Makamba : Imodoka yari itwaye abamenyeshamakuru yatembagariye mu manga 

Umuntu umwe niwe yitavye Imana abandi babiri barakomereka, mw’isanganya ry’imodoka yari itwaye abamenyeshamakuru bo ku mboneshakure y’igihugu ryabereye ku musozi wa Rukonwe uri mu ntara ya Makamba kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Myandagaro 2017.
Amakuru ava mu begereye imboneshakure y’igihugu ,amenyesha ko uwitavye Imana ari uwariko atwara imodoka yo mu bwoko bwa Jeep Prado yari itwaye abamenyeshamakuru, abakmeretse nabo ari abamenyeshamakuru babiri umwe azwi kw’izina rya Franck Ernest NTANDIKIYE na Oliva NINDAMUTSA.

Abo bamenyeshamakuru bari bagiye baherekeje umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA mu rugendo yari agiyemwo mu ntara ya Makamba.

Amakuru ava ah i Makamba amenyesha ko ahabereye iryo sanganya hagoye kugendesha imodoka bigasaba ko uwutwara imodoka yiyubara cane.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s