Bazokwicuza bidatevye igituma batagendeye impanuro z’ubuntu.

Abansi bawe bazokoma induru, batatabize biyitirire ivyawe vyose, bavuge aho bagukuye naho bagushikanye. Bazovuga iyo bari gushika mbere bashireko n’indoto zabandi, urabareka bibeshere, ubime akajambo kuko bobo ni inkubisi y’amazirantoke ntibayagutarukirizeko nkako bobo ntaco bacera. Mumitima yabo havamwo umubira w’umururazi, hadudubizamwo ubushangashigwe kuko ivyo nivyo babivye mu bugingo bwabo.

Hagowe uwubumviriza akabakurikira kuko akurikiye ubwije kandi harahumiwe usubiramwo amateshwa yabo kubera yuko ibiyago bibi bigendana n’imivumo yabanyakibi nyene. Uwuzoza akuyagira ububi bwa naka na naka uramuherereze inyuma yawe umwime amatwi umenya yuko iyo mburakimazi uko igira abandi ari nako nawewe izokugenza.

Ariko weho, wame wiyubara. Naho woca mu magongwa angana iki, wame urinda umutima wawe » kuko niho hari isoko ry’ubugingo » Erega mwiriba rimwe ntihovamwo amazi y’umururazi n’amazi asosa agasosera amahanga. Mukanwa kacu ntihodudubizamwo Ijambo ry’Imana Nzima ngo hongere havemwo amajambo y’ubupfu, imikomo, ububenshi, ubwansi n’ububegito. 

Abo dusangiye urugendo, mwame mwibuka yuko tudakeneye ingwizamurongo, intozo n’abavurati. Ntitugiye mu matora, mumyiyerekano canke mu ruhigi. Kubera ico Imana yadukuyemwo ibishakari ,ibihunda n’amayugi. Yisigariza abahungu n’abakobwa buzuye ukwizera kandi bagakorera igihugu n’ijuru.  Tujana n’Imana tuyizamba ubuhizi nkakumwe Dawidi yatonda urugamba agwana na Goliyati. Dutonze urugamba rw’umubiri n’urwo impwemu. Utabibona uko ni impumyi ntaguteshe umwanya kandi ntagusamaze, mureke yiyangarize umutima.

Wame wibuka yuko wa mumarayika naho yariko araniganira ikiziga ca Mose na Satani, ntiyigeza amutuka. Marayika yabwiye Satani ati: « Imana iguhane » Abansi bawe nabo bagize ubuhizi ugutukana, ukukwagiriza ubuhemu n’ikinyoma no kukwegekako amaraso y’abenewanyu, ntibiguhungabanye basabire. Ejo burakeye Imana ibagaragaze nawe igushire hejuru kuko wayibereye umwizigigwa.

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano

Dr Merlin Dusengumuremyi.