Umusore wo mu ntara ya Ngozi, Jean Marie Sikujua, niwe yatahukanye igikombe c’inzahabu mw’ihiganwa ry’amapikipiki ryari rimaze imisi ibiri ribera mu gisagara ca Bujumbura.

Abagiye mw’ihiganwa ry’amapikipiki

Uwo musore yashoboye kwiruka ibirometero bibiri (ahantu hari imitego, amakona n’ibidunduri bagenda barasimba) mu minota 5,04.41

Uwa kabiri yabaye Faida Philbert yagize iminota 5,10.65.

Abo rero bakaba babaye aba mbere mu mugwi b’abagendesha amapikipiki afise amapine abiri.

Hari uwundi mugwi w’abagendesha ipikipiki zifise amapine 4.

Muri uwo mugwi hahiganywe umuntu umwe, Désiré Uwamahoro akaba yaciye atahukana igikombe c’inzahabu.

Ihiganwa ryateguwe n’ishirahamwe ELICOM.

Ihiganwa ry’amapikipiki ryaheruka kuba mu Burundi mu 1989.

Ariko ryo risa niryari ritandukanye n’iry’ubu kubera ico gihe amapikipiki yiruka mw’ibarabara.

Ariko ubu vyabereye ku kibuga.