Ntakintu kinezera nko kubona abantu bafashe za Bibiliya zabo n’ibitabo vy’indirimbo bagiye guhimbaza Imana.
Ese icozana abarundi bose bagashira hasi uburyarya, ukwiyorobeka, urwanko rufatiye ku moko, intara, imigambwe n’amadini maze bagasenga Imana mukuri no mu mpwemu.
Isengesho ryacu Abisezerano ni uko abarundi bose botinya Imana, bagakunda Uburundi n’abarundi bose maze twese tukubaka Uburundi Bushasha bw’Isezerano.