Kenya:Uhuru Kenyatta yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu kandi igihugu kiratekanye

Umukuru w’umugwi ujejwe gutunganya amatora mu gihugu ca Kenya (IEBC) waraye umenyesheje ko Uhuru Kenyatta yarasanzwe arongoye igihugu ca Kenya ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ku majwi 54,27 kw’ijana, uwo bahiganwa Raila Odinga w’urunani NASA aronka amajwi 44,74 kw’ijana.
Uhuru Kenyatta mw’ijambo yashikirije ahejeje kumenya ko yatsinze amatora, yasavye abanyagihugu gufatana mu nda abemerera ko agiye gukorana na bose, abamutoye n’abatamutoye kugira bateze imbere igihugu.

Uwutavuga rumwe na Reta Raila Odinga n’abanywanyi biwe ntibitavye ibirori vyo gushikiriza uwatsinze amatora, bakaba bari bamenyesheje imbere yuko ivyo birori bitangura ko batabijamwo kuko IEBC itigeze yumviriza ivyo bayisaba.

Urunani NASA rwamenyesheje ko ibikorwa vyaranze umugwi utungaya amatora IEBC ko kwari guhuma amaso amakungu ko batazokwitura ubutungane.

Urunani NASA rwari rwemeje ko habaye ubusuma bw’amajwi bwakozwe mu mashini nyabwonko za IEBC vyatumye amajwi agenda yiyongera kwa Uhuru Kenyatta, ariko indorerezi mpuzamakungu zari aho mu gihugu ca Kenya hamwe na IEBC ,bariyamirije ivyavugwa n’urunani NASA, bavuze ko amatora yagenze neza mu mwidegemvyo hamwe no mu kuri.

Ku musi wa gatatu,abari mu runani NASA bari bamenyesheje ko umukuru wabo Raila Odinga ariwe yaronse amajwi menshi gusumba uwo bahiganwa Uhuru Kenyatta aho bamwe mu bayoboke vyatumye batangura kwigina intsinzi.

Mwomenya ko ayo matora yabaye ku musi wa kabiri igenekerezo rya 8 myandagaro 2017 akaba yari yitabwe n’abantu barenga imiriyoni 15 aho amajwi arenga ibihumbi 400 yabaye impfagusa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s