UMUTUMIRO W’AMASANGESHO Y’IHANGA RY’IMANA ABISEZERANO YO KUWA 9/08 NA 12/08/2017.

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse, ku minsi ( Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera abarundi bose, Uburundi n’Isezerano.
Urufatiro ni: « TWIYEZE KUKO TWIMIRIJE KUJABUKA YORODONI » 

1. Yosuwa 3:1-10

2. Yosuwa 6: 1-21

II. IVYO MPWEMU YERA YAHISHUYE:

1. Imana ivuga iti naramaze kubaha igihugu c’Isezerano.

2. Imana ishaka yuko mugira ingendo ibereye abana b’Imana kugira mujabuke.

3. Umugambi w’Imana ushaka abishikanye ku Mana, abubaha, bakizera bakanitanga.

III. IVYO USABWE WEWE KUGITI CAWE:

1. « Ukwihana vy’ukuri, witunganye maze wezwe kuko Imana igendana n’abejejwe »

IV. IMITWARO 

1. Gusengera ihanga ryose, abarongozi, abana, urwaruka, abakenyezi, abadiyakoni, aba pasitori n’abarundi bose.

2. Gusengera no gushika ku abarwaye, abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi.

3. Gusengera abari mungendo zitandukanye z’ibikogwa vy’Ihanga ry’Imana mubasabira uburinzi no kuroranigwa.

Tubaye turabashimira ku kigoro k’amasengesho muzogira.
Ni Dusangwe Imana Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 08/08/2017

http://www.abisezerano.com